Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM : « Harageze ko twikubita agashi, tugahindura ingendo » - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : « Harageze ko twikubita agashi, tugahindura ingendo »

PARCEM : « Harageze ko twikubita agashi, tugahindura ingendo »

lundi 26 Myandagaro 2013

Mu gihe haciye imyaka itatu, kuva igenekerezo rya 26 Myandagaro 2010 kugeza uno munsi wa 26 Myandagaro 2013, umugambi wo kutihanganira abarya ibiturire n’abanyonora itunga ry’igihugu ushinzwe, kandi ko no mu kwezi kwa Gitugutu kugiye kuza, hagiye kuba inama ya kabiri y’abafasha Uburundi mu bijanye n’intwaro ibereye no kurwanya ibiturire, ishirahamwe PARCEM riratewe impungenge n’ukubona uwo mugambi wari warashinzwe n’ubu utarashirwa mu ngiro.

Ni muri iyo ntumbero, ishirahamwe PARCEM (Parole et Action pour le Reveil des Consciences et Evolution des Mentalités) ryarungikiye urwandiko umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza mu ntumbero yo gusuzuma ivyaranguwe inyuma y’imyaka itatu irangiye hatangujwe umugambi wo kutihanganira abarya ibiturire n’abanyonora itunga ry’igihugu.
Uwo mugambi wari watangujwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, igihe yari mu birori vyo guhimbaza igice ca kabiri ari ku butegetsi. Aho hari kw’igenekerezo rya 26 Myandagaro 2013.

Muri urwo rwandiko, ishirahamwe PARCEM risaba ko umukuru w’igihugu yogira isuzuma ubwiwe y’ivyoba vyakozwe mu myaka itatu ihaciye mu mugambi yatanguje wo kutihanganira abarya ibiturire n’abanyonora itunga rya Leta, mu gihe inama y’abafasha Uburundi itegekanijwe mu kwezi kwa Gitugutu, mu ntumbero yo gushira mu ngiro amasezerano y’inama yabereye i Geneve, ku bijanye n’intwaro ibereye no kurwanya ibiturire.

Muri urwo rwandiko nyene, ishirahamwe PARCEM rirerekana umubabaro rifise ku kungene gushika ubu hari abatarerekana amatungo bafise, abandi nabo bakabandanya baronka amatungo adasiguritse kandi umushara bahembwa uba uzwi. Ikitavuzwe coco, ni ukungene abagira ayo matungo adasigurutse ari ba bandi nyene, ba nyarucari nabo bakabandanya barwira mu gihugu cose.

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM, ati: « Harageze ko twikubita agashi, tugahingura ingendo, kugira igihugu ntikibandanye kirwa mu kaga ». Ivyo yabivuze mu kiganiro yari yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere wa 26 Myandagaro 2013.

Yabandanije avuga ko ukudashirwa mu ngiro kw’uwo mugambi watangujwe n’umukuru w’igihugu, kwatumye ubukene buguma bwugarije igihugu c’Uburundi, igihugu kibandanya kija mu madeni mbere n’abafasha Uburundi nabo baca baragabanuka.

Yasavye ashimitse umukuru w’igihugu, ko yoshira inguvu muri uwo mugambi yatanguje ubwiwe, kugira ikibazo co kurya ibiturire gitorerwe inyishu zitomoye.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.