Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM: Igisata c’ubutare kirazingamitswe n’igiturire - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > PARCEM: Igisata c’ubutare kirazingamitswe n’igiturire

PARCEM: Igisata c’ubutare kirazingamitswe n’igiturire

lundi 16 Kigarama 2013

Igisata c’ubutare mu Burundi kiri mu bisata birangwamwo igiturire, bigatuma rero umwimbu n’amafaranga y’agaciro yinjira mu kigega ca Reta aba make, bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM (Parole et action pour le réveil des consciences et l ‘évolution des mentalités.

Mu gihe muri kino gihe, isi iriko irahimbaza iminsi yahariwe kurwanya igiturire, ishirahamwe PARCEM ryashikirije icegeranyo c’amatohoza yakozwe n’igisata c’iryo shirahamwe kijejwe gutohoza bise’’ Service d’écoute, d’investigation, de dénonciation et de suivi’’. Muri ico cegeranyo ca buri mezi atandatu bama bakora, basanze igisata c’ubutare kiri mu bisata bizingamitswe n’igiturire. Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM avuga ko bibabaje kubona Uburundi buharurwa mu bihugu bitatu vya mbere bikenye kw’isi kandi gitunze ubutare bwinshi. Igisata c’ubutare kikaba cinjiza amafranga angana n’igice kimwe kw’ijana( 1 du PIB) ku mwimbu w’igihugu.

Faustin Ndikumana aratanga bimwe mu bituma ico gisata kiguma kigoyagoya. Ica mbere, Reta ntizi ubutare bujanwa mu mahanga uko bungana. Abenshi bacukura ubutare bidaciye mu mategeko, nta wuzi umutahe (chiffre d’affaire) wabo uko ungana, nta makonti bacishako ibikorwa vyabo. Akenshi ababujana mu mahanga ntibaca mu nzira zizwi ugasanga ubwo butare buriko buteza imbere ibihugu bibanyi. Ikizingamitse cane rero kurusha ibindi ico gisata ni ingemu z’abo bakora urwo rudandazwa, bashira abategetsi nk’igipfukamunwa kugira babandanye bacuruza uko bashatse, nk’uko bibandanywa bivugwa na Faustin Ndikumana.

Ishirahamwe PARCEM risaba umuco muri urwo rudandazwa. Risaba kandi ko amakoperative yose yiyitirira kwimba ubutare, ko aba amashirahamwe azwi afise inimero y’ubudandaji bita NIF, ikonti mw’i banki, umutahe hama bakariha n’ikori bijanye. Abategetsi nabo, iryo shirahamwe risaba kudasubira kw’isuka muri urwo rudandazwa hanyuma n’ inzahabu zishorwa hanze zikajako ikimenyetso ico bita label.

Faustin Ndikumana abandanya asaba Reta gushiraho urwego rujejwe gukurikirana igisata c’ubutare kikongera kigafasha Reta mu gushiraho amasezerano yo kwemererwa, ico bita élaboration des contrats d’autorisation de prospection ,les permis de recherche et d’exploitation. PARCEM risaba kandi ko Reta yoza irashira ahabona abemerewe gutata (autorisation de prospection ,les permis de recherche) . Arangiza amenyesha ko mu gihe ico gisata cotunganywa neza, cokwinjiza amafaranga menshi mu kigega nk’ibice 30 kw’ijana.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.