Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM : Ikigega ca Reta kiragaragara muri kino gihe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > PARCEM : Ikigega ca Reta kiragaragara muri kino gihe

PARCEM : Ikigega ca Reta kiragaragara muri kino gihe

mercredi 19 Munyonyo 2014

Kubera ko Reta ikoresha amafaranga menshi itinjiza kandi abasanzwe bafasha Uburundi basa n’abiyonjoroye, ikigega ca Reta kiragaragara guhera mu kwezi kwa Ntwarante, nk’uko bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno kabiri, Faustin Ndikumana avuga ko baravye ivyegeranyo babona ko amafaranga Reta ikoresha ava mu ma tagisi y’ibidandazwa ahanini. Ikigega ca Reta kigaragara kuko Reta ikoresha uburyo bwinshi idafise, uravye umurindi w’amafaranga Reta ikoresha ku munsi ku munsi. Ikindi n’imfashanyo zari zemewe n’abasanzwe bafasha zitabonetse, n’ayabonetse hakaba harimwo n’ibirarane vyo mu mwaka uheze nk’uko Faustin Ndikumana abandanya abishikiriza. Atanga uburorero nk’ishirahamwe ry’abanyaburaya rimaze gutanga ica kabiri harimwo ibirarane, BAD yatanze ica gatatu, ibanki mpuzamakungu y’isi ikaba ata n’uruceri na rumwe yatanze.

Mw’ishirahamwe PARCEM baravuga kandi uturusho twabaye umurengera aho tugeze ku miriyari 80 zirenga kandi Reta itategerezwa kurenza imiriyaridi 18. Mu gihe rero ata mafaranga ahari mu kigega, bica bituma Reta ibaho ku ngurane z’amabanki na cane cane banki nkuru y’igihugu.

Ishirahamwe PARCEM rigahanura Reta guhindura ingendo ikaza irareka kuza irasaba ingurane amabanki kuko ingaruka zija ku banyagihugu.


Floxella karire

Messages

  • Ariko wibazako tudasanzwetuziko dukenye atarugushaka kwararaza igihugucawe!? None utwotu miriyari 80 wavuze twuturusho wibazako aritwo dutuma tugumana ubukene? Icariciza nukomwese mwovamututwodushirahamwe dutumamuronka ivyomurya mudakoze nyabuna muzedukore ibikorwabotandukanye vyotuma umusarurowiyongera mugihugu nayokiguma ugogita usifura uvugango ubujwnebugezekure igihugu ivyosivyo bicabituma igihugu kivamubukene kirece kwiha amenyo yabasetsi nkumwana abona iwabobakenye maze agasimbira mumihana itandukanye avunvango imuhira ubujeneburaturembeje ariko abarimwo arabibwira bagasanga nuwomwana abifisemwo uruhara kukobabona yirirwasabirizagusa ntagute igikorwa akora nkokurima nibindi.

  • Parcem,reka bashe ubwo bukunzi bwinda,mutangure gukundisha Igihugu cabibarutse abo mwibarutse,none nibafungura ivyo muronse mubanje kwandagazuburundi wumva abo muvyaye bazobuvuga neza gute,sha ntakubahenda murateyisoni murakwiye kwisubirako mukagira planning des activites zijanye nugukundishuburundi benebwo aho kubucafuza,mwe muvugubukene,bworeka kubaho gute nabozanyimitahe yabo mwirigwa mubaterubwoba ngo ntamahoro,ariko Imana yaburemye ikabwaka abahora bitwazumuheto ,ikabucisha aho abenegihugu aribo bitorera uwubatwara,nawe akabaha kuvuga ivyo mwishakiye sha batyoje ariko agatimariko muzicuza ,harabatutsi,ubu nabahutu hazozabandi,arigihe mwova mumwatata mukaja munyo murantunga du terme mais je suis obligé de le dire car trop ,c’est trop pour nos hommes de la socite civile niyatabari politique

  • PARCEM komera ntitinye kuvugisha ukuri abirigwa barasahura igihugu abakoresha nabo uri umwigeme ngo uje gusaba akazi abandi batashe ikebuke muve ibuzimu mujibuntu aho ntasoni abangana nabo mwavyaye muga si bose hari ivyamamare ngo ni aba papa babigize umwuga ikebu urumurundi wewe ubwigwa wiyumve uzotangara usanze uryamanye nuwaw mwa ba papa mwe ikebuke uwobavuga amazina niho mwohaha surusaku burakeye mugaragare ndavuga simvura

  • None ico nigihugu bwokoki please nabategetsi ki? Nibagire imbabazi kubanya gihugu bato none abarundi tuzotinya ubutegetsi gushika ryari kuko abategetsi bariko biba igihugu ivyo ntaco bibabwiye kuko bazi iyahera yareta bayatwara bamara kuvidura ibigega bagaca barengera kuri ntaho nikora yishoreye umugomozi ngabana ntibapfe bakamwambura nukuri nibikebuke amatora aragez. Akari kumutima. Vyase nibatange ndemey ntapfa, ntaco mwica abanyihugu guhera kumukuru wihugu, nareta yiwe ntanumwe akora kuneza y’igihugu ntanumwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.