Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM : Ikigega FONIC caradohotse kw’ibanga ciyemeje - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > PARCEM : Ikigega FONIC caradohotse kw’ibanga ciyemeje

PARCEM : Ikigega FONIC caradohotse kw’ibanga ciyemeje

jeudi 15 Rusama 2014

Ikigega FONIC kijejwe gufasha amakomine gutunganya imigambi yayo kiriko kiradohoka kuvyo ciyemeje. Amasoko atangwa ukutariko n’amahera akoreshwa n’ico kigega ntiyerekanwa neza ico yaranguye. Ivyo bikaba bivurwa n’ishirahamwe PARCEM

JPEG - 10.4 ko
Faustin Ndikumana, umuyobozi w’ishiramahamwe PARCEM

Mw’ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi ng bahindure ingendo PARCEM, baranegura ukungene mu kigega FONIC hatangwa amasoko hatisunzwe amategeko. Ivyo bikaba bibonekera mbere mu cegeranyo c’ubugenduzi bukuru bwa reta. Faustiin Ndikumana arongoye PARCEM yibukije ko ibintu vy’abanyagihugu ari ntakomwakomwa , ari nayo mpamvu vyari bikwiye gukingirwa no kwubahirizwa na buri muntu wese.

Baravye ivyari mu cegeranyo c’ubugenduzi bukuru bwa Reta, Faustin Ndikumana amenyesha ko amafranga 271 774 765 y’amarundi ariyo yari akwiye gusubizwa, kuko ikigega FONIC kitigeze cerekana ico ayo mafranga yaranguye.

PARCEM igira iti, ibikorwa vyose vy’ukwiba, vyo kunyotora amatungo ya Reta, igiturire vyari bikwiye guhanwa hisunzwe amategeko. Basaba inzego zibijejwe gukurikiranira hafi uko amafranga akoreshwa muri ico kigega FONIC hamwe no gukurikirana mu butungane, kugira amafranga yakoreshejwe ariko adafise insiguro agarukanwe mu kigega c’igihugu.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.