Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM : Ikigo API kirakwiye kuza kirakurikiranira hagufi abanyamitahe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > PARCEM : Ikigo API kirakwiye kuza kirakurikiranira hagufi abanyamitahe

PARCEM : Ikigo API kirakwiye kuza kirakurikiranira hagufi abanyamitahe

jeudi 13 Munyonyo 2014

Ishirahamwe ryishinze guhamagarira abarundi guhindura ingendo PARCEM risaba ikigo API kuza kirakurikiranira hagufi abanyamitahe baba bashinze amashirahamwe yabo mu Burundi.

Ishirahamwe PARCEM ryatunganije ikiganiro kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 13 Munyonyo co gushira ahabona ivyavuye mu cigwa cakozwe ku vyerekeye ibikorwa naca kigo API (Agence pour la Promotion des Investissements) cishinze kworohereza abanyamitahe mu Burundi.

Muri ico cigwa bakaba basanze ico kigo kidakurikirana neza abanyamitahe, kuko giheruka kibafasha mu gushinga ayo amashirahamwe ariko nticigere kibakurikirana, nk’uko Karori Nihangaza, umuhinga muvy’ubutunzi yakoze ico cigwa abimenyesha.

Umuhinga NIHANGAZA aratanga uturorero two mu bindi bihugu nk’Urwanda, aho ibigo vyaho bijejwe guteza imbere abanyamitahe bibakurikiranira hafi, aho mbere n’ibihano bitegekanywa mu gihe abo banyamitahe barenze amategeko. Karori Nihangaza aboba ko ikigo API cari gikeneye itegeko ryotuma gikomera gusumvya.

Inyuma y’imyaka 4 ikigo API kiriko kirakora, kikaba kimaza guha impusha zo gukora amashirahamwe arenga ibihumbi bitanu hamwe n’ayarenga amajana abiri yahawe uturusho, ariko muri ayo akaba harimwo ayatigeze akora, nk’uko uwo muhinga Karori NIHANGAZA abandanya abimenyesha.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.