Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Parcem iranegura itunganwa ribi ry’ubutunzi bw’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Parcem iranegura itunganwa ribi ry’ubutunzi bw’igihugu

Parcem iranegura itunganwa ribi ry’ubutunzi bw’igihugu

mercredi 10 Ndamukiza 2013

Ishirahamwe PARCEM ryaragize ikiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa 3 igenekerezo rya 10 ndamukiza 2013.PARCEM iragiriza ikoreshwa ribi ry’ubutunzi yabonye mu nama nkuru y’igihugu mu vy’ubutunzi n’imibano arivyo binatuma idakora neza.

Faustin Ndikumana,umukuru wa PARCEM yamenyesheje ko amafranga yari yagenewe kw’ikora neza ry’iyo nama nkuru mu vy’ubutunzi n’imibano bwakoreshejwe nabi kandi ngo abari muriyo barahembwa kandi basanzwe bakora no mu bindi bisata .

Ku kibazo c’umwimbu w’iyo nama nkuru ,PARCEM ivuga ko yatangajwe cane no kubona ko mw’itegeko nimero 1/3 rya 18 Ndamukiza 2006 ivuga igikorwa kijejwe iyo nama,abayigize ,ukuntu uwo murwi umeze hamwe ukuntu itunganijwe mu ngingo yaryo ya 12 ,irerekana ko ubwo buhanuzi bukora atagashahara,ariko mwomenya ko abagize ibiro muri iyo nama nkuru barihaye ububasha bwokwihemba nk’agafashanyo kandi basanzwe bakora ahandi.

PARCEM baranegura cane iyo nyifato y’abategetsi yimonogoje yo guhembwa incuro zibiri kandi amategeko atabibarekurira.

Twobamenyeshako iyo nama nkuru mu vy’ubutunzi n’imibano ari urwego rugenzura rufise ubushobozi ku bijanye n’iterambere ry’ubutunzi hamwe n’imibano vy’igihugu.

Iyo nama nkuru irashobora mbere gutanga ivyiyumviro muri leta hamwe no mu nama nshingamateka kuvyerekeye ihinduka rikenewe muri ivyo bisata vy’ubutunzi n’imibano.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.