IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > PARCEM : Reta irakwiye kwemanga kwifise ingorane z’uburyo

PARCEM : Reta irakwiye kwemanga kwifise ingorane z’uburyo

mercredi 4 Ntwarante 2015, par IGIHE

Amashirahamwe ahurikiye muri wa murwi uharanira intwaro ibereye basaba Reta kwemanga ingorane zijanye n’uburyo, mu migambwe naho ishaka kwitoza n’uko bomenya ingorane zihari mu bijanye n’amafaranga Reta ikoresha bakongera bakerekana n’umuti izoshobora gutorerwa.

JPEG - 10.4 ko
Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM

Mu kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe PARCEM (Parole et Actions pour le Réveil des Conciences et l’Evolution des Mentalités) kw’izina ry’amashirahamwe 23 ari muri wa murwi uharanira intwaro ibereye, Faustin Ndikumana amenyesha ko bandikiye abarongoye imigambwe hamwe n’inani z’imigambwe zitandukanye kugira babereke ingorane nyamukuru zijanye n’ivy’itunganya ry’amafaranga Reta ikoresha ku mwaka kugira nabo baheze biyumvire umuti wazo. Zimwe mu ngorane ashikiriza ni uko Reta itega amaboko amakungu mu kubaho kwa minsi yose, ayaba yaremewe ugasanga ntanaza.

Amafaranga y’umurengera Reta ikoresha mu kubaho kwayo kwa minsi yose, uturusho duhabwa abantu bamwe bamwe, amafaranga atozwa atagishoboye gutunga igihugu, aho Reta mbere ica yihambira kuduza amakori ku bintu bimwe bimwe vya nkenerwa, mbere aho isa naho itaramenya ukuntu yokwagura ahava amakori n’amatagisi.

Iyindi ngorane nyamukuru bashikiriza muri PARCEM n’uko ivyo gutunganya amafaranga Reta ikoresha bikorerwa mu kinyegero, nk’ibijanye no guhanahana ivyiyumviro, kwemeza ayo mafaranga Reta izokoresha ku mwaka n’ibindi.

Zimwe mu nkwirikizi mbi rero zikaba zitanguye kwibonekeza, nk’uko babandanya babishikiriza muma masendika aguma asemerera asaba ko haba ukunganisha imishahara, aho mbere ayo masendika asa n’ayadakeneye no kwumva nk’iduzwa rya rya tagisi ry’amafaranga 42 ku munota, hamwe n’ibiciro vy’ibitoro bitamanuka, ivyo rero bigashobora gutuma haba yegereyegere.

Bimwe muvyo ayo mashirahamwe asaba n’uko Reta yomenya ingene yegeranya amafaranga aba yemewe n’abasanzwe bafasha Uburundi, Sentare ziraba amatunga ya Reta zikamenya kwihanikiriza bimwe vy’akarorero ubusuma buba mu kigega ca Reta, Reta nayo ikiga kudasesagura. Abanyamigambwe nabo bazokwitoza basabwa gutanga umuco kuri ivyo bibazo.

Tubibutse ko ayo mashirahamwe yatanguye urugamba rwo gusaba abanyeporitike ko mu migambi yabo bokwerekana neza inyishu ku ngorane zihanze abanyagihugu muri kino gihe, cane cane muvy’ubutunzi


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.