IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Ukutarwanya igiturire nikwo gutuma Uburundi bwugarizwa (...)

PARCEM : Ukutarwanya igiturire nikwo gutuma Uburundi bwugarizwa n’ubukene

vendredi 13 Nyakanga 2013

Mu gihe igihugu c’Uburundi citeguriye inama y’abafasha Uburundi izoba mu kwezi kwa Gitugutu, vyibonekeje ko igihugu gikwega amaguru mu vyerekeye gushira mu ngiro ivyo bemeye mu nama yabereye i Paris hamwe n’i Génève mu bijanye n’ukurwanya ibiturire no gutsimbataza intwaro ibereye. Ivyo bituma Uburundi buca buronka imfashanyo nke ugereraniije n’ibindi bihugu, ndetse n’igihugu kigaca kigira isanamu mbi mu makungu.

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM amenyesha ko igihugu c’Uburundi kironka imfashanyo zike cane ku mpamvu y’uko bama bakwega amaguru mw’ishirwa mu ngiro ry’ibisabwa n’abafasha Uburundi. Aho hari hari mu ruganda rwari rwatungnijwe n’ishirahamwe PARCEM kuri uyu wa gatanu, barabira hamwe aho umugambi wo kurwanya igiturire ugeze mu ntumbero yo gutegura inama y’abafasha Uburundi izoba mu kwezi kwa Gitugutu uwu mwaka nyene.
Mu matohoza yabaye mu mwaka w’2008, basanze ukurya ibiturire mu gihugu vyariziziye ibice bitari bike.

Muri urwo ruganda, Faustin Ndikumana yerekanye utunenge tutari duke. "Ntagushaka kwa Leta mu kugira barwanye ibiturire. Ntitwumva ingene Uburundi bukiri inyuma kandi huzuye inzego zitandukanye zijejwe kurwanya ibiturire : ama sentare, ubugenduzi n’imigambi itagira uko ingana ariko gushika kuri ino saha akaba ata ntambwe iboneka ishikwako." Kubwa Faustin Ndikumana, nta kamaro ko kwandika ibitabo n’amategeko adashirwa mu ngiro. "Mbega Uburundi buzokwerekana iki mu kwezi kwa Gitugutu muri ya nama y’abafasha Uburundi? Amanama yiririrwa aratunganwa, ariko birababaje ingene n’ababa badomweko urutoke mu bijanye n’ubunyonyezi bw’amatunga y’igihugu ejo buca ukabona bagenwe mu mabanga."

N’aho umwaka w’2013, umukuru w’igihugu yari yemeye kurwiza umurindi mu kurwanya igiturire, impinge iracari ndende. Faustin Ndikumana amenyesha kandi kubona iguhugu gisabwa ivyo gitegerezwa gukora kugira kironke imfasahanyo ariko kikabandanya gikwega amaguru bituma abo bafasha baha igihugu c’Uburundi amanota make, kigaca cama kija inyuma, ubukene nabwo bugaca butsimbatara mu gihugu.

Mwomenya ko muri urwo ruganda hari hatumiwe inzego zitandukanye, yaba abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike, abashingamateka, abajejwe ubugenduzi bw’ibikorwa vya Leta hamwe n’amashirahamwe yishinze kurwanya ibiturire.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.