Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM : Umugambi Reta yiyemeje wo kurwanya igiturire nturiko urashirwa mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > PARCEM : Umugambi Reta yiyemeje wo kurwanya igiturire nturiko urashirwa mu (...)

PARCEM : Umugambi Reta yiyemeje wo kurwanya igiturire nturiko urashirwa mu ngiro

mercredi 21 Rusama 2014

Faustin Ndikumana arongoye PARCEM amenyesha ko umugambi wo kurwanya igiturire Reta yari yiyemeje gushira mu ngiro kuva mu mwaka w’2011 gushika mu mwaka w’2015 utaraja mu ngiro, hakaba hasigaye umwaka umwe gusa kugira ikiringo Reta yari yiyemeje kirangire.

Mu ruganda rwateguwe n’ishirahamwe PARCEM (Parole et Actions pour le Réveil des Conciences et l’Evolution des Mentalités) kuri uno wa gatatu, Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe yamenyesheje ko uwo mugambi uri mu bikorwa bikomeye Reta yari yiyemeje gushira mu ngiro mu bijanye no kurwanya igiturire. Muri PARCEM bavuga ko babona ko biriko bigenda vyikwegwa. Muri uwo mugambi vyasabwa ko bahindura amategeko arwanya igiturire, ivyo gufasha inzego zijejwe kurwanya igiturire bakaziha inguvu, ivyo gukurikirana amadosiye y’ibiturire ari mu butungane, ivyo vyose bikaba bitarashikwako. Nk’uko Faustin Ndikumana abandanya abishikiriza, abatwara igihugu bari bemeranije ko hobaho amanama y’abakozi bakuru bakuru ba Reta kugira barabe ingene uwo mugambi uriko uraja mu ngiro, ariko akaba ata nama n’imwe irigera itunganywa.

JPEG - 46.9 ko
Faustin Ndikumana arongoye PARCEM

Mw’ishirahamwe PARCEM bavuga ko Reta itigeze yerekana ugushaka mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi. Basaba abarongoye igihugu ku rwego rwo hejuru gufata mu minwe ico kibazo na cane cane inama nshikiranganji.


Floxella Karire

Messages

  • @ Foustin Ndikumana arongoye PERCEM, Twashaka kugushimira kurivyo uvuze kukontanumwe yoshigikira ko igiturire ciganza mu Burundi kandi mwarumviseko nasebarundi avugako atakuvyihanganira nabusa. Arikorero birakeneweko tuzaturakoresha ubwengembacu ukibaza uti iyi reta nigiki cobacaratumwe biyigendera uku,kandi umukuru wigihugu yaratangaje mumwaka 2011 kwarigikorwa kirimuvyambere bigiye gukorwa?Nagomba kubereka ikintu catwononeye bigatuma bitariko biraja mungiro ningoganingoga; Ndashaka abasomyi munkurikirane neza: Biryabintudukunze kuvugako hariho abakomeje kuburagiza iyi reta mubikorwavyayo yiyemeje gukora, nibivyokurwanya ibiturire birimwo,Murukwo kuburagizwa harimwo nibibikurikira: nkibi vyokwirirwa irondera abanye politique kugira baganire kumbure irabe koboyiha agahengwe ntavyoyarizi kobazoyibikorera, Ibivyogufatumwanya reta ikaza kwisigura kubayambitse ibara ngo iriko irategura Genocide birimuvyotwita kuyiburagiza, Ibivyokugereka kuri reta yuburundi aba Congomani babanyamurenge biciwe muntambara za M23 bivyatumye iburagizwa gukora ivyoyari yemereye abarundi, Ibiganiro vyurutavanyako nabotwita ko batavugarumwe nayo ivyonavyo ntavyoyarizi kobizobaho,Mr. Foustin ndibaza kowewe wobunsuvya ibintuvyagiyevyaduka nawewe bikakwerekako bishobora kubavyarasongereye isibe mugutuma ivyo reta yiyemeje gukora bifata umwanya urenze uwoyibaza kwizobikora. Iyi reta reromuvyoyibaza ko igiye guhangana igiturire carimuvyambere, ariko ntabwoyarizi kohariho abarikobarakora amarementanya yokuyakiriza ko iriko irategura Genocide, ubworero navyovyarayivuruze bituma ifatumwanya giturumbuka kugira imenye iryobara bayambitse iyoryazananye ,Nibazako mwamamwumvise ibiganiro reta yirirwamwo nabotwitako batavuga rumwe nayo muri za Bujumbura keshi kashi, Kayanza, Gitega, Ngozi nahandi, Kubwivyorero nyakwubahwo urongoye PERCEM ukwiye gutahura reta kuko aboyirirwa irirukanka inyuma nyabune suguta umwanya kuko urabizi nuwariragiye inka 100 hazimiye imwe (1) yaremeye asiga 99 ajakurondera imwe yariyazimiye. Bariyarero nubwobaburagiza reta bigatuma ivyoyatwemereye itabikora ningoganingoga dukwiye kuyitahura kuko nabonyene barimwo abazoyifasha kurwanya icogiturire Nyakwubahwa wavuze. Nyakwubahwa Foustin urongoye PERCEM nyabuneka indadufatikanye namamboriho gusenga kugira abobakaburagije reta igatuma bimwe muvyo yariyaratwemereye kudukorera bidakorwa ningonga, bayorohereze bareke kuyiburagiza gukora ivyoyatwemereye twebwe abarundi mberenkasaba nabobaze bafatikanye kubishira mungiro nibaba bavyifuza nabokovyoshirwamungiro ningoganingoga. Nibaguma bayigora bayiburagiza twebwe abarundi tuzoguma tuziko reta itaduheze ahubwo arukubera abagumwe bayiburagiza. Urakoze Foustin ugire akazikeza kavanzemwo nubwenge canecane buvaku Mana kandi ntibagire kwibukako iy’Isi yameze amenyo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.