IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Umwanya uhabwa ukwiga integuro y’amafaranga Reta ikoresha (...)

PARCEM : Umwanya uhabwa ukwiga integuro y’amafaranga Reta ikoresha ntukwiye

mercredi 1er Gitugutu 2014

Ishirahamwe PARCEM risaba ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta kuba bwashikanye integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2015 mu nama nshingamateka vuba kugira abashingamateka baronke umwanya ukwiye wo kuyiharirako.

Nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro mu ngingo yaryo y’176 hamwe no mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo mu mwaka w’2012, amategeko avuga ko itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha ribwirizwa kuba ryashitse mu nama nshingamateka guhera ku munsi wa mbere w’intango z’ukwezi kw’icumi. Ni kugira ibibazo bijanye n’amafaranga Reta ikoresha bishobore kwigwa neza ku rugero rushimishije, bihawe umwanya ukwiye, nk’uko Faustin Ndikumana umukuru wa PARCEM abivuga mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa mbere Gitugutu.

JPEG - 44.6 ko
Faustin Ndikumana arongoye PARCEM

Faustin Ndikumana asigura ko ahanini ibituma barijana batevye mu mpera z’umwaka kandi imitwe abenshi iba iri mu manza, ari akageso Reta yihaye kugira abanyagihugu ntibamenye kandi ntibanasigurirwe ivy’ayo mafaranga kandi ari uburenganzira bwabo. N’ubwo amategeko abitegekanya, Faustin Ndikumana abandanya avuga ko bitangaje ukungene ata na rimwe umushikiranganji w’ikigega ca Reta aherekezwa n’abandi bashikiranganji, kugira basigure igituma basavye ayo mahera, kugira kandi bashikirize neza ivyo yakoze mu mwaka uba urangiye, n’igituma basaba ayandi.

Mw’ishirahamwe PARCEM batera akamo Reta gushikana iyo nteguro hakiri kare kugira inama nshingamateka ishobore kuronka umwanya ukwiye wo kuyiga, ivyo yobwirizwa gukora n’ingene amafaranga akoreshwa, n’ibisata ashirwamwo gusumvya ibindi. Ku bwiwe biratangaje kubona amafaranga akoreshwa mu biro vy’umukuru w’igihugu asumba amafaranga akoreshwa mu bushikiranganji bundi butandukanye nkoramutima, aha agatanga akarorero k’ubushikiranganji bw’iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko, ibidukikije, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, ubudandaji, n’ahandi.

Mu nteguro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2015, bokwiga neza umyenda w’umurengera, ukwihutira kuraba uburusho Reta itanga, amahera Reta ikoresha, ibikoresho vya AMISOM, hamwe n’umugambi wo gutera ivyamwa, kuko ivyo bisata vyagiye bibonekamwo utunenge.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.