IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Parfait Onanga Anyanga yasezeye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Parfait Onanga Anyanga yasezeye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

lundi 8 Kigarama 2014

Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Parfait Onanga Anyanga, yasezeye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu mubonano yamuhaye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere. Onanga Anyanga asezeye mu gihe ikiringo ca BNUB kizorangira kuri uwu wa 31 Kigarama 2014.

Mu nama ya nyuma kuri Parfait Onanga Anyanga, y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, igihe yariko atanga icegeranyo c’Uburundi, Parfait Onanga Anyanga yari yamenyesheje ko iyugara rya BNUB hagasigara umurwi muto (Equipe Pays des Nations Unies), rizosiga igihengeri kinini, ikinogo kigoye kuzibira. N’aho biri uko, Parfait Onanga Anyanga yamenyesheje ko kazoba kabaye akaryo ka Reta y’Uburundi, ko kwerekana ko ishoboye kwirangurira amabanga ijejwe yonyene, ibifashijwemwo n’abo bazosigara barakorana mu bijanye n’agateka ka zina muntu hamwe n’iterambere.
Muri iyo nama Parfait Onanga Anyanga yamenyesheje ko muri BNUB bamaze gutangura kwitegurira gukinjura, agatanga akarorero k’inyigisho zatanguye z’ukwongerereza ubumenyi umurwi muto uzosubirira BNUB (Équipe de pays des Nations Unies).

Parfait Onanga Anyanga, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi akaba yasezeye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuri uwu wa mbere, ibiro vya BNUB navyo bikaba bizokwugara igenekerezo rya 31 Kigarama 2014.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.