Accueil > Amakuru > u Burundi > Parfait Onanga Anyanga yasezeye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza
Parfait Onanga Anyanga yasezeye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza
lundi 8 Kigarama 2014
Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Parfait Onanga Anyanga, yasezeye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu mubonano yamuhaye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere. Onanga Anyanga asezeye mu gihe ikiringo ca BNUB kizorangira kuri uwu wa 31 Kigarama 2014.

Mu nama ya nyuma kuri Parfait Onanga Anyanga, y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, igihe yariko atanga icegeranyo c’Uburundi, Parfait Onanga Anyanga yari yamenyesheje ko iyugara rya BNUB hagasigara umurwi muto (Equipe Pays des Nations Unies), rizosiga igihengeri kinini, ikinogo kigoye kuzibira. N’aho biri uko, Parfait Onanga Anyanga yamenyesheje ko kazoba kabaye akaryo ka Reta y’Uburundi, ko kwerekana ko ishoboye kwirangurira amabanga ijejwe yonyene, ibifashijwemwo n’abo bazosigara barakorana mu bijanye n’agateka ka zina muntu hamwe n’iterambere.
Muri iyo nama Parfait Onanga Anyanga yamenyesheje ko muri BNUB bamaze gutangura kwitegurira gukinjura, agatanga akarorero k’inyigisho zatanguye z’ukwongerereza ubumenyi umurwi muto uzosubirira BNUB (Équipe de pays des Nations Unies).

Parfait Onanga Anyanga, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi akaba yasezeye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuri uwu wa mbere, ibiro vya BNUB navyo bikaba bizokwugara igenekerezo rya 31 Kigarama 2014.

Egide Nduwimana
Messages
8 Kigarama 2014, 14:37, par Ntiwihebure
Uravye neza ntiyamusezeye, ahubwo basa n’abasezeranye. Gusa Leta y’uburundi yohagabira kugira ntibizohave biba ngombwa ko igarukana n’uwo yaherekeje. Ubundi bwo yarakoze, arahora gutyo no mubindi bihugu.
11 Kigarama 2014, 13:57, par kabuga
biraboneka neza ko atanezerewe kubera avuye mu burundi hasanzwe hari udututsikazi twiza, ntakundi yaradusigaranye adressi ye pe we,
9 Munyonyo 2016, 15:43, par butoyi
nuko mwokunda igihugu