Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Paris : Ikigandaro c’iminsi itatu catanguye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Paris : Ikigandaro c’iminsi itatu catanguye

Paris : Ikigandaro c’iminsi itatu catanguye

jeudi 8 Nzero 2015

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande yatangaje umunsi w’ikigandaro kuri uwu wa kane, amabendera yose agategerezwa kugarukira hagati. François Hollande yasubiriye kwibutsa ko yifadikanije n’imiryango yabuze abayo mu gitero c’abihevyi cakozwe kuri uwu wa gatatu ahakorera ikinyamakuru Charlie Hebdo, gihitana abamenyeshamakuru bagera kuri 10, n’abaporisi babiri, hamwe n’abandi bantu cumi n’umwe bakomeretse.

Ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu, abanyagihugu bagera ku bihumbi cumi na bitanu bakoraniye mu gisagara ca Paris kugira bagaragaze umubabaro wabo, inyuma y’igitero cari guhejeje gukorwa n’abantu babiri binjiye ahakorera ikinyamakuru Charlie Hebdo co mu Bufaransa kizwi cane ko candika inkuru zitohojwe cane ku bavangura amoko, amadini, inkuru za poritike, ico kinyamakuru kikaba gikunda gutanga ubutumwa gikoresheje ibicapo. Abo bantu bateye ahakorera ico kinyamakuru basanze abamenyeshamakuru bari mu nama (Réunion de Rédaction), bakaba bari bitwaje inkoho, bambaye n’ibintu bibanyegeza mu maso. Baciye barasa amasasu menshi, ari nayo yahitanye abo bitavye Imana, abandi bagakomereka.

Inyuma y’ico gitero, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande, ku mboneshakure zo muri ico gihugu, yaciye ashikiriza ubutumwa bw’uguhoza imiryango yabuze, hamwe n’Abafaransa bose. François Hollande yagize ati : «Ikirwanisho cacu gikuru ni ubumwe. Nta na kimwe gishobora kudutandukanya.»
François Hollande yaciye afata ingingo ko kuva kuri uwu wa kane gushika kuwa gatandatu, amabendera azomanurwa kugeza hagati mu gihugu cose, mu kiringo c’iminsi itatu. «Abahitanye n’ico gitero ni incungu zacu, ari naco gituma uwu munsi wa kane ari uw’ikigandaro mu gihugu cose. Uno munsi ni igihugu cose catewe, igihugu naco ni ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro, hamwe n’intwaro rusangi. Abateye nivyo bashaka kurwanya.», akaba ariko François Hollande yabandanije ashikiriza. Hategekanijwe n’inkuka y’imisa itangura isaha zitandatu kuri uwu wa kane, agasaba abakoresha kworohereza abakozi babo bashaka kwifadikanya n’imiryango yabuze mu gusabira abo bitavye Imana muri iyo nkuka y’imisa.

Tubamenyeshe ko ata murwi uriyitirira ico gitero, ariko abajejwe umutekano mu gihugu c’Ubufaransa bakaba bikeka intagondwa z’Abayisilamu, kuko ikinyamakuru Charlie Hebdo caheruka gusohora ibicapo n’inzandiko bivuga ko izo ntagondwa zikora ubugizi bwa nabi mw’izina ry’Intumwa y’Imana Muhamed. Abamenyeshamakuru batatu b’abahinga karuhariwe mu gushushanya mu kinyamakuru Charlie Hebdo, aribo Cabu, Charb na Wolinski bakaba bari mu bagandaguwe muri ico gitero.

Amakuru duhabwa n’insamirizi y’Abafaransa RFI amenyesha ko umwe mu bakekwako ico gitero yishikanye ku giporisi. Mourad Hamyd, w’imyaka 18 yiyemerera ko yafadikanije n’abavukanyi biwe babiri mu gitero c’abiyahuzi, ku kinyamakuru Charlie Hebdo. Abo bavukanyi ba Mourad aribo Chérif w’imyaka 34 na Said Kouachi w’imyaka 32 bakaba batanguye kuronderwa n’igiporisi c’Ubufaransa.

JPEG - 15.4 ko
Mourad Hamyd yishikirije igiporisi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.