IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umushikiranganji w’ubutungane asaba abo arongoye kwama bisuzuma buri (...)

Umushikiranganji w’ubutungane asaba abo arongoye kwama bisuzuma buri gihe

samedi 8 Munyonyo 2014

Abasanzwe barongoye ibisata bitandukanye vyo mu bushikiranganji bw’ubutungane basabwa kwama bahurira hamwe mu gihe cose bikenewe kugira basuzume uko ibintu vyifashe mu bisata basanzwe barongoye.

Muri iyo nama, Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’ubutungane yabasavye kwama batunganya amanama yo kwisuzuma ivyo baba baranguye mu gihe cose bikenewe mu ntumbero yo kwongereza umwimbu mwiza. Pascal Barandagiye akaba ivyo yabivugiye mu ntara ya Gitega.

Muri iyo nama, umushikiranganji Pascal Barandagiye akaba yaboneyeho akaryo ko gushimira abakuru b’amasentare bari bitavye iyo nama kuko avuga ko bakoze neza mu kwiga no guca imanza zitari nke.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.