Accueil > Poritike > Imigambwe > Pascal Nyabenda : ’’Abagumyabanga bashaka Petero Nkurunziza’’
Pascal Nyabenda : ’’Abagumyabanga bashaka Petero Nkurunziza’’
jeudi 12 Ntwarante 2015
Umukuru w’umugmbwe CNDD FDD yabariye abamenyeshamakuru ba BBC Gahuzamiryango ko, Abagumyabanga ba CNDD FDD badahawe Pierre Nkurunziza, ko batobahamagara gutora.
Umushingamateka Pascal Nyabenda asanzwe arongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, akaba avuga ko amasezerano ya Arusha yashizwe mw’ibwirizwa nshingiro, iryo naryo ku bwa Nyabenda, rikavuga ko umukuru w’igihugu atorwa n’abanyagihugu ubwabo kabiri, ivyo navyo bikaba bimaze gushika rimwe gusa mu 2010, mu gihe mu mwaka w’2005 Petero Nkurunziza yari yatowe n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka bose bari hamwe. Pascal Nyabenda rero, akavuga ko hamwe hoba impari, sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ariyo izobatatura.
Ariko rero bamwe mu bari mu migambwe itavuga rumwe na Reta hamwe n’abahinga mu vy’amategeko nk’umushingwamanza Isidore Rufyikiri, bakavuga ko iyo sentare batizeye ko yohava ica urubanza uko ruri, narirya bayagiriza guhengama no mu manza zimwe zimwe zagiye zirayica imbere, hamwe n’ukuba yashizweho n’umukuru w’igihugu.
Abatavuga rumwe na Reta n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, akavuga ko hamwe Petero Nkurunziza yovuga ko azitoza ubwa gatatu, atagisivya, ari ukuja mw’ibarabara bakamwiyamiriza, bongera biyamiriza ihonyangwa ry’amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro. Abasenyeri Gatorika bakaba mu nyigisho zo kuri uyu w’Imana uheze, atakindi basavye atari ukwubahiriza ibiringo vy’umukuru w’igihugu, kandi amasezerano y’i Arusha, agasomwa neza, atari mu kwikwegerako, ku nyungu z’aba canke bariya.
Aristide Nizigire
Messages
12 Ntwarante 2015, 10:10, par Nzovu toto
Mbega abivuze kugatwe kiwe akaca avuga abagumwa banga ahubwo navuge abagumwa bondo ico kibanza arimwo sirwiwe nawene arabizi L H Hussein yarasohotse nareke kwimena amaso agiye kuhava kuko abagumwabanga baje ubudasubira inyuma
12 Ntwarante 2015, 10:10, par muco
None iyo ni recencement Nyabenda yakoze, canke? Abagumyabanga ko mwumva ariwe bashaka, baramutora aba umukuru w’umugambwe, nayo umukuru w’igihugu ni uw’abarundi bose apana uw’abagumyabanga gusa. Ikindi naco kuvuga ko ariwe bashaka, harimwo abavuze aho bahagaze bagaca babakura mu mugambwe no mukazi. Canke vyarahindutse abagumyabanga = Pascal Nyabenda.
12 Ntwarante 2015, 10:33, par Tijos
Ewe DD urahumba, nta Peter azokwitoza ndabarahiye. Ejo abari mu rwero rukuru rw’umutekano mwishirahamwe mpuzamakungu ONU bazobakurira inkoni kugashitsi. Nimwabirengako muzomenye iyo muja.
12 Ntwarante 2015, 11:14, par muco
Est-ce que abagumyabanga = pascal nyabenda? kuki uwuvuze ko atabishigikiye baca bamwirukana mu mugambwe no mukazi? kuki congres du parti yo kumutora vyanse ko iba? bamushaka baramutora abe umukuru w’umugambwe nayo umukuru w’igihugu si uwabagumyabanga gusa. Co kimwe, naho boba bamukunda, amategeko y’igihugu aguma ari ay’igihugu.
12 Ntwarante 2015, 16:21, par JEAN PIERRE
None ibwirizwa shingiro rya Nyabenda canke rya CNDD-FDD ryobarigizwe n’ingingo imwe gusa ya 96? Izindi bazisize he? Kira noneho na Peter na cndd-fdd barazi neza ko Peter atarekuriwe kwitoza n’ikimenyamenya ni uko bari bagerageje guhindura ibwirizwa shingiro kugira bakuremwo ingingo ya 302 ibafata. None ko Inama shingamateka yavyanse ni bemere bawunywe iyo ngingo ya 302 iramufata nyene kandi nibaza ko na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ibizi. Ivyo abasenyeri ba katolika bashikirije ko bosoma ibwirizwa shingiro bisunga amasezerano y’i Arusha nivyo 100% kuko ibwirizwa shingiro ry’uburundi ritangura rivuga riti "Twihweje amasezerano y’i Arusha..." . Murumva ko ata n’umwe yosoma ibwirizwa shingiro atisunze amasezerano y’i Arusha. Iyo sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ni yahirahira igafata ingingo itisunze amasezerano ya Arusha kandi bitomoye mw’ibwirizwa shingiro, nayo nyene izoba irirenze ivyo vyitwa guhemukira igihugu bakazobibazwa n’abanyagihugu. Kandi uwuhemukiye igihugu nta budahangarwa afita. Ibintu rero birakomeye Peter biramuyobeye kweli.
12 Ntwarante 2015, 16:57, par kinju
Reka sha abo turazi ico bakunda, bashaka gusesa amaraso ya ba nyagihugu nta kindi, kuki bagomba kurenga ama tegeko aboneka n’u mu bebe abibona? eka noneho NYABENDA buca bamuvuguruza uraziko barundi ariko bameze. turarindiriye uwuza kuvuga inyuma yiwe sha ndaziko aza kuvuga igihushane ciwe turazinanyi.
12 Ntwarante 2015, 18:32, par ninquin
Ariko nyene karashizingani ibwirizwa shingiro rihonyangwe atacamira Nyabenda ngo Sentare y’ubahiriza ibwirizwa shingiro ngo niyo izobatatura ; turazi neza cane ko babivuga kubera harico bishimirije ;yashizweho na Nkurunziza ubwiwe arazi yuko itomuhemukira; Ariko baribesha cane bakabona baramutanze turaja mwibarabara ntakabuza tumwiyamirize mpaka ataye akomoka
12 Ntwarante 2015, 22:57, par uwubizi
Ko yumva ari umugabo ni atangaze ko azitoza turabe ko bitoba bimuheranye!!
14 Ntwarante 2015, 12:56, par Iyumenya
IMBWA MUGUPFA IRAMOKA,iyipfuye yamotse ngwiba yisemye.Habura iki ngo CDD FDD itangaze uwuzitoza kumwanya w’umukuru w’igihugu nimba Pascal Nyabenda abagumya noti biwe babimutumye,PETERO NKURUNZIZA nabivuge ko azitoza uce uraba ibikurikirako,niba muri abagabo mutiny’ iki kumubarira ngo avuge ko ariwe azoserukira CNDD FDD mumatora.Pascal Unyabenda,urahumba ahubgo reka buce turabe aho uzokwigwa.
16 Ntwarante 2015, 00:27, par Jean Claude
Igihe Génocide Yaba,ntaw Bavugiye,Ndadaye Yicwa Ukwonyene.None Ubu Mwabony Ko Abarundi Turi Ibijuju?Namw Mwarahinyuts,intarim Iza Kurya Akayo.Kira Noneho,twaravuye Muntambara,bazokoresha Ibwirizwa Nshingiro Ryacu.None Ko Bamwe Muhenda Abazungu,baraz Ivyuburundi?Twebwe Rer Abarundi Isinzi,dushaka Petero Nkurunziza.Namw Tekane Ntimuturike.Cank Mubishatse Meneka,ikibiri Kizobabumba.Reka Rero Abatwareeee!!Numu Driver Mwiza Cane.
16 Ntwarante 2015, 16:42, par kinju
hihihihihih, narababwiyeko ico bazi ari kuvuguruzanya, gusa none bwarakeye na kabiri onesime ataramuvuguruza? reka rero turabe iyo gahinda kajana.
17 Ntwarante 2015, 12:28, par ELIEZERPRO
TURABASAVYE MWIYUBAR NTIMUDUSUBIZE MUNTAMBARA.NTAWUNDI MUSHINGANTAHE MWORONKA ATARI UWO?
17 Ntwarante 2015, 18:54, par NDUWIMANA
TURASHIGIKIYE NKURUNZIZA AHUBWO TURAMUSHAKA KO YITOZA TUMWONGERE MUTAMA WACU.TUMUTORE UBUGIRA KA 2!!!!
11 Rusama 2015, 21:12, par IRANKUNDA
CNDD FDD ATWEBWE NTAWUNDI TUMBONA BOHA AMAHIGWE MUMUNGABWE CNDD FDD TURAVYICHIMIYE
7 Ruheshi 2015, 20:05, par Harerimana Pascal
nibareke kuja mwibarabara nibarindire amatora bam ukuriremwo.
7 Ruheshi 2015, 21:46, par PASCAL NIYUHIRE
Nibareke Gusambura Igihugu Ahubwo Dufashanye Mu Kugisanura Tucambike Amashurwe Amakungu Nayo Amoterwe N’ubwiza Bwaco Uburundi Bwogorore Bube Bushasha