Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD FDD : Uwuzoshingwa amabanga azorahira imbere y’amategeko n’imbere (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD : Uwuzoshingwa amabanga azorahira imbere y’amategeko n’imbere (...)

CNDD FDD : Uwuzoshingwa amabanga azorahira imbere y’amategeko n’imbere y’Umugambwe”

dimanche 26 Ndamukiza 2015

Ingingo zibiri nshasha nizo umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, umushingamateka Pascal Nyabenda yavuze ko zafashwe mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’umugambwe.

Ingingo ya mbere iraba abagumyabanga bose bazohabwa amabanga mu gihugu, bisabwa ko barahira imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka. Pascal Nyabenda yavuze ko bahejeje kurahira imbere y’amategeko bazoca barahira imbere y’umugambwe. Ku bwa Pascal Nyabenda, imvo yatumye bafata iyo ngingo, ni uko benshi mu bagumyabanga bamaze gushingwa amabanga mu gihugu, baca bibagira umugambwe wabarungitse, bamwe mbere bakawuhemukira.

Iyindi ngingo ijanye no kutibagira Imana kuko bari bemeranije ko bazoshira Imana imbere. Muri iyo ntumbero nyene, umukuru w’umugambwe yasavye ko borondera umunsi umwe mu ndwi wo gusenga no kwiyegereza Imana, kuko yabarinze mu bihe bikomeye.

Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC, avuga ko ivyo umugambwe CNDD-FDD wasavye abagumyabanga vyerekana ko bamaze kwitiranya igihugu n’umugambwe.

Mwomenya ko Petero Nkurunziza ariwe yaraye ashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.