Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe PASIDE Imboneza ugiye kuzoshimira abadoma urutoke kubonona (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Umugambwe PASIDE Imboneza ugiye kuzoshimira abadoma urutoke kubonona (...)

Umugambwe PASIDE Imboneza ugiye kuzoshimira abadoma urutoke kubonona ibidukikije

vendredi 3 Gitugutu 2014

Umugambwe PASIDE Imboneza uvuga ko wakiranye umubabaro ntangere, aho wumviye ko imvubu zibiri zishwe muri zone ya Minago komine ya Rumonge intara ya Bururi.

Aloys Baricako umukuru w’uyo mugambwe akaba amenyesha abarundi ko ibikoko biri mw’itunga rikomeye kandi dusangiye twese, kandi bigatuma abarundi batari bake bahatorera akoyokwe.

Aloys Baricako rero akavuga ko umugambwe wiwe ugiye kuza urashimira abantu bose badoma urutoke kubonona ibidukikije, mbere akazoshiraho ikigega c’ugushimira abo bantu. Uwo mugambwe kandi, ukaba unashimira amashirahamwe yose akunda kuvuga iyo hagize abahungabanya ibidukikije.

Mukamenya ko muri iryo tangazo,Aloys Baricako asaba komine ya Rumonge gushengeza imbere y’ubutungane abantu bishe izo nzovu zibiri.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.