Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PASIDE-IMBONEZA : Urunani rushasha rw’imigambwe itatu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > PASIDE-IMBONEZA : Urunani rushasha rw’imigambwe itatu

PASIDE-IMBONEZA : Urunani rushasha rw’imigambwe itatu

samedi 1er Ruhuhuma 2014

Imigambwe itatu ABASA, PACONA na PPDRR yiyunze kugira igire urunani rumwe, ikaba yose yaciye ihurira kw’izina PASIDE – IMBONEZA, umugambwe uharanira iterambere, ubumenyi buhagaze kuri kiremwa muntu.

Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2014, umugambwe PASIDE –IMBONEZA, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, wamenyesheje ko wiyunze. Nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’uwo mugambwe, Aloys Baricako, iyo migambwe uko ari 3 ABASA, PACONA na PPDRR bashimye kwunga urunani kugira bagire inguvu haba mu vyiyumviro, mu banywanyi no mu buryo, kugira hazogere mu matora nabo bamaze gukomera . Ni kugira kandi basubire bahe icizere abarundi, na cane cane urwaruka. Icatumye kandi bunga urwo runani, n’uko basanze hari imigambwe myinshi cane usanga iriko irakora itandukanye ariko waraba imigambi yayo ugasanga ishaka gusa.

JPEG - 749.1 ko
Aloys Baricako (hagati), umuvugizi w’umugambwe PASIDE IMBONEZA

Uwo mugambwe rero ufise intumbero yo gushigikira iterambere hamwe n’ubumenyi buhagaze kuri kiremwa muntu, ni ukuvuga iterambere rirama, nk’uko vyabandanije bimenyeshwa na Aloys Baricako.
Mu bikorwa rero bagiye gukora mu mugambwe PASIDE - IMBONEZA, hariho ukwigisha abanywanyi babo kubana mu mahoro n’iyindi migambwe, kwigisha iciyumviro co gukingira ibidukikije, kubandanya bakingira aho hose hari ibibanza vy’ingenzi canke vy’iratiro (sites, monuments), kubandandanya bavugana n’iyindi migambwe mitomito kugira nabo bunge urunani.

Ku vyerekeye ibibazo bimaze iminsi bihanze abanyeporitike, nk’icerekeye ivyo kwitoza vy’umukuru w’igihugu ku kiringo ca gatatu, itegeko rigenga umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB, mu mugambwe PASIDE – IMBONEZA bavuga ko bazogira ico bashikirije mu kwezi kwa gatatu, kuko ariho hasanzwe hategekanijwe ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe. Ku kibazo c’ukumenya namba uwo mugambwe woba uvuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD canke ko woba uri kumwe n’abatavuga rumwe na Reta, naho nyene bamenyesheje ko bazogira ico babivugako inyuma y’ikoraniro kaminuza.

Tubamenyeshe ko ico kiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru cari catumiwemwo n’abanywanyi b’uwo mugambwe, abenshi bakaba bari urwaruka rwiga mu mashure ya kaminuza. Mwomenya kandi ko naho iyo nama yabaye, yasa n’iyitariciye mu mategeko kuko bataremererwa gukorera ku mugaragaro, aho ibisabwa vyose bisa n’ibitari bwakwire, eka mbere n’umurongozi ntaratorwa. Umuvugizi w’uwo mugambwe akavuga ko naho ivyo batabifise, ibwirizwa shingiro ryo ribemerera ukuri kwamye kuja hamwe (fusion) umwanya uwariwo wose bagakora, ariko bakavuga ko barindiriye bizeye kwemererwa gukorera ku mugaragaro n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana.


Floxella Karire

Messages

  • NTACO BANZE NTIBADUHENDE TURETSE KO UBURUNDI ARI IKIRIMBIRO RY UBUGAMBWE BUSHAKA GUTESHA UMWANYA ABANTU CANE CANE ABANA,,,,,BAREKE BIGE KUKI MUTAJA MU KIBIRI?????!!!!REKA KUBESHA TURABAZI AHO MUSHAKA KUYACIKANA NAYO AMATORA NTIMUSAMAZE ABANTU

  • Ico nico cononye uburundi jewe sindumva uwiyemeje kwugurura societe mwese muharanira kwugurura imigwmbwe nugukorera kumugaragaro ubwo ni mureke guhenda urwo rwaruka kandi namwe rwaruka nimukanure mureke kujana ninjavyi ni mwige murondere ubumenyi niterambere bivuye mumaboko yanyu murekane nabanyapolitic.

  • umuntu wese afise uko abona ibintu.abo bantu bareke bakore baje mubandi ahubwo mbere bagize neza kuko muburundi hari imigambwe myinshi ataco imaze muga igiye iraja hamwe nkuko yogabanuka kandi ikagira inguvu.nibabere akarorero nabandi banyamigambwe

  • umuntu wese afise uko abona ibintu.abo bantu bareke bakore baje mubandi ahubwo mbere bagize neza kuko muburundi hari imigambwe myinshi ataco imaze muga igiye iraja hamwe nkuko yogabanuka kandi ikagira inguvu.nibabere akarorero nabandi banyamigambwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.