Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pekin 2015: Kenya yabaye igihugu ca mbere co ku mugabane wa Afrika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Pekin 2015: Kenya yabaye igihugu ca mbere co ku mugabane wa Afrika (...)

Pekin 2015: Kenya yabaye igihugu ca mbere co ku mugabane wa Afrika gitahukanye imidari myinshi

lundi 31 Myandagaro 2015

Igihugu ca Kenya cabaye ica mbere catahukanye imidari myinshi mw’ihiganwa ryo kunonora imitsi ryabereye mu gihugu c’Ubushinwa, mu gisagara ca Pekin ryarangiye kuw’Imana igenekerezo rya 30 Myandagaro 2015.

Bibaye ku ncuro ya mbere muri kahise k’inkino zo kunonora imitsi, aho igihugu co ku mugabane wa Afrika kironka ikibanza ca mbere mu gutahukana imidari myinshi mw’ihiganwa ryo kunonora imitsi.

Igihugu catahukanye imidari yose hamwe 16,harimwo imidari 7 y’inzahabu.Kiyikesha abanonotsi bayo bazwi nka Ezekiel Kemboi, David Rudisha, Asbel Kiprop na Vivian Jepkmoi Cheruiyot.

Ivyo bibaye inyuma yaho hari haheze iminsi,ikinyamakuru co mu gihugu c’Ubudagi kimenyeshereje ko hari abanonotsi banwa imiti ibaha inguvu imbere yo kwiruka.

Mwomenya ko iryo higanwa mpuzamakungu ryabaye kuva kw’igenekerezo rya 22 gushika kurya 30 Myandagaro 2015 mu gisagara ca Pekin mu gihugu c’Ubushinwa.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.