Accueil > Inkino > Amahiganwa > Pekin 2015: Usain Bolt yatahukanye umudari w’inzahabu
Pekin 2015: Usain Bolt yatahukanye umudari w’inzahabu
lundi 24 Myandagaro 2015
Usain Bolt umunonotsi ava mu gihugu ca Jamaica yatahukanye umudari w’inzahabu mu kwiruka imetero 100 ,mu mahiganwa ariko abera mu gisagara ca Pekin mu gihugu c’Ubushinwa,asize umunyamerika Justin Gatlin yahabwa amahirwe.
Usain Bolt yirutse imetero ijana mu masegonda icenda n’ivy’ijana 79.Gushika ku metero 80 umunyamerika Justin Gatlin niwe yaza imbere,ariko bahejeje kwiruka Usain Bolt ariwe ari mu kibanza ca mbere.
Ahejeje gutsindira uwo mudari yavuze ko yakoze igikorwa kigoye kuko Justin Gatlin yari imbere yiwe yirutse neza mu mwaka wose ari naco catumye n’umumenyereza wiwe bakora cane kugira batahukane uwo mudari.
Usain Bolt yavuze ko kugira atsinde yari abizi ko ategerezwa kwiruka cane,kandi ko abinezererewe kuko yaciye mu bihe vy’imvune n’ibindi bigoye mu gihe co kwitegurira iryi higanwa.
Van Naris Mugisha
Messages
24 Myandagaro 2015, 14:49, par mandayabo ntiragera
bibake iyomihimbiri bashaka kutwica kugira badusahure ivyacu