Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Petero Buyoya aratangazwa n’imvugo ya François Hollande - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Buyoya aratangazwa n’imvugo ya François Hollande

Petero Buyoya aratangazwa n’imvugo ya François Hollande

mardi 2 Kigarama 2014

Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Buyoya, aranegura ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, François Hollande, aho yerekana ko ivyashitse muri Burkina Faso bishobora kuba no mu bihugu vyose vya Afrika.

Umukenguzamateka Petero Buyoya, umwe mu batashoboye gutsindira ikibanza c’ubunyamabanga bukuru bw’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa, amenyesha ko yatangajwe n’ivyashikirijwe na François Hollande, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa. François Hollande yamenyesheje ko ivyabaye muri Burkina Faso bishobora gushikira ibindi bihugu vyose vyo muri Afrika. Petero Buyoya aremera ko imigumuko yabaye muri Burkina Faso vyatewe n’amategeko atariko arubahirizwa, ariko Petero Buyoya akavuga ko atawoca afatira mu kivunga umugabane wose wa Afrika.

Mu kiganiro yagiranye na Jeune Afrique, Petero Buyoya yamenyesheje ko François Hollande yarengeje urugero mu kuvuga ko abazohindura ibwirizwa shingiro ry’ibihugu vyabo kugira bigumize ku butegetsi batagira ikibanza mw’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa. Kubwa Petero Buyoya, igihugu cose cofatwa ukwaco, kuko n’impamvu zitaba zisa. Muri iyo mvugo ya François Hollande, abari i Dakar bakabonamwo ukwifatira mu gahanga abakuru b’ibihugu vya Afrika, cane cane igihe François Hollande yavuga ati : "Naje i Dakar kubwira Abanyafurika ko…"

Tubibutse ko Michaëlle Jean wo muri Canada ariwe kuba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa. Michaëlle Jean yabaye umugore wa mbere ahawe uburongozi bw’iryo shirahamwe. Yasubiriye mu kibanza cahoramwo umunya Sénégal Abdou Diouf yarangije ikiringo ciwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • maramarira ku mumusozi nuko atagutoye iyo agutora ntaco wavuga kandi ngira iyo blaise ahaba wari gutogwa mbega numuntu azi ubwenge ari reagissa nkumwana urateye isoni.

  • Bwa bundi barakabona batamutoye! Tuvuge rero ko askigikiye abahindagura ama Bwirizwa Shingiro kugira bagume kubutegetsi ? Ivyo yasiguye biramaramaje= Il a raté une belle occasion de se taire .Hoho izo mvo zinyuranye zituma bashaka kuguma kubutegetsi yoba yarazivuze ngo turabe izotuma ab’abho duherereye?

  • Ndamukurikiranye Buyoya ntabwo intumbero yivyavuze bishingiye mugusbigikira abany’Africa gukoresha amakosha noguhindura ivyamabwirizwa shingiro, nyabuna ivyo Buyoya avuze birimwubwenge bwishi mutiburihe avuzengo Holland yarinamuye azanamwo ivyabaye Burkina Farso noneburya mwombarira kowarumwanya wokizanamwo ivyabereye Burkina Farso? Urumuvyeyimwiza ntuhengera umwana umushize ibifungurwa imbere nguheze ucutangura kumuhatamajambo yibijanye nivyuzi bisanzwe bitagendaneza kuriwe umwanya wogufungura numwanya wogufungura umwanya wokwicara utangimpanuro numwanya wokwicara utangimpanuro. Nonehonanje nshatse kwunganira Buyoya Hollande yobayashatse kuvuga Ko nimb’Africa ikomeje kubonekanamwo utunege bazohava badukura mumurwi wabakomeza kuvuga ururimi rwigi fransa?! Buyoya umukurikiranye ntiyababajwe nukoyatsinzwe ahubwo azikwumviriza ibivurwa akabitahura uretse gushigikira Buyoya kwibi avuze uyumusi bitebebitebuke nubwo azobatakiriho cankewewe harihabandi bazobona koyavuze ukuri, gupoperaniriza hamwibihuguvyose vy’Africa ngwivyabaye Burkina Farso ngobizoba mubihuguvyose vy’Africa!? Birababaje nukumuzungu adashoboragusaba imbabazi atabanje kubona umuriro yadometse ubanje kuyogeza ibintu yarikwiye gusabimbabazi ibihuguvy’Afrika.

  • Ewe africa twarababaye. Ntitwohaguruka tukikukira vy’ukuri!

  • None ga Buyoya aka kanya yari yibagiye ko isi yose izi ko ariwe yishe président Ndadaye n’abandi barundi b’inzirakarengane!!!!!
    Uwo mugabo Buyoyaya yari agiye kugira Coup d’ Etat muri Francophonie asanga ntirwitaha. Yari yaramenyere kuja kubutegetsi ukwo yishakiye abanje kwica abantu, none muri Francophonie ho baramaze kumuhinyura.

    Iryo shavu Buyoya afitiye Hollande, n’ukwo yamubwije ukuri: « François Hollande yarabwiye Buyoya ko bidakunda ko atwara Francophonie agifise amaraso mu mimwe y’abantu bishe.»

    François Holland yakoze akazi kiwe neza cane, nayo ishavu rya Buyoya riherera mu murizo wiwe.

  • Ariko abaperezida bacu barantangaza. Iyoba bababwiy ibibi bakora biterera hejuru. Ninkakurya wobwira abarozi ngo tugiy kubarwanya bose bagaca bavuga barakaye. Buyoya ntitwamurenganya nivyo amenyerey. Ariko bashaka boca make kuko ntaco bazotwara nubwo bavyiciramwo benshi. Nivyisi bashaka bokwinegura bakabona ko kwigungira ubutegetsi ataco bibagezako Atari uguhunga,gupfa rubi, kwandagara nibindi. Uburorero bari baburonse nuko batabona Satan abafunga amaso bakibaza ko harikinjana bazomara kwisi
    Haguheza nabi wotangura nabi ukarangiza amahoro ariko muri afurika suko nukurangizaza nabi wataanguy neza ingaruka zukwibagirwa aho bavuy bakibaza ko aramanitse
    None uyumufaransa ntiyavuze ukuri ?

  • Basha muramurabe neza uyo mugabo bafise agatima kamwe na DD, kandi umunyavyaha yama ahunga atawumwirukanye! Yiyotsa kuvyo yakoze! Kandi ngira afise imigambi yo gusubira ku butegetsi!! Ubuho twarabahinyuye bose!!

  • MBIMBI, harigihe uzosanga Buyoya kera yarimubi arikubu ugasanga yaramaze kwikiranura n’Imana, Harumugabo yitwa Sawuri yarumuntu mubicane mbese utogereranya nukwo uyu Buyoya yarimeze ariko mukanya Yesu yaramwinjiyemwo acaba icaremwe gishasha (Paul)umuntu akora ibinezereza Imana mberegusumvya abataribake, Buyoya reroniwabikurikirananeza mwinomisi ntiwomugereranga na Leonce Ngendakumana naba Sinduhije Alexis kuko Buyoya ntahowosanga yirizakubarundi ngonimuje mwibarabara kugirubirindi butsrimbere! Ndashimira abasenga basengeye Buyoya akabuyumusi yarabaye Buyoya mushasha.

  • Ariko icokintu kimaze imusi mumanitse,kwifoto aho hejuru ntimwogikura mukazana izidinkuru??

  • Nuko yatsinzwe niho aca anegura ivyo bavuga????kwatari bwabinegure akiri mwihiganwa!

  • ntakundi niyihangane buyoya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.