IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Buyoya ntiyashoboye gutorwa mu burongozi bwa OIF

Petero Buyoya ntiyashoboye gutorwa mu burongozi bwa OIF

dimanche 30 Munyonyo 2014

Abakuru b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa bahuriye kw’izina rya Michaëlle Jean wo muri Canada, mu burongozi bw’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa. Amahirwe ya Petero Buyoya wo mu Burundi ko ariwe yoramutswa iryo shirahamwe yoba yabaye impagusa bivuye ku kutumvikana hagati y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika.

Inama yo mw’ibanga yaheze ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana abakuru b’ibihugu bo mw’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa bumvikanye kw’izina rya Michaëlle Jean wo muri Canada ko ariwe yoshingwa kuba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa (Organisation Internationale de la Francophonie). Michaëlle Jean wo mu gihugu ca Canada, asanzwe yarigeze n’ukuba buramatari wa Canada, akaba abaye umugore wa mbere ahawe uburongozi bw’iryo shirahamwe. Asubiriye mu kibanza cahoramwo umunya Sénégal Abdou Diouf yarangije ikiringo ciwe.

JPEG - 46.6 ko
Michaëlle Jean wo mu gihugu ca Canada, asanzwe yarigeze n’ukuba buramatari wa Canada, akaba abaye umugore wa mbere ahawe uburongozi bw’iryo shirahamwe.

Mu gisagara ca Dakar muri Sénégal, abakuru b’ibihugu vya Afrika boba batahurije ku woserukira Afrika mu burongozi bw’iryo shirahamwe. Uwahawe uburongozi bw’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa yamenyekanye inyuma y’umubonano wo mw’ibanga wamaze nk’igihe c’isaha n’iminota mirongo itatu, hagati y’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande, umukuru w’igihugu ca Sénégal Macky Sall hamwe n’abakuru b’ibihugu bari bafise abariko barahiganwa, aho twobabwira Denis Sassou Nguesso yari afise Henri Lopès, Petero Nkurunziza yari afise Petero Buyoya mw’ihiganwa, Stephen Harper wa Canada yari afise Michaëlle Jean, hamwe na Kailash Purryag yari afise mw’ihiganwa Jean-Claude de l’Estrac.

Uwo mubonano uheze, abo bakuru b’ibihugu bashikirije abari baserukiye ibihugu vyabo muri iyo nama, izina ry’umunya Canada Michaëlle Jean, w’imyaka 57, akaba abaye umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe agira gatatu, inyuma ya Abdou Diouf hamwe Boutros Boutros Ghali. Uwo azotangura ayo mabanga mashasha ku genekerezo rya mbere Nzero 2015 abaye umugore wa mbere atowe muri ico kibanza.

Imbere y’uko uwatowe amenyekana, abari muri iyo nama bobona ko uwutorwa yoba ahava ava muri Afrika yo hagati, kuko babiri baheruka muri ayo mabanga uwa mbere yava muri Afrika y’uburaruko (Boutros Boutros Ghali, Egypte), uwugira kabiri nawe akaba yava muri Afrika y’ubumanuko (Abdou Diouf). Aho mukumva ko babiri (umurundi Petero Buyoya na Henri Lopès wo muri Congo bari bafise amahirwe kurusha abandi, naho Petero Buyoya yayarusha uwo wo muri Congo, kuko yigeze kuba umukuru w’igihugu.

Laurent Fabius, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu yari yashikirije ko Ubufaransa bushigikiye ko hotorwa uwukomoka muri Afrika, ariko agasaba ko abakuru b’ibihugu vya Afrika bohuriza kw’izina ry’uwotorwa ava muri Afrika.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ndababaye kubona umurundi wacu Petero Buyoya atariwe yatowe, arikontakoturibugire nabandanye ibikorwa yarisanzwe akora.

  • azokwitoza nohanyuma ntakundi kazima afise akazi keza.

  • IL parle très mal Français impossible d’être élu président de l’OIF, chers burundais burundaises ALLez VOIR AILLEURS

  • Pole sana muze!!! mugabo merci pour votre candidature a OIF

  • Turamenetse ijisho kweli,u BURUNDI Imana yarabuhaye imigisha wewe uriko urayisubiza inyuma shauli yako,mzee aina shida udapima bahati baadaye

  • Inyana inizwe n’amata ntawundi mwerera ,nikuki watala yasohotse? umwe wese ni yihe inyishu!

  • Ndatanz Mwiriw Kuri mwes muri kurubuga.amahoro y’imana aganz imitima yanyu.ico mbony uburongozi buraryosh can nubu uwo murundi mwene wacu ntarabuhaga?pole sana petero buyoya ntakundi uzotorwa ikindi gih .cank ushobora gusanga imana yakurinz erega iryo shirahamw rirafis beaf.eeehh ahubgo himbaza umukama.mrc bcp

  • Haburana babiri hagatsinda umwe, kandi ni vyiza kumenyera amahiganwa ukumvako gutsindwa ari ikintu gisanzwe , ntugirire inzigo uwutsinze. Jewe hari ikintu nabonye muri twebwe abarundi, umurundi atsinzwe mu kintu ico arico cose aca yumva mengo aragayitse, oya namba! ni co ihiganwa riberaho kuko ritegekanya impande zibiri: gutsinda no gutsindwa. Egome biratahurika ko uwutsinzwe adashobora kwiyumva neza muri ako kanya, ariko kandi ntibinakwiye ko wumva mengo biramaramaje kuba watsinzwe. Burya rero iyo ninayo ngorane dufise no mubijanye n’amatora ya politike iwacu, kuko nta n’umwe ashaka kwemera ko yatsinzwe. Rero umuntu atarategera ko ihiganwa ari gutsinda canke gutsindwa uwo ntaba akwiye kuja mw’ihiganwa gushika abanze yigishwe atahure neza ico ari co ihiganwa.
    Felicitations Mr.Buyoya pour ton courage.

  • Imana ininahazwe mw’Ijuru kubona uwo mwicanyi Buyoya Imana imugaragaje ico ari. Abarundi twari twaramuhanuye tumuburira ko irya ntebe ya Francophoni adashobora kuyicarako kubera amaraso yakoze aranka kutwumvira. Niho yaca yumvikana na mugenziwe Nkurunziza bakabandanya bibaza ngo ntitubababo, bibaza ngo Imana yaribagiye amaroso yasheshe.

    Nejo nejo bundi Buyoya na Nkurunziza bamenye kandi bamenyere ko atawusomera induru ivuga.
    Sije nohahera, hohera Buyoya na Nkurunziza bagiye kwimaramazakandi Abarundi babahanuye.

  • turashima Président NKURUNZIZA Piter yaraye yerekanye ko ari we atwara agakura abari bigize Utu mana aha MUBURUNDI .

    Ico no muhanura kuko NDAMUKUNDA arareka kwitoza 3ème Mandat azoba yerekanye ko akunda ABARUNDI NU BURUNDI .KANDI TUZOKWAMA TUBIMUSHIMIRA .

  • Ikibanza c’umwicanyi si ukuja imbere y’abandi, ikibanza ciwe ni mu munyororo. Buyoya yobaye ari mu Mpimba

  • Burya Buyoya icondamwemerera nukwazikwemera kohaburana babiri hagatsinda umwe 93 yaravyemeye ariko habaho akarwi kabasoda naba sivile bamukoresha amakosha, ariko yarabihoye igihe yemereye imishikirano kandikakarwi kica Ndadaye katabiramucwa ivyimizhikirano nivyicangwa ryigisirikare amatwi ansumira ngonohakurya yakanyaru presida waho ngwamwankurunuka ngokubera yemeye gusangira ivyiza vyigihigu nabahutu? Nivyorero nivyobituma ntemeranya nabavugango ubwokorunaka ngonibubi kuvahasi gushika hejuru! Vugumuntu kugatwekiwe arikontucuvuga umuryangowiwe wose.

  • Nawe ishavu afitiye ubufaransa ariko abu fransa yarazi ko bumushigikira nashigikirwe na mwene wabo wenyene natekereze arye ivyo afise ,mugabo nuko ataco uwukwanka akugira eka uyo muntu afise amaraso mabi kubantu.Nawe yidagaduye muvyo bamubajije avuga ko atanezerejwe nivyo president wubufaransa yavuze nuko atagutoye iyagutora ntaco wavuga, yavuze vyo ibiba muri africa.

  • nimubanze mutunganye ibisabwa mu ntwari ibereye (democracy) nicyo muzize. iyi ni message france itumyeko kuri cndd fdd ngo ireke intwaro y’igikenyi

  • Réaction y’Ubufransa ni message ikomeye barungikiye Nkurunziza na président w’i Congo: Biribonekeza ko kurondera guhindura constitution, l’Occident itabishigikiye muri Congo. Mu Burundi Nkurunziza arondera ku mata ku butegetsi, Uguhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi l’Occident ntibishigikiye. Iyi ni message ikomeye cane ku ba nyafrika. N’uko kandi abanyafrika cerveau yacu ari sinzi uko imeze, abakuru b’ibihugu bari kuba bategereye message ya destitution ya prédisent de Bourkina Fasso aho arondereye kurondera guhindura constitution.Niwe Ubufaransa bwiyumvira ko yorongora OIF. Kubera rero uruhumyi rw’abanyafrika, OIF irabaciye mu myanya y’intoki igiye kurongorwa n’umuvamahanga: umunya canada. Vive la myopie africaine.

  • mumbarire ngumambaza mwebwe muri kurubuga none uwo mugabo nkurunziza komuvuga ngonimubi hanyuma mugasaba ngo ntiyitoze ikibazo none mumatora umuntumubi niwe batora? canke muramukunda mwanka koyomaramara kukwarimubi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.