IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Karaveri Mbonimpa avuga ko batanze akaryo ko kwirimbura

Petero Karaveri Mbonimpa avuga ko batanze akaryo ko kwirimbura

samedi 23 Rusama 2015

Imunsi wa gatandatu hamwe n’umunsi w’Imana niyo yatanzwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike yahamagariye abarundi kwitaba imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Petero Karaveri Mbonimpa yavugiye ayo mashirahamwe,yavuze ko ako karuhuko bagatanze mu ntumbero yo kugenzura uko imyiyerekano yakozwe,batange n’akaryo ko kwirimbura kugira hareke guhonyangwa amategeko.

Petero Karaveri Mbonimpa yaboneyeho akaryo ko gusaba abajejwe intwaro kwumvisha abajejwe umutekano ko batokwinjira hagati mu banyagihugu bagize imyiyerekano,kuko bishobora gutuma agashavu kabo gaca kaduga.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana arashima iyo ngingo yo guhagarika imyiyerekano mu minsi ibiri,ariko akavuga ko bagomba ko vyobandanya,avuga ko abatumyeko imyiyerekano bategerezwa gutahura ko abanyagihugu bose badategerezwa kwitaba imyiyerekano.

Messages

  • Komera mutama mbonimpa ariko ntimudohoke dutegerezwa gukongatara ejo aho bukera intara zose zizoreagisa babone ko atari mairie yonyene

  • kabisa urintwar kraver mukomer kandabarundi ntimudohok kuguharanra agtka kabo twes tubarinyuma

  • kabisa urintwar kraver mukomer kandabarundi ntimudohok kuguharanra agtka kabo twes tubarinyuma

  • MWARANGIJE VYINSHI GUSUMBA UKO TWARI TUVYITEZE,MUSHATSE MUHEBE MURONDERE UNDI MUKENYURO,KUKO MURAMAZE KWANGIZA IBISUMBA IVYO MUVUGAKO PETER YANGIJE VYOSE. GUSA ABANA BACU BAPFUYE N’ABAKOMERETSE TUZABABAZA NDE?

  • Agiz nez mtama ariko police irek kurasa baserure iciyumviro cab nkakurya Barents cndd fdd

  • nous vous respectons mutama kuntumbero nziza ufitiye abo ujejejwe kuvugira.uburundi bwatobekaye kubwukubura abategetsi babagabo nkamwe.birababaje kubona igihugu kirimwo abantu biyita ko arabashingantahe ariko bakananirwa nokwifata mujisho bavuge ukuri

  • Ntabwo babigize ngo nuko bashaka ko amatora agenda neza,rekadaaaaaa ivyinyegeje inyuma yavyo muzobibona.harya barafise ubwoba. Ese ico batinya gituma badatanga uwundi mukandida n’iki ga shaaa? Barayamaze bati inyenzi yahimvye ubuzima,itondera umugenza w,isake.

  • claver nawe urumutama uhumuye urashobora kuja mubintu nkivyo vyakajagari kwisamburirako nkimpene uburundi murabubomoye busigaye arumusaka igisagara carigisigaye kiyagayaga gisigaye gisa nkikitigeze kuba kizima iconobasaba nimwemere muje mubiganiro nahubundi ntayindinzira ishika atariyibiganiro mumenyeko amaraso yabene burundi ariko araseseka imana izoyababaza mwebwe murungika urwaruka mumabarabara kugirango mugere kunyungu zanyu iconobabwira coco uburundi nubwabarundi bose amoko yose ntabwoko ubu canke buriya buzoba muburundi bwonyenenkuko biri mugihugu kibanyi usanga ubwoko ubu aribwo bufisijambo aho ntikizoshoboka nimukore ibiganiro niyonzira irashe izoshikana uburundi kwiterambere rirama Iconobasaba hagarika iyomyiyerekano mwene wacu yararashwe nubu arimubitaro ntanumwe murimwebwe yigeze amushikako none mwumva muharanira ibiki?

  • Maramara Ugende Coup D,etat Mwateguye Yaranse Imigumuko Yanse Amaraso Mwarasheshe Inzu N,imiduga Birahera Ngo Muharanir,agateka Kazina Muntu Mwahinyutse Basha Ikibanza Washaka Wagitakaje Pe

  • Gihugu aba DD nkamwese umengo ntambwenge mugira, kuvuga menchi ntiwoyamara. wewe niba wemera dd biragukwiye nubujuju bwawe, mugabo ntibivugako twese twojujuta nkawe. uzotahura niwasigara wenyene, mutama Mbonimpa, komera.

  • murakoze mutama ariko imiduga yaturiwe,amazu,abantu baturiwe nabishwe....mwiyo myiyerekano bikozwe nabo wahamagariye kuja mwibarabara ube Uzi igitigiri cavyo...nabarashwe nigipolisi kuko ni wewe wabashomoreyeyo kubwinyungu zawe kuko iyutabahenda ntibari kujayo hanoguphuma urungikayo abana bawe navya vyuzukuru vyawe bitagira igitigiri...vyose uzobibazwe ariko nogusabira kuzogira iherezo ryiza wakire agakiza tuzohurire mwijuru.sindumuja wawe

  • Nduwimana ntaco bakubajije kuko ntaco ufise ubwira abanyagihugu, tegeka munzu iwawe niho honyene ushoboye kuko ahandi uratoba, urasambura gusa

  • turakwiye gufataniriza hamwe tugasenga kugira Imana itabare igihugu cacu kuko Imana irafise ububasha.

  • komera Mutama naje ejo nzomanuka kwifadikanya nabandi Hama turabe kotwokwitura urusyo nkurunziza yaturemetse

  • TURASHIMA INGINGO YOGUHAGARIKA IMYIYEREKANO TUGASABA NYAKUBAHWA UMUKURU WIGIHUGU AFATE INZIRA YIBIGANIRO NI YONYENE ISHIKA

  • Ako muta,usaziye ubusa.abantu bagiye mwibarabara ucubona ko wemwewe!Umusaza nubusa

  • eeee!!!,ariko uyumutama asanabikweri eee!!ndatangaye

  • Komera muta nukuri ejo tuvyuka kare mwibarabara kuko amaraso petero nkurunziza ahayasesa azoyishura!

  • Il y a deux façons de résoudre la crise
    actuelle au Burundi : soit "laisser-faire" et
    voir ce que l’avenir nous réserve, soit être
    pro-actif et penser àune solution concrète et
    immédiate. Je penche pour la seconde
    option. Voici pourquoi et comment nous y
    prendre.
    Il existe deux problèmes majeurs dans
    l’attitude "advienne que pourra".
    Tout d’abord, il y a la simple incertitude.
    L’inconnu. Nous ne savons pas du tout à
    quoi nous attendre exactement. C’est une
    chute libre dont on n’a pas idée du moment
    où on touchera le fond. L’histoire récente
    des "révolutions populaires" montre qu’il y
    en a qui ont abouti soit àl’anarchie (cas de
    la Libye), soit àla guerre civile continue (cas
    de la Syrie), soit encore àun coup d’état aux
    résultats apaisés (Burkina Faso) ou
    tumultueux (Egypte). Personne n’aime
    l’inconnu, personne ne devrait laisser le pays
    naviguer vers une destination incertaine.
    Ensuite, l’option de maintenir le laisser-faire
    actuel n’a de véritable valeur que si l’on
    pense que le Président Nkurunziza va se
    réviser suite àla pression (interne et
    externe). Malheureusement, comme l’a
    remarqué l’envoyé américain, Tom
    Malinowski, il est improbable que le
    Président prenne une telle initiative. De plus,
    la position de la Cour Constitutionnelle,
    aussi partiale qu’elle puisse être jugée, rend
    encore plus complexe toute tentative externe
    de pression. En effet, tous les membres de
    la "communauté internationale" ne
    partagent pas nécessairement la même
    lecture de la situation. Reste, l’armée. Un
    coup d’état serait une porte ouverte àtoutes
    sortes de dangers, y compris àun potentiel
    retour des tensions ethniques. C’est donc
    une véritable boîte de pandore.
    Si l’option du statu quo semble être àla fois
    peu viable et couteuse, voici comment on
    peut pro-activement résoudre la crise.
    La solution proposée peut se décliner en
    trois étapes : laisser le Président Nkurunziza
    concourir, négocier pour une certification (et
    non une validation) des résultats électoraux
    par les Nations Unies, rassembler toutes les
    voix contre le Président Nkurunziza derrière
    un candidat unique.
    Tel qu’argumenté plus haut, il est
    pragmatique de conclure qu’il va falloir
    compter avec le Président Nkurunziza. En
    2008 au Kenya, par exemple, malgré le
    nombre de morts et la situation chaotique,
    le gagnant contesté n’a pas été écarté. De
    plus, aussi contesté qu’il puisse être, l’avis
    de la Cour Constitutionnelle, écarte
    explicitement l’idée d’un retour du Président
    Nkurunziza en 2020. Pour ces raisons d’une
    part et pour stopper le décompte journalier
    des dégâts humains d’autre part, il est
    préférable de le laisser concourir. Si ce n’est
    le choix du coeur, ce sera le choix de la
    raison. Ceci est la principale concession que
    l’opposition, la société civile, le peuple et
    tous les opposants au 3e mandat ont besoin
    de faire. C’est certainement un choix
    difficile. C’est aussi un choix inadmissible
    pour certains.
    La première étape passée, la deuxième est
    celle des élections. Ici se trouve la principale
    concession que le pouvoir doit faire. Il faut
    qu’il y ait un processus électoral
    suffisamment crédible pour que les
    différents participants acceptent de
    concourir. Il est clair que la CENI actuelle
    est en mauvaise posture pour assurer un tel
    rôle. Ainsi, il faut une tierce partie àl’instar
    des Nations Unies qui doit pouvoir certifier
    (et non valider) résultats électoraux. Ici, il
    s’agirait d’une approche similaire àcelle
    adoptée par l’Opération des Nations Unies
    en Côte d’Ivoire (ONUCI).
    La dernière étape consiste àrassembler
    toutes les voix opposées au 3e mandat du
    Président Nkurunziza—et àla politique du
    CNDD-FDD—derrière un candidat unique.
    Avec la gestion de la crise actuelle, le parti a
    généré un mécontentement supplémentaire
    qu’il serait relativement aisé de canaliser en
    discours de campagne pour le changement.
    Ainsi, àdéfaut de battre le Président
    Nkurunziza aux présidentielles, il sera
    possible d’affaiblir fortement son influence
    par voie démocratique, notamment au
    parlement.
    Nous avons, comme Burundais, cette
    attitude d’ "akanyarigabo" (amour propre),
    qui nous empêche de faire un compromis
    pour ne pas perdre la face. Il est vrai que la
    solution suggérée n’est pas ce qu’il y a de
    plus "héroïque" pour chaque partie.
    Cependant, elle permet de résoudre une
    catastrophe pressante qui, chaque jour,
    pousse nos frères et soeurs àl’exil et
    emporte la vie d’autres.
    Si, de l’avis de plusieurs, la décision du
    Président Nkurunziza de se porter candidat
    pour un 3e mandat était loin d’être sage, les
    leaders de l’opposition et de la société civile
    àleur tour peuvent aujourd’hui se
    démarquer et mieux faire. Ceci sera tout à
    l’honneur du peuple Burundais. Un signe, s’il
    le fallait encore, du progrès social que nous
    avons réalisé comme Burundais.
    Note : texte rédigé le 6 mai 2015, bien avant
    que le Président Nkurunziza ne dépose sa
    candidature officielle àla Commission nationale
    électorale indépendante.

  • Nagomba gukebura abarundi barungika abana babo mumyiyerekano, barabe ko batariko barahendwa n’abanyepolitike bashaka ubutegetsi. Murirya myiyerekano, nta mwana n’umwe w’abarya ba nyepolitike barimwo, ntamukozi wa Leta arimwo, nta mudandaza yifitiye ico akora arimwo. Uzohasanga abashomeri bamwe birukanwa kuri BATA no kuri Kiosque kw’isoko nkuru ya Bujumbura, abakina akamari, abana banyu mubarungitseyo babaha urumogi bagaca basara. Abazwi babaha amahera abandi nabo canecane abana banyu babaha uducungwe, mandarena, utwo kurya tutabahagije bo ntibamenya kubera atabwenge baba bagifise gushika naho badatinya ijwi ry’inkoho. Garukire abana banyu, mubakundishe ishure kuko ivyo biheze bazobagora kurera, babaturirire amazu, imodoka zanyu, ivyo mutunze vyose kuko arivyo muriko mubatuma kwiga mw’ibarabara. Mukunde Polisi kuko si umwansi wanyu ahubwo mumenye ko muzomukenera abo bari mw’ibarabara nibabahindukirira barondera kubaho kuko abanyepolitike babahenda bazoba bakuyemwo akarenge bagiye kuraba abana babo iyo bari kwiga mumahanga. Impanuro zizobandanya.......

  • Kimwe NKuru Ntasubire Guhengeka Uburundi Nabe Umushngantahe Wijunja Nijambo Abe Nkumurundi Akunda Igihugu Nabenegihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.