IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Petero Karaveri Mbonimpa yaraye mw’ibohero

Petero Karaveri Mbonimpa yaraye mw’ibohero

vendredi 16 Rusama 2014

Petero Karaveri Mbonimpa yaraye mu gasho k’igiporisi c’inyamiramabi kw’i Jabe, akaba yafashwe n’umwe mu bakozi b’igendereza, igihe c’isaha zitandatu n’igice z’ijoro, ku kibuga c’indege ca Bujumbura, bikavugwa ko yari aroye i Nairobi ku mvo z’akazi.

Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabapfungwa APRODH akaba yahagaritswe ku mutahe w’umushikirizamanza atwara parake ya Bujumbura Archade Nimubona. Ico yagirizwa ntawurakimenya, ariko mukamenya ko yari asanzwe afise umutahe wo kuzitaba ku wa mbere w’indwi iza, igenekerezo rya 18 Rusama uwu mwaka, ndetse Mbonimpa akavuga ko yonawitavye.

Ariko amakuru amwe akavuga ko uwo arongoye rimwe mu mashirahamwe ataho yegamiye muri poritike yoba yagirizwa ivyo yari amaze iminsi ashikiriza mu binyamakuru bitandukanye, aho yavuga ibijanye n’umurwi w’urwaruka uri mu gihugu ca Kongo iharanira intwaro rusangi, uwo murwi nawo ukaba woba uriko ukoreshwa imyimenyerezo ya gisirikare, aho ndetse yanatanze n’amasanamu y’urwo rwaruka, aranavuga n’uwitwa Kazungu akorera igendereza ry’Uburundi yoba akorana n’uwo murwi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivy’uburundi navyo birarambiranye!
    Nibashaka bamurekure we yobakoraho!!!

  • sasita! zijoro!ndumiwe hooooooo yaratorotse kandi yavuze ko uvuga ukuri uyu muporisi ndamwemeye niumu comando mudu akazina kiwe munkuru yohanyuma

  • azize ya mafoto yakura kuri internet akagenda akwiragiza ngo nayimbonerakure zaguye muri Kongo!!!!!
    Dore aho yayakuye: http://wandimoyi.wordpress.com/2008/10/13/lapr-presente-en-rdc/#respond
    Petero yavuze ko uzotega imitego leta ari uzoyigwamo!!!!

  • Muburundi ntacoroshe! Kubwanje, ntakintangaza! Ikibabaje nuko abariko baratotezwa batazi ryari bazoruhurirwa! Iconzi nuko Imana itaraheba uburundi!

  • Komera mutam ukurikuracinda iryoniterabwoba barikukugirria izoninzavyi ntacozizoshikako ivyontivyubaka birasambura

  • Ariko hari ibintu abarundi tudatahura;mbega iy’umuntu aseruye ibitagendaneza kugira ababikora bikebuke amaraso ataraseseka inyungu nuko baca bamushiramw’ibuye?mana raba ibikenewekuri bamvuginyumvira ni wewe ushoboye kumucira urubanza nayo ababijejwe aha muburundi ni baniryo murakoze

  • Ariko hari ibintu abarundi tudatahura;mbega iy’umuntu aseruye ibitagendaneza kugira ababikora bikebuke amaraso ataraseseka inyungu nuko baca bamushiramw’ibuye?mana raba ibikenewekuri bamvuginyumvira ni wewe ushoboye kumucira urubanza nayo ababijejwe aha muburundi ni baniryo murakoze

  • HARAGEZE KO IMANA IGARUKIRA IGIHUGU C’UBURUNDI. MBEGA MANA TUZOKWAMA MUR BUNO BUZIMA?

  • A Ndabazi. Toi tu te fait passer avocat du Diable nous faisant croire que Mbonimpa a présente une photo qui ne correspond avec la réalité. Je te dirais que c’est plutôt toi qui vient d’utiliser la photo qu’il a présentée et de donner une adresse électronique où on peut la trouver. C’est très facile de créer un site et d’y mettre les photos présentées par Mbonimpa. Honte àtoi.

  • Ze murasama nk’umunwa w’isekuro emama ngw’ivy’Uburundi nirandambiye muraj’iyobitabarambira,abo vyarambiye boooose ntibigiriye!muracarindiriy’iki?hamvya Mukasi mur Canada n’abandi ntavuze nka J. M. K, A.S. Urabona n’uyoyar’acitse none ntawurusimbuka rwamubonye baramusubije hamwe BUYOYA yari yamusize,kuber’agway’imvunja k’umunwa. Ico gihugu kireker’abarindangwe bobo batunye bugatonbera,kuva 1965 mpaka Lei, mungali munajuta pole sana

  • ahubwo nibaguhashe kuko uri nkozo yikibi peee!! ntanisoni??ubunaho ntituronse umuco waho wakuye aryama foto!!ndashimiye ndabazi mugutanga umuco mbonimpa uradusaziye nabi!!! mbega kazungu mupfiki??

  • Ewe Arcade NIMUBONA ukorera cndd fdd , uzokwicuza inyuma ya 2015 ndakurahiye, aho gutumako KAZUNGU nabo bikorana muri ubwo bubisha bukabije uriko uhohotora mzee MBONIMPA PC, uwo mutama azoguhumira , umenye ko angana na so kandi Aho twese turakubona , ubwo bucamanza 2015 buzosubirwamwo haze des MAGISTRATS INTEGRES ET AVEC UNE MORALITE IRREPROCHABLE , bandanya ariko umunye neza ko: QUI SE SERT DE L’EPEE PERIRA PAR L’EPEE.
    - Ivyo muriko mukorera Abarundi IMANA RUSHOBORA VYOSE JEHOVAH IZE IBIBISHUZE

  • We Kimana nimbe uzi uko ivyo bigenda ubona iyo site yarakozwe ryari?
    None kurayo mafoto abo barundi nimbe ubazi ntiwomufasha ukavuga mazina yabo naho baturuka?erega woba unafashije abavyeyi babo bakamenya iyo abana babo bahereye.
    Ari iremenkanya Mbonimpa yakoze navyo nta gitangaje kuko burya nawe numurundi kdi subwambere yoba abigize: uribuka ivyo yashikirije MURI DOSSIER ABEL NSHIMIRIMANA !!!!!

  • Je nzobareka,mbeg’ah’upokomwa wewe wiyita Yako, uvuga nk’umwana koko, bubaza twebw’abakurambere twakuboney’izuba,ivyo bishasha utubgira bizofat’abantu biziza bisumb’ivyo twabonye 7965,69,89,91,93,2003 n’ibiki ?wob’uzi kahise ka 1995 muri Campus MUTANGA ?uwitwa WillyMadirisha w’inda ninikand’umu DD w’inguvu Ndu Edoi.Vache na bagenzi babo har’icobatakoze?nayo ngo 2015!hahaha rekareka bazotsinda neeeeza cane,duce dushigikira Rwasa nawe abe numéro deux namba. Batazosubira kumucamwo nka 2010. Abasigaye mibarindirir’aho twarindiririye 42ans, kibondo Yako n’a bagenzawe mwihangane nka Yobu dusomerwa muri bible.

  • A BUKURU ASMANI@, imvugo yawe ntaho itaniye niy’INTERAHAMWE naba FDLR, je nibaza ko uriko urarazirana canke uvuye mw’itiro ryagatangaza , ubu tugeze 2014, none uriko utubarira ivya 1965,69... et consort TU N’AS PAS HONTE MON CHER!!! TU VIENS DE MANQUE UNE BONNE OCCASION DE FERME TA BOUCHE, nimba uriko ukokeza intambara ubona hafi, canke ukumbuye ko abarundi basubira iMUTABIRA no muri CONGO kurwara Kwashiorcorps namacinya, urambabaje nimba uciyumvira uko, ariko nagira ndakubwire ko FRODEBU muri 1993 bavuga ko bazova kubutegetsi YEZU agarutse
    - TENEZ!!! LA POLITIQUE EST DYNAMIQUE ET ELLE N’EST PAS STATIQUE.

  • SHA NDI UMUNYARWANDA RIKO IBYABARUNDI BIASEKEJE TU! NONE SE NK’UYU AMAFOTO AYAKURA KURI INTERNET AKAYAKWIRAKWIZA NGO NI AYABARUNDI UBWO YUMVAGA ARUSHA NDE UBWENGE KOKO? IGIHE RURGANBA RWA M23 RWARI RUSHYUSHYE AYA MAFOTO YAGARAGAYE MU BINYAMAKURU AVUAGWA KO ARI AYA RDF. NONE NYUMA Y’U MWAKA HAFI NGO NI AYIMBONERAKURE. UBU KOKO UYU NAWE NI UMUSHINGANTAHE?

  • Mwitonde muvyo muvuga bizohera ubucamanza butigenga buzohinduka kuko ntakaburumusi ukuri jurazigwa .....yababose bavugukuri nka mbonimpa tworonsamahoro .mwibuke ko na Mandela yamanj gufugwa kugira igihugu kironke fridom ntaco twese twavutse ngo dupfe ......don,t talk to much ................Dod its not dd ......

  • Uwuntu afise ibitekerezo nkibi vya Pierre Claver akacayitwa ko arumukuru woguharanira agatekaa kamuntu na bapfungwa mugihugu, abanganya inguvu numurwi winyeshamba zingana 1,700 kukokeshi mwenaba bavuga kobaharanira agateka kamuntu baravuga rikijana mumakungu, arikorero kobimugendeye guti, ubukw’Isiyose bazokwama bakebura abakora mubijanye noguharanira agatekakamuntu bababwirako bakwiye kwirinda ntibamere nkuwaharanira agateka kamuntu mugihugu citwa u Burundi ngokuko ukotwamwuvyise twasanze ahoguharanira agateka kamuntu ahubwo yaragahungabanije.

  • komera karaveri, uwakubonye kwifoto yogira ko uri umushingantahe wijunja, nayo uri umushingantahe wihunja. Mbega sasita zijoro bagufashe bagufashe ugira uje kutuzanira ayandi masanamu ya m23 muri ondesi kiliba? Canke warugiye gutegera kazungu umufotore kuri rusizi? Hahahahaaaa umuvugishwa ati: uwuzotega imitego reta niwe azoyirwamwo, none uwuguyemwo. Umuvugishwa ati: uwuzotanguza intambara izoherera munzu iwe, sinduhije yatanguje intambara, iherera mungoro yumugambwe wiwe, ubu ariko yikinga ibisaka.Mutama abobantu wama uvugako bapfuye batabaho, ubuniwe uramukiwe kwereka umukondo ijuru.

  • Wewe wiyise SIHONDI Levis nibaza ko uvuga ivyo utazi canke naho ubigira nkana kugira udusamaze gusa.None ko wikangata ngo sasita zijoro yari agiye hehe ni ubwa mbere wumvise umuntu afata vol nocturne?Ni wewe wenyene yari kuri iyo ndege yayo masaha muvugako nabandi bameze nkawe comme si yari atorotse?Ministre wa transport yahaye uruhusha Kenya Airways rwo kurwa no kuva aeroport ayo masaha mwibaza ko ari ikijuju?Jewe nibaza ko iyo ashaka gutoroka yari kugenda na Sinduhije mwazibiye hose nkuwurondera umumenja ntimwigeze mumenya uko yagiye mwihaye amenyo y’abatwenzi muja kwambambira ababiligi ngo bamubahe mutazi uko yashitseyo.
    Ba mupima ivyo muvuga kandi mugire raisonnement yabantu bakuze kweli!!

  • Icyo kizehe kiyita igishingantahe gikoresha amafoto y’abandi m’ugusebya abantu nta rundi rwari rugikwiye uretse guherayo. Nta leta iriho nshigikiye ariko ushatse kuvuga ibitagenda neza ugomba kwerekana facts na evidence apana gukoresha amafoto y’abandi ngo bakunde bakwemera ko uzi gutohoza. UBURUNDI bwuzuye injiji gusa gusa

  • MBEGA MWABIJUJU VYA BARUNDI AHO MUTUKA CLAVER NGO ARABESHA EREGA IVYO MUNYEGEZA BIZOTEBA BIBONEKA NONE KO UMUNTU AVUZE IKINTU KITANEZEREZA UBUTEGETSI MUCA MUJA HEJURU , MWARABONYE ABAVUZE IVYO IMBONERAKURE ZIKORA MBEGA KO MUTAZIYAMIRIZA NI KUKI NONE ABANTU BOSE BOKOMERA INDURU RIMWE ATACO BABONA JEWE NIBAZA KO BITEBE BITEBUKE IGISUMA KIZOFATWA NUMUBANDANYE GUSESA AMARASO MUZE MURANYWA MWIRENZA MUMENYE IBINTU BITAKIRI IVYAKERA CPI IRABABONA KOMEZA URUGENDO NABO BIYITA NGO NI BA MAMA NIBIBANDANIRIZE.

  • Wowe wiyise umunyarwanda witwa AA mbere yuko uhimba ibintu ujye ugaragaza preuves. Ushobora gutanga internet link ou ikinyamakuru kigaragaza ko ayo mafoto Mbonimpa yatanze ari aya RDF, maze unerekane ahoo byanditswe ko ari ayabo. Uzabeshye abandi. Ariko uzi ko RDF igihe cya Kabila Senior yigeze kurwana na Angola, Namibie, Zimbabwe, Botswana, Sudan y’abarabu na Tchad byose icyarimwe, ariko ntibyabujije RDF d’occuper plus de 80 % ya territoire ya Congo. Ngo ni RDF, tu reves. Sinarinzi ko ushobora kwikirigita ukanaseka

  • Wewe witwa Ndabazi tu es un farceur. Wowe ivyo bifoto wabivanye he, yayayayaya. Official language mu Rwanda ntabwo bikiri igifaransa. Iriya carte d’identite ya Emmanuel Nkurunziza iri mu gifaransa, or ubu Urwanda rukoresha icongereza. Ikindi nacyo bariya bagabo ba m23 ou CNDP abenshi n’abagogwe cyangwa amoko y’ abarwandophone baba congolais bashatse kwita abanyarwanda aba no ku mupaka w’ urwanda, ikizwi n’uko bamwe bahoze mu gisirikare cy’inkotanyi baza gusubira iwabo gutera akavuyo, iyo connection niyo izanamo Urwanda, nubwo bavuga ikinyarwanda ce sont des congolais. Ayo makuru arashaje, ibyo les experts de l’ ONU ont pu remarque que amwe mu ma preuves Congo yatanze yayahimvye, kubera ama carte d’ identite yabo bantu yanditswe mu gifaransa kandi nta muntu ujya muri mission nkiriya ajanye ivyangombwa. Muzabeshe abafurero, apu.

  • Ni kangahe uwo Nyabusorongo yababwiyeko uwo musaza yapararanganye. Ni kangahe bababwiyeko ya mafoto berekana ngo ni aba fnl bareremba ku Rusizi yari amafoto ya genocide 1994 kuri Nyabarongo? Ni kangahe Nyabusorongo yababwiyeko imivyimba birirwa berekana ku ma internet baba ari abantu bapfuye urupfu rusanzwe hanyuma abo bagabo bomu Kibiri bakabazura bakaza kubata muri Tanganyika? Abo ni bo BA democrats murindiriye kuzahundaho amajwi babategeke? Abahutu turimwo ibijuju kabisa. Nyamba ari inda yaturenze, ntawobimenya. Irambire mutama Mbonimpa, uruziko uriko ukina abahutu bintama. Ariko umunsi umwe uzasanga vyarahindutse

  • Mwiriwe Nuko. iyi ni link ya propagande ya RDC. Iyi link niyo muri 2008, ico gihe m23 yari itaravuka, bari bacitwa CNDP ya General Nkunda, kandi numu congolais, n’ abasoda baba congolais bavuga ikinyarwanda barashwe igihe babimuraga babavanye muri kivu babajanye muyandi ma province, ariko kubera kwanka abacongolais bavuga ikinyarwanda babita abanyamahanga. Ayo mafoto ni polisi y’i Burundi yayahaye ibinyamakuru barangije barabesha ngo ni Mbonyimba wayabahaye, amafoto choquant ntabwo Polisi y’uburundi yoyereka ibinyamakuru. Dictature zo muri grand Lac turazi uko zikora. Ikindi naco, iyo enquete iriko irakorwa, ntabwo Polisi ishobora kunyanyagiza amafoto uko bishakiye dans les journaux kugirango bitabicira enquete, kuko baba bakirondera abandi bakoranye na Mbonimpa, abayamuhaye etc...

  • NDASHIMIRA UWITWA NUKO kuba yaduhaye LINK. Mbonimpa murabona ko ashaje nabi kuburyo atakimenya gutandukanya icyatsi nururo. amafoto ya M23 ARAMUKORAHO KUKO ABANGAMIYE UMUTEKANO WIGIHUGU. NIbafunge iyo ngegera.

  • wowe wiyise TAHA AKA ese wigeze wumva MBONIMA abeshyuza ibyaya mafoto. ese umurusha kubimenya cyangwa kubabara kuburyo wo atazi kwivugira. impavu atavuga ni uko nyene ariwe watanze ayo masanamu ya M23.

  • Ahubwo bari baragutebeje wa mutama we?? Ukaza kutwereka amasanamu ya M23 ngo ni Abarundi ushaka guta igihugu cacu mu kaga gusa asha ntibakurekure!!

  • Bwana Mutabazi, abobavuga yamuhe bidufasha gutahura abamufashije kurondera aryamafoto maze nawe kubera arumu BBC ( Birth Before Computer) nkanje,acaremera yemeza ivyatazi iyobiva niyo bija!. Narababwiye uwowese azokomeza kurondera ibinezereza ADC Ikibi, ibihembo vyiwe birateguye, kuko ukwavuga iko abariko ariyegeraniriza ibihembo vyokuzokwihemba. Harigitabo gikunzwe gusomwa nabantubeshi citwa Bibiliya nihoharumuntu yitwa Amani ivyoyibaza kobizomukiza nivyovyamukwegeye urupfu. Craver nawe ivyoyibaza kobigiye kumugira rurangiranywa kw’Isi, bimukwegeye kujanywa mu Mpimba.

  • Birateye Amakenga Adasanywe Kuko Niyaba Ayo Masanamu Ariho,vyemezwa Ko Iyo Nkuru Yoshobora Kuba Yo Kuko Photocopie Ifotora Ivyo Ihawe Biri Kurutondf,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.