Accueil > Amakuru > Ubutungane > Petero Karaveri Mbonimpa aridegemvya
Petero Karaveri Mbonimpa aridegemvya
mardi 28 Ndamukiza 2015
Umukuru w’ishirahamwe ryishinze kurwanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe APRODH ahejeje kurekurwa.
Petero Karaveri Mbonimpa yari yafashwe ku munsi w’ejo,afatirwa mu kigo c’abamenyeshamakuru.Yari yafashwe n’igipolisi gica kimujana mu rwego rw’igendereza aho yari yaraye ijoro ryiwe rya mbere.
Vyari vyitezwe ko arenguka uno munsi,imbere ya Parake nkuru muri Mairie ya Bujumbura ariko vyaciye bihinduka kuko ashobora kuba yumviririjwe mu biro bikuru vy’igendereza.
Umushingwamanza Fabiyano Segatwa amuburanira yari yabwira iradiyo Ijwi rya Amerika,ko uwo aburanira yafashwe ata mutahe wo kumuhagarika wasohowe,ngo ivyo navyo bikaba bitemewe n’amategeko.
Mwomenya ko Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe rimwe riri mu mashirahamwe adaharanira ivyicari vya politike adashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.
Messages
28 Ndamukiza 2015, 17:55, par DIRECTEUR
Imana ishimwe kuko uti inkoko ntuta icibitse.uwumwanka Imana imuhezagire.
28 Ndamukiza 2015, 18:06, par DIRECTEUR
UTINKOKO NTUTA ICIBITSE.ABO BARENGANYA ABANDI NABO BAMENYE KO UBUTUNGANE BUZOTEBA BUKIGENGA.
28 Ndamukiza 2015, 20:49, par Désiré
Mutama Niba Uharanira Agateka Kabapfunzwe Tugusabe Ureke Kudukwegera Gupfungwa Mukujana Mumigumuko Kugira Wironkere Amahera. Ntimubabajwe Nikiringo ca3 Mubabajwe Nintwaro Yabahutu Twabahinyuye.Ariko Reka Ivyo Mushaka Bice Mumatora Kandi Mubuze Kagame Kwivanga Muvyo Muburundi. Nkuko Rpa Ngozi Dimanche Yavugako Ingabo Zurwanda Zameze Magabo Kumipaka
28 Ndamukiza 2015, 23:14, par hutu
Wewe wandika ko mbonimpa ababajwe nintwaro zabahutu ntuzi mbonimpa acarico kandi nawe ntuzi urico urikintu kiringaho gusa
29 Ndamukiza 2015, 06:16, par Dave Kamaro
Uwo mutama nibamureke kuko ni umushingantahe abushitse Imana imurinde hamwe n’abo basangiye kurwanya akarenganyo kishe igihugu catwibarutse!
29 Ndamukiza 2015, 06:21, par Harera
Abasoda burwanda ni baza tuzobavugutira umuti,kandi uzosanga aribonyene bazosubira kwiterera igihugu cabo bibaza ngo baje gutera uburundi.nimba baryamiye magabo ntibibaze abuburundi barasinziriye!!!
29 Ndamukiza 2015, 09:17, par NDUWIMANA
MBONIMPA NUKURI JEWE NDABABAZWA NUKUNTU UTABONA KO MURIKO MURATA IGIHUGU MU MANGA ARIKO DUSANGA MUDAKUNDA IMIRYANGO YANYU KUKO MURIKO MURAWUTURIRA KUKO NTITUZOBIHANGANIRA.
29 Ndamukiza 2015, 09:37, par NDAYONGEJE FELIX
Bari umugabo yagiye guhamba Ukuri, atashe kwamutanze munzu iwe
29 Ndamukiza 2015, 09:40, par BUMWE
KOMERA MUTAMA DUKUNDA CANE,ABO NABO BAVUGA KO USHAKA AMAHERA,EGO REKA UYASHAKE ARIKO MUNZIRA NZIZA NTIWOMERA NKABO BAYASHAKA MUKUNYWA AMARASO YA BENE WABO.IMANA IKUZIGAME,ABO NABO NIBAKUMBURE BAMARAMARE OTHERWISE UMUTI URI KU ZIKO.ABO NABO BAGOMBA KWITWAZA AMOKO,BAMENYE KO IVYARI MAGERA VYAGERUYE.UBU ABARUNDI BARACIYE UBWENGE BARAZI UWUBARONDERERA ICIZA NUWUBAHIGIRA INABI.ABAHUTU N’ABATUSTI B’UMUTIMA BARAHARI,KOMERA KWIBANGA WIYEMEJE.
29 Ndamukiza 2015, 09:42, par Uwubizi
@Desire na Harera
Kagame n’ Abanyarwanda bahuriye he n’ ivyo mu Burundi ko ivyo ari ibijambo bikwizwa n’ interahamwe co kimwe n’ abandi bameze nka bo nk’uko kwanyu. Ni bo babwiye Peter ngo yice amategeko? Kwiba’ kwica abarundi ni Kagame yabimutumye? Iyo mwabuze ico muvuga muca muvyita ivy’ ubwoko. Nta n’ isoni mufise? Minani, Leonce, PC Mbonimpa, barya ba DD bamwiyamirije, abanyagihugu bari mu mabarabara bose ni abatutsi???? Barya Peter yishe bose ni abatutsi? Iyo yivye igihugu, ivyo biturire vyuzuye mu gihugu mwoba munyumvira bigira ingaruka ku batutsi gusa canke ni ku barundi bose??? Iyo turufu y’ ubwoko nti igikora. twarabahinyuye. Warumvise impanuro ya Président Ntibantunganya? Mbega yoba ari umututsi?
29 Ndamukiza 2015, 09:49, par BUMWE
AHAO NCUTI.BABWIRE IZO NERA ZUMVE.ABA FNL BICIWE MURI BUJUMBURA RURAL, BATAWE MURI RUVUBU,RWASA YAMA ARIKO ARAHIRWA N’ABATUTSI.ABO NI BAMWE TWITA" INERA" BIOSIGURA UMUGABO NIRYO!KOMERA KUZA MUDUFASHA GUHANURA.
29 Ndamukiza 2015, 09:53, par BUMWE
BARACA UMUGANI NGO "NTAWUVURA IMPENE INKUKI" ARIKO TUZOSENGA KUMBURE RUREMA AZOBIKORA.
29 Ndamukiza 2015, 10:01, par Jambo
@Harera
Abazi ingwano baraceceka,bipfuza ko itoba kuko atawukengera umwansi uwari wo wese mugabo wewe uvuga nkuko uzi ukuntu woyirangiza wigira ikimana,nube witonda uvuge wiyumviriye hama urye bike uryame kare.
5 Rusama 2015, 21:29, par Jimy kizito
C’est le tout puissant qui réglera cette mauvaise politique de nkurunziza et son équipe,tous cequ’ils font ne sont secret du polichinnelle.