Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Petero Nkurunziza abandanya kuvuga ko ashobora kuzokwitoza ku ncuro ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Petero Nkurunziza abandanya kuvuga ko ashobora kuzokwitoza ku ncuro ya (...)

Petero Nkurunziza abandanya kuvuga ko ashobora kuzokwitoza ku ncuro ya 3

mercredi 11 Ruheshi 2014

Ku mboneshakure n’insamirizi vyo hanze y’igihugu c’Uburundi, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza abandanya kumenyesha ko ashobora kuzokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu, naho hari abavuga ko yahejeje ibiringo. Inyuma y’aho abivugiye ku mboneshakure FRANCE 24, yongeye kubibwira BBC.

Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi yabaye nk’uwuvuga ko ashobora kwiyayamaza ku ncuro ya gatatu mu matora y’umukuru w’igihugu, n’aho abatavuga rumwe n’ubutegetsi, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike babandanya kuvuga ko vyoba bitubahirije ibwirizwa shingiro. Petero Nkurunziza yabwiye BBC ko bitoroshe gusigura neza ingingo iri mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi imubuza gusubira kwitoza. Ku bwiwe, umugambwe akomokamwo, ariwo CNDD-FDD, niwamusaba kuwuserukira mu matora ategekanijwe mu mwaka w’2015, hazoba hasigaye gusa ijambo rya sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.

Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi asubiriye gushikirije ko ashobora kuzokwitoza, mu gihe ata n’indwi imwe yari bwahere abivugiye ku mboneshakure FRANCE 24.

Mu kiganiro yatanze kuri iyo mboneshakure, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntiyahakanye ko atazokwitoza ubugira gatatu, akamenyesha ko arindiriye ijambo rya nyuma rizotangwa n’umugambwe wiwe CNDD FDD. Umumenyeshamakuru wa FRANCE 24 yabajije Petero Nkurunziza namba azokwitoza mu kiringo ca gatatu, kandi ibiringo yari arekuriwe bibiri vyaraheze, Petero Nkurunziza yishuye ko ibijanye n’ibiringo arekuriwe bizodadanurwa n’umurwi ujejwe gutegura amatora hamwe na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.

Umumenyeshamakuru yaratomoreye Petero Nkurunziza kuri ico kibazo amubaza ati : "Ariko wabishaka ?" Nawe amwishura ko naho yoba abishaka atariko bigenda, kuko ategerezwa kurindira ijambo rya nyuma ry’umugambwe wiwe CNDD FDD, ari nawo uzovuga namba womutanga kugira awuserukire, ariko wisunze ibwirizwa shingiro n’ibwirizwa rigenga amatora.


Egide Nduwimana

Messages

  • Narekere abandi kuko nibaza yuko ibiringo vyiwe vyarangiye kandi hariho abashoboye gutwara mumugambwe aturukamwo nivyiza rero ko yokwerekana akarorero akava kubutegetsi kuneza yuburundi nabarundi bose aho rero niho namakungu yoca abona ko muburundi demokarasi iriko iratsimbatara

  • IGIHAMBAYE SIBIRINGO!!!!!! IGIKOMEYE NUKOTURABA KO HARICO YAKOZE MUGIHUGU GITEZA IMBERE ABANYAGIHUGU GUSA!!!!!!! HAMA IVYONAVYO NITWEBWE ABANYAGIHUGU TUZOVYEREKANA!!!!!!!!! ATEZA IMBERE IGIHUGU NATWE TUMWONGERA GUTWARA, AZOPFA ARYA!!!!!!

  • None ngaho hari gishasha kirimwo ntibizwi ko ariwe azodutwara. Ahubwo naturemeshe atubwire neza ko azokwitoza imitima itekane.

  • niyibandanirize atwara mugabo azohava avaho yiruka nka bandi bose. wait and see.

  • None ko batinya ko yokwitoza? Jewe nagira bomureka akitoza hama uwudashaka kumutora akareka hama uwubishaka akamutora

  • Uwo mugabo agomba guta igihugu Mukaga!!!! abatutsi twavuga ngo batwara nabi ,none dd irasumbirije reka duhe uwundi mu hutu ata maraso Afise mumaboko Turabe !!!!! Vyanse Tuzoca Dusubiza UMUTUTSI WUMU CIVIL nAWE TURABE .

    YEZU DUSHIZE IGIHUGU CACU MUBIGANZA VYAWE .UDUKINGIRE

  • mvuga nkuwo Obama ariko na we Levis umenye ko tugendera ku mategeko ntubona ko habuze ijwi rimwe ngo constitution ihinduke!!!Amategeko niyo akora ntihakora rubanda nyamwinshi!!!!cuka ivyo vya majorite y abahutu ntibikora hooose...ba muba mu bantu!!!!

  • Ariko naho Levis uvuguko nibazeko arikubibona.Kandi ukubibona ntibisigurako waboneye cankuvugiy’abarundi barengimiliyo9 twobatugezekuyumusi.Ababizibo,ni abanyagihugubarenga70%muri bo ikigoyikirikokiriemeka.Bidasigurko,iterambereririwanyu atari mugihugucose.Gusa ico novuga,nuko mugiheCNDD-FDD yoba ifisumukandida1àprésenter pour la3èfois,mwavyabihangangevyose bamabatweretse kumafoto no ku mbneshakure,bakababafisuwumwe gusa!Emwe,barabeneza?Ubundinabobaracerewekweri.Et d’alleurs ukwonukwikemesha.Nonekwahoyaragejj twaritwahabonye,none ntakuntu yobisabandinabotukarabivyabo?Eregahashoborakuzanuwomurusha?Ukoza Brézil zatwawe ntitwabibonye?Aho Rulayashanyigihugu,ntitwahabonye?Nonabatwayimbere ya Rula,twovugakwabatejimbere igihugubarimwo???Abandibazobandanirizahoyaragejj bibayengombwabasuvyenaha.

  • je abagabo bo mukibiri no mumashirahamwe agwanya reta barantangaza gose!nagira yitoje niho mwoca mutsinda amatora kuko batosubira kumutora yabakoreye nabi.gutwo rero mwe mugaca mubasigurira imigambi yanyu hama babone kubatora.ariko jewe kweli nubwo mutekibuye rigasha ntajwi ryanje nobaha.ahubwo MZEE atitoje namatora tuzoca tuyareka.umve basha iyo twavuye nitwe tuhazi reka mutama atuyobore tubashe kwemegwa mumakungu tubashe kwambara imidari.yaba vyakunda nomutoje amaboko abiri.

  • Amasezerano ya frodebu na porona ariyo bis’aya Alusha jewe ntayo nzopfa nemeye kuko ntitwari bwaze n’ukuvuga rero ayo ntihagire n’uwuzoyagarukana muri CNDD FDD. UMUKURU w’Igihugu nawe nimwitonde mushir’imitima munda aracabatey’ubwoba mpaka yokwitoza yoreka muratsindwa ntagisivya, kandi buriya ntan’inguvu z’ikibi Adc, kuko sinumva ngene boooose bajugumira kuber’umunt’umwe gusa nabo ar’ubuhojojo bw’ingwiza misuzi n’umurongo noneho CNDD FDD izotanga Willy Madirisha na NKURUNZIZA Clément.ntabandi nti mut’ubwoko.

  • Kuba umukuru wigihugu n’akazi kanda akazi nako kama kagengwa n’amategeko kuba mpanuzwa jambo agafata titre yinararibonye mukwitwa :UwAHoZE ATWARA Je ndabibonamwo gutera tuja imbere. Ivyiza yakoze vyobandanywa n ’uyo wese azomukorera mungata ahandi ho ntaho twaba tuva ntanaho twoba tuja. BARInzi chiponda.

  • Kuba umukuru wigihugu n’akazi kanda akazi nako kama kagengwa n’amategeko kuba mpanuzwa jambo agafata titre yinararibonye mukwitwa :UwAHoZE ATWARA Je ndabibonamwo gutera tuja imbere. Ivyiza yakoze vyobandanywa n ’uyo wese azomukorera mungata ahandi ho ntaho twaba tuva ntanaho twoba tuja. BARInzi chiponda.

  • mbega iyoneza yamariye igihu niyihe?namba ariyo kwicat kwica abahutu.

  • turirabaduwara neza gusa nibavyumvikanemwo neza

  • Ewe Nkurunziza uranrdtohera! eka urandryohera vyukuri!!!ndagukunda bimwe bitavurwa. Iyowishura ibibazo naho urishurana ubwitonzi n’Imana igashima, nanje nkahezagirwa peeee!!!

  • NONE DD ICO ITOKORA KO YARENZE IHANIRO NI IGIKI????PETER AKUNDA IBIHUHA N AKAJAGARI KUGIRA IVYO YAKOZE NTIBIZOPFE BIMENYEKANYE MU BUTUNGANE..NONE KO ASHOBOYE GUHENDA ABAHUTU B IWE WAGIRA NTAZOTWARA MIRERE NA MIRERE GA SHA!!!!MBE YOHA CHANCE RWASA CANKE MINANI NGO BAHAVE BAMUKURAMWO!!!!EREGA ABA DD NTACO BAKERA BAMEZE NK INGURUBE VYOSE BARARYA...N AMATEGEKO!!!

  • Kuri levis nibaze yuko arivyiza kubona yoba yaratejeje imbere igihugu aariko nkuko nabivuze nuko mumugambwe wiwe asanzwe aturukamwo hatabuze incabwenge kumbure zishobora nogutezimbere kurusha nyakwubahwaa Nkurunziza rero nivyiza kubisikanya kubutegetsi ntabe nka ba Gaddaffi batejeje imbere igihugu mugabo munyuma bakaza kubona yuko ataco yamaze kubera kugungira kubutegetsi Imana ihezagire Uburundi naBarundi

  • NTawundi ashoboyegutwara uburundi atarimutama peter ahubwo nadutomorere nezakwazokwitoza turyoherwe ahoyankuye nijendahazi abonabo batabwoko nibatekereze

  • EMAMA NGO YADANDAJE FALCON 50, EMAMA NGO YISHE ABAHUTU 35 NGO ABATA MURUVUBU, EMAMA NGO YANYURUJE IMIRIYARIDI 15 ZOMUBUGANDE, EMAMA NGO YIGARURIYE AMATONGO YOSE MUGIHUGU, EMAMA NGO YIVYE AMAHERA YIGIHUGU NGO YUBAKA AMA STADE, EMAMA NGO NTAKAZI AKORA KIGIHUGU NGO ATARI UKWITERERA UMUPIRA, EMAMA NGO IBIBI VYOSE BIBA MUGIHUGU NGO NIWE BAYAZANE!!!!!!!!! NONE MWUMVA UYOMUNTU HARI UBWOBA YOBATERA MUMATORA, YAGIRIZWA IVYO VYOSE?????? NIMUSHIRE UBWOBA MWITEGURE GUHANGANWA NAWE MUZE MUMWEREKE KWATACO YAMARIYE ABANYAGIHUGU KANDI NAWE ATACO YIMARIYE!!!!!!! MURAKOZE

  • Mukinda mugaramye mwicara Son Excellence Peter NKURUNZIZA amategeko aramurekurira kwitoza mumatora ya 2015 kandi ukwo vyogenda kwose mwebwe opposition mukwiriye gukora ibishoboka kugira muzohiganwe nawe muzorinke namajwi namakeya kugira gouvernement ibemwo nabatava muri CNDD-FDD kugira bizogende neza nayo gutsinda CNDD-FDD vyovyo ntibishoboka

  • Mukinda mugaramye mwicara Son Excellence Peter NKURUNZIZA amategeko aramurekurira kwitoza mumatora ya 2015 kandi ukwo vyogenda kwose mwebwe opposition mukwiriye gukora ibishoboka kugira muzohiganwe nawe muzorinke namajwi namakeya kugira gouvernement ibemwo nabatava muri CNDD-FDD kugira bizogende neza nayo gutsinda CNDD-FDD vyovyo ntibishoboka

  • Ni bamureke yotoze hama uwumukunda abe ariwe azomutora uwumwanka nawe areke!!

  • Aho mworeka guta amajambo ga mwabanyagihugu mwe mbega uwo peter muhayagiza nigiki muburundi atokwirikiza amategeko??uwaribuze azoryumako aho muzotangara basha reka tubirabise amaso

  • Rwose umukuru wigihugu mu Burundi yemerewe kwitoza incyuro ebyiri yitorerwa nabaturange bonyini ubwabo.

  • NKURUNZIZA NAKINJURE INZIRA ZIKIGENDWA. SINON AZAVAHO ABURA INTAMA N’IBYUMA CG SE AHITEMO YIMIKE IGITUGU BURUNDU AKUREHO CENI N’AMATORA UBUNDI YINUMIRE NTAZONGERE NO KUVUGA KU MATORA AJYE AKORESHA PRESIDENTIAL DECREE ABADASHAKA BIYAHURE. MURAKOZE.

  • Jewe nisabire abanyamakuru b’IGIHE bagende batubarize hakiri kare muri Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro,kuko nimwakoresha izina rya prezida Nkurunziza Petero,ntibazobaha inyishu itomoye.Ariko muze mubahe nk’Agapfindo ati: Hari umukuru w’igihugu c’Uburundi yitwa KANGOYE BUSH yatowe muri 2005,atorwa n’abadepite ico gihe intambara ntiyari bwahere,hari hakigwana FNL.Hama muri 2010 prezida KANGOYE BUSH aca atorwa n’abanyagihugu kuko intambara yari yaheze.Ikibazo:None uyo prezida KANGOYE BUSH ararekuriwe kwitoza muri 2015 atangwa n’umugambwe wiwe canke ku giti ciwe? Muzoba mudufashije cane banyamakuru b’IGIHE canke abandi banyamakuru boshobora gushikira iyo Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro bakayibaza ico kibazo.

  • Now is gd.peter nkurunzi is gd man we cannot forgother that guy petr is one is best for burundian

  • None Petero Nkurunziza abuzwa n’iki kwitoza .Aho mwigira ibijuju rirya bwirizwanshingiro ntiritomoye? Umukuru w’igihugu kizira ko atogwa au suffrage universel trois fois none aratogwa au suffrage universel 3 fois? Canke mutinya iki ko mwama muvuga ko ataco yakoze mutinya guhiganwa nuwutaco yamaze ahoho vuga neza ico mushaka ubundi ntakimubuza kwitoza

  • NIBARA ARIBISHOKA YOGUMYEKO GUSHIKA YESU AGARUTSE .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.