Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu ahamagarirwa guhagarika itangwa ry’ikibanza ca 48,5 ha co (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Umukuru w’igihugu ahamagarirwa guhagarika itangwa ry’ikibanza ca 48,5 ha co (...)

Umukuru w’igihugu ahamagarirwa guhagarika itangwa ry’ikibanza ca 48,5 ha co mu Kagwema

lundi 23 Ntwarante 2015, par IGIHE

Nk’uko aherutse kubikora kuri ca kibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, mw’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire n’abanyonyeza amatungo ya Reta basaba umukuru w’igihugu guhagarika ingingo yo gutanga ikibanza c’amahegitari 48,5 kw’ishirahamwe Tanganyila Tile Industry.

JPEG - 77.4 ko
Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME

Mw’ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) bandikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bamusaba gutunganiriza imiryango irenga 91 yo ku mutumba Kagwema, muri komine Gihanga iri mu ntara ya Bubanza, imiryango ishobora kunyagwa amatongo yayo mu ntumbero yo kuyaha rya shirahamwe Tanganyika Tile Industry.

Muri urwo rwandiko rwa OLUCOME, bavuga ko abo banyagihugu bamaze kwandika inzandiko nyinshi basaba ko batonyagwa amatongo yabo. Mu rwandiko bandikiye musitanteri wa komine Gihanga, iyo miryango igizwe n’abantu bashika ku 500 yarerekanye neza ingene iryo tongo ritari irya komine. Abo banyagihugu bo ngaho mu Karwema bavuga ko mu mwaka w’1960 babaye muri ayo matongo ku mwami Mwambutsa, bayahawe biciye mu mategeko, mu mwaka w’1972 naho iyo miryango ikavuga ko yaciye ihunga intambara, isubira kugaruka mu matongo yabo mu mwaka w’1977.
Mu mwaka w’1978 bavuga ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Yohani Baptista Bagaza yaciye abashira muvyo bita ibigwati. Muri uwo mwaka nyene, nk’uko abanyagihugu b’aho mu karwema babivuga, buramatari wo mu ntara ya Bubanza, Eugene Sinzinkayo ari kumwe n’umujenama wa komine ariwe Ndabambarire hamwe n’abashingantahe baciye basaba abanyagihugu b’aho mu Karwema kwegeranya amazu yabo kugira bashobore kuronka aho barima hanini, ari naho umuryango umwe umwe wese waciye uronka iparasera hamwe n’itongo ryo kurimamwo. Igitangaza rero abo banyagihugu, ni iyo ngendo y’abategetsi ba komine b’ubu, bashaka kubanyaga amatongo yabo kandi ari Reta y’Uburundi yari yarayabahaye.
Mw’ishirahamwe OLUCOME bakavuga ko batangaye cane bumvise ko inama nshikiranganji yo kuwa 25 Ruhuhuma uno mwaka yafashe ingingo yo kwegurira ico kibanza ishirahamwe Tanganyika Tile Industry.

Iyo miryango rero ivuga ko idatahura ingene ukuntu umuryango umwe w’aba nyene iryo shirahamwe Tanganyika Tile Industry, basanzwe ari abo mu ntara ya Ngozi, woza kunyaga amatongo y’abanyagihugu bo mu Kagwema, kubwabo bakavuga ko hoba hari icinyegeje inyuma.

Mw’ishirahamwe OLUCOME basaba bashimitse umukuru w’igihugu c’Uburundi guhagarika iryo tangwa ry’ikibanza, nk’uko babikoze kuri ca kibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura aho cagomba gihabwe ishirahamwe ry’abashinwa, bagasaba umukuru w’igihugu ko yobanza kwiga ico kibazo c’abo banyagihugu bagira banyagwe kandi ayo matongo bayaronse biciye mu mategeko.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.