IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza aragabisha abo avuga ko bipfuza gusenyura (...)

Petero Nkurunziza aragabisha abo avuga ko bipfuza gusenyura inzego

vendredi 2 Rusama 2014

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arizeza ko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ritazohinduka, impinyanyuro zikenewe zikazokwigwa inyuma y’amatora. Petero Nkurunziza araremesha ko amatora azogenda neza, ariko akagabisha abo yagiriza ko batagishaka intwaro rusangi, mbere umukuru w’igihugu Petero Nkurunza akavuga ko mbere bipfuza no gusenyura inzego.

Mw’ijambo ryo ku munsi mukuru w’abakozi n’akazi, umukuru w’igihugu Petero Nkurunza yashikirije ko ibwirizwa ry’Uburundi ryatowe mu mwaka w’2005 ariryo rizokora gushika unyuma y’amatora, ariko akamenyesha ko zimwe mu ngingo zaryo zitakijanye n’ibihe Uburundi bugezemwo. "Ku bijanye n’ibwirizwa nshingiro, twashaka kumenyesha icese ko hagumye iryatowe n’abanyagihugu mu mwaka w’2005. Ibitashobotse guhinduka naho bimwe bitari bikijanye n’ibihe tugezemwo, bizohinyanyurwa inyuma y’amatora yo mu 2015."

Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza avuga ko ahumuriza abarundi n’amakungu, ababwira ko ata nzu iriko irasha, amatora azogenda neza gusumba ayo mu 1993, 2005 no mu 2010, naho ku bwiwe, bigaragara ko hariho abatagishaka intwaro rusangi, mbere bipfuza no gusenyura inzego. Petero Nkurunziza ati : "Abo nabo baciyumvira uko, turabakebuye kuko ntaho bitaniye n’ukwiyahura. Vyiza, ni batekereze batekane kuko nivyo bizobagirira akamaro, bo n’ababo."

PNG - 304.2 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ati : "Uwuzorukarisha ruzomumwa"

Muri iryo jambo, Petero Nkurunziza yarakariye abo avuga ko badashaka intwaro rusangi, abamenyesha ko atazobihanganira. "Reta igiye gukora ibishoboka vyose kugira tugwanye kandi dutuze abo bose bashaka gusubiza abarundi mu kahitiye aho vyoturuka hose, haba mu majambo, mu binyoma, mu marementanya, mu nzandiko canke mu bikorwa bigayitse vy’ubwicanyi n’amacakubiri, abo bose bamenye ko uwuzorukarisha ruzomumwa kandi ata ntambwe azoduterana, nayo abatega imitego Reta nibo bazoyirwamwo."


Egide Nduwimana

Messages

  • - Iyo umukuru wigihugu ariko avuga ko hari abashaka gusenyura inzego kandi batakigomba DEMOCRATIE abarundi benshi turitwengera kuvyo avuga nivyo umugambwe ukora.
    - Mbe ko yagomba guhindura ibwirizwa shingiro agakuramwo VISA DE L’ACCORD D’ARUSHA na ART 302 yashaka gushika kuki?
    - Mbega ko NDUWIMANA EDOUARD yirirwa arasambagura imigambwe , aho yovuga ko ariwe akunda DEMOCRATIE ?
    - Imbonerakure ko zihabwa ibirwanisho izuba ryaka, kugira zize zimare abantu 2015, aho PITA yovuga ko akunda DEMOCRATIE, ?Je ngira kuriwe ntaratahura democratie icarico
    - None ko HONORABLE BERNARD BUSOKOZA wamukuye kuko yari yanse ko uhindura CONSTITUTION ubu ntumaramara muhuye , kandi uriko uvuga ngo hazoguma CONSTITUTION DE 2005.PARADOXE
    - Nagire ndakubwire les PRINCIPES DE LA DEMOCRATIE
    1-BONNE GOUVERNANCE
    2-INDEPENDANCE DE LA MAGISTRATURE
    3-LIBERTE DE LA PRESSE ET D’EXPRESSION
    Reka rero kuduhenda abarundi nti turi ibijuju, twarabonye Ico wise DEMOCRATIE kubwawe numugambwe wawe CNDD FDD, ariko buraca bugacana ayandi, 2015 niheza , 10 ANS DE SOUFFRANCE IRAKWIYE ? URABISA ABANDI NABO BAGERAGEZE

  • Akaba akunda Uburundi asezere neza areke abandi bagerageze kuko il nous a montré ses limites kandi noneho igihe ciwe carangiye. Agende yikinire akabumbu.

  • Ayomajambo arajoborotse sana abandi ba President bavuga amajambo yokwongera. Imishahara abakozi nawo namajombo gusa yiterabwoba

  • Namaramire kugasozi asezere neza areke gupfana abantu ukwokwikanga amabinga nakwo abe aribagira yibazwa ivyo bakora ko twebwe abanyagihugu tutabibona??

  • Haaaa ntakiryama aguma yiyumvira kapolale ko agire asohokane akagozi?humura ntakapolale ntaba generale bakihari .kuryawamaze abantu ntibokuretse

  • Nkurunziza oyeeeeeeee!!!

  • Niwirambire mutama abo bavuga amateshwa ntaco baramenya bibwire ntivyumva uwutazi umuti awu nyako.ntibazi ko zikonwa zibweja.

  • Pls igihe murashirako namakomantaires atuka umukuru w’igihugu kabisa? Jewe hari ikintu nagirambazi. Abantu muganira nabanya Kibiri, mubona bakomeye neza mu mitwe canke? Naganiriye numwe umve uko yambwiye. Yavuze ngo sha " ni baba aba DD bashizeho Bunyoni tuzobatsinda, ati nuguca dutangura kwandika ko bakorana na batutsi" Naciye ndamubaza nti mbe Sibo mwahora mwagirizako ari abanyamacakubiri? Aca ambwira ngo muri politique 1 1 is not 2. Ati nugukoresha imikenyuro Yose. Nubu ndacatwenga

  • Ntawugiye ntawuzoza bose nabarundigusa azovahose mumenye ko abarundi bose bonse ibere ryubusuma nububeshi african no good

  • YAKO TUVUGABIMWE..ARIKO NTAGENDE GUSA ASUBIZE IVYO YIVYE NABO BIBANA,,KUKO NTA HANDI TUZOKURA AMAFRANGA YO GUTEZA IMBERE IGIHUGU ..ABO BICANYI ,ABASUMA,IBIJUJU NIBASUBIZE AHANDI HO NTACOKORWA..

  • Prezida est un homme de bien!ariko ko mushaka kutumva ibintu,amashure,ibitaro,amabarabr ...vyubatswe ntitubikesha nyakubahwa?ahubwo ashatse kwereka bamwe basimbira kwisunzu ry’inzu ko naho constitutio itohinduka ko ari confident ko abarundi bashima ivyo ariko ararangura.Ivy’imbonerakure navyo nimubishire hasi kuko zirajwe ishinga no kubaka igihugu kuko zarabonye amabi y’intambara.Yes we can!

  • Abategetsi bose bahora bihagararaho!!!! Turabimenyereye ejo wakumva ngo Peter yahunze!!!

  • Nti mufate minenerwe ayo majambo ndibuka igihe bafunga President Domitien hari havuzwe mwenayo majambo mbere ko nivyemezo bihari mwarabonye ivya kurikiye .nubu muzoba mumbwira

  • Peter ndakwemeye urababwiye natwe twese aba DD nanje naho ndi umuporona ndagushigikiye irambire utwara neza

  • muzotore neza barundi mo mahoro no mu mutekano ntangere.Dusenge ,dukore,ibisabisho nibikorwa vyacu nivyo bizodushikana imbere heza.
    Akazi kariho mu Burundi na kenshi .Merci.

  • Ivyo vyiso ukanura umengo ugire wiruke. hari akantu igihe bakwishuje falcon n ibindi vyibano bitagira igitigiri wicayeko. Aho simvuze abahutu benewanyu bo muri fnl ibihumbi n ibihumbi waciye imitwe ataco bazira. Sha hoho si ugukanura uzorira. Impera y amarorerwa wakoze iri hafi. Ayo ma coup d etat yoyo ari mu mutwe wawe.Iminsi 40 yashitse mugenzi.

  • Rwose ukwobizagendakwose ntabwobizakundako abarundi muzagumana uwo mu president Nkurunziza, ariko ikimbabajye nuko mutazigera muronka presidenti ameze nka Nkurunziza, ariko ntabwoshyatse kuvugako atabandi barundi bamezeneza bahari, kukondebeye kumukuruwigihugu wigihugu cyanjye ntuyemo iyavuze wumvawahita uhungarwose! Ariko uyunyuyu president Nkurunziza’ iyarikwavuga urumvamwo kworoshya ibintu nubwabaziko haribamwe bamubangamiye.

  • Ndagomba kubabwirako jewe ndumurundi womubwoko bwabatutsi kuri papa na mama, ariko ukombona imigambwe irimuriki gihugu cacu cuburundi CNDD FDD numwe mumigambwe urwiriyemwo abahutubeshi ariko ukongera ukarwiramwo abahutu bahisemwo vyukuri gukunda abatutsi kandi bakawidegemvyamwo ntawubareba igicure canke ngwabe nkingwati yabantu runaka, abahutu babonakwarumugambwe basangiye nabatutsi nabatwa, abatutsi bakabonako arumugambwe basangiye nabahutu nabatwa, nicogituma mubona abarundi bomubwoko bwabatutsi bakomeje kwirukira mwuwomugambwe kubwishi mbere ninawo mugambwe ufisemwo abarundi bomubwoko bwabatwa beshi, uravyembere ukobirikobirabonekana muyindimwaka irimbere uwomugambwe CNDD FDD ushobora kuzoba umugambwe wambere ufisemwo abatutsi beshi gusumvya iyindimigambwe irimuburundi, mperutse kubona nomumbonerakure abatutsi.

  • Sha buraca bugacanayandi abarundi ivyo imbonerakure na cndd bakora turabibone, wibazako cndd izikwibamajwi kurusha uprona? Ibikavyo vya nyakubahwapeter ntarusha buyoya nawe yara bisize abandi urubanzi utaribucindentiwirirwa uraburana. Nibarukurwanya abarundi turabimenyereye nabarundi bangahe bafungwa bakicwa bazizwa imigambwe cvangwa ivyiyunviro vyabo? Ahubwo cndd nibo bashaka gusubiza uburundi mukaga mungwano . Democracy akarorero nigeze kuja mozambiqueumugambwre renamo utavuga rumwe na reta ntamunywanyi wabo yigera anyuruzwa canke apfungwe. None muburundi democracy ya cndd niyahe? Cndd mumenyako nimana yashavuye kuguhemukira uburundi nabarundi 2015 niho inyishu muzoibona muziba na uprona yarivye irahewa.

  • KIRUNDO numva ndagukunze gose kuko ur,Umututsi avuga ukuri.Ariko ndakubaze mbega Uprona vyari bimeze gute imbere ya 62?Abahutu barimwo ubu barihe?urwo rukundo mukunda CNDD fdd ubu mwarukuyehe?imyaka yamaze kurugamba ba so wanyu bariko bakorera amashano angana iki Abahutu babaziza ngo bakorana ninyanka burundi?ikibagenza turakizi nkako wabivuze uti mu misi irimbere abatutsi bazoba ari benshi wibagiye kuvuga ko aribo bazoba bawuramutswa uwutabazi abita abagenzi.Mbwire gito canje icuwundi cumvireho.Urakoze yiba bumva burya waruvuze

  • komera mutama natwe kuva muducimbiri twose twuburundi turagushigikiye

  • KIRUNDO numva ndagukunze gose kuko ur,Umututsi avuga ukuri.Ariko ndakubaze mbega Uprona vyari bimeze gute imbere ya 62?Abahutu barimwo ubu barihe?urwo rukundo mukunda CNDD fdd ubu mwarukuyehe?imyaka yamaze kurugamba ba so wanyu bariko bakorera amashano angana iki Abahutu babaziza ngo bakorana ninyanka burundi?ikibagenza turakizi nkako wabivuze uti mu misi irimbere abatutsi bazoba ari benshi wibagiye kuvuga ko aribo bazoba bawuramutswa uwutabazi abita abagenzi.Mbwire gito canje icuwundi cumvireho.Urakoze yiba bumva burya waruvuze

  • WIRAMBIRE MUTAMA TURAZIKO TUGUSHIGIKIYE.KOMERAAAAAAA

  • King, nashaka kukubwira ko ivyovyose vyabayemurikahise mumugambwe UPRONA aba CNDD FDD babatutsi nabahutu na batwa barabivugana icesentawuhishe uyundi badahishanye, arinacogituma iyohagize abashaka kubacamwo babigenje nkomuriyomyaka ya 62 bababamaze kubibona ababatutsi babibwira abahutu ati ababantu bashaka kugiribintunkuko vyabanye mu 62? nabahutu bakabwira abatutsi gurtyo, mbekwabatutsi mushaka kudushirako ibibivyose mbe Leonce Ngendakumana yaraye yambitse inkonishushe bariya ba Gen 2 ba Bururi numututsi sumuhutu? CNDD FDD ifise abatutsi nabahutu nabatwa bazineza akahise kuburundi, ivyorero King avuga mumigambwe yobitabizi ntimushiremwo CNDD FDD murazobariza kwa Leonce Ngendakumana.

  • Ivyo mwokwandika vyose twese n’ukubiharuar neeeeeeza kuko jewe ndabona ko ng’Umushumba yatanze Shebuja gupfa,ndasavye ko mwebg’abamenyesha makuru mwohagarik’umuntu yiyita MUTOZWAJANA eka ni mukobgajana nyene ahubwo arakwiyi kwitwa mukobgazoro kuko Amacakubiri yaramunyegeye no m’umusokoro,jewe ndavye neza npomusaba ko twohurira kuri Facebook kugira tuvugane tubonana ndabe neeeeeza ko yob’ansuvy’Ubututsi dutohoze neeeeeeza na mpaka n’amamuko yacu n’aya ba Sokuruza bacu HAKUVUGA NABI WORYA NABI,HAKUGIR’INZIGO WOGIR’INZU IVA,kuriwe mbon’umeng’intambara aho yahitan’ivyacu n’abacu yaramuhitanije,kimwe yomenya n’ukw’INYENZI YISEMA YURIR’UMURUNDI W’INKOKO;agomb’asubire kudushuhurira kw’abo Bagabo baje bava......!?ntab’azi erega ntibaribagir’iyo bavuye!jewe ndavuga nti UMUKAMA N#azigam’UBURUNDI n’ABARUNDI.

  • urimbwa yumukoma mukuru wigihugu peter nkuruzinza.

  • NSABAKO UWOMUKURU WIGIHUGU ATO VUGA IBINTU BITERA UBWOBA ABANTU ARINDIRE ICO IMANA YATEGUYE SIO AWATISHHIE WANA ICHI NIKO DAR ES LAAM

  • Rekura papa urashasha ndake!

  • Rekura papa urasha ndake!

  • twebwe abarundi batobato nitwebwe tuzoca urubanza.ntanyungu yogusesa amaraso,imana ntiyemera kwicana.

  • twe twifuza amahoro gusa,ok

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.