Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Petero Nkurunziza avuga ko agashimwe yahawe ari iteka ry’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza avuga ko agashimwe yahawe ari iteka ry’igihugu

Petero Nkurunziza avuga ko agashimwe yahawe ari iteka ry’igihugu

vendredi 6 Ruheshi 2014

Agashimwe umukuru w’igihugu Petero yaherewe mu Bufaransa yagatahukanye kuri uwu wa gatanu. Petero Nkurunziza avuga ko ryabaye iteka ku basirikare, abaporisi, hamwe n’abanyagihugu bose b’abarundi.

Ishirahamwe mpuzamakungu rw’abasirikare baharanira amahoro (AISP : Association Internationale des Soldats de la Paix) rihurikiyemwo abasirikare n’abanyagihugu bakoreye ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuva mu mwaka w’1948 mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro, bakomoka mu bihugu birenga cumi na bitanu, ryarahawe agashimwe Petero Nkurunziza, kitiriwe "Intwazangabo iharanira amahoro n’ugutorera inyishu amatati" (Commandant du Soldat de la Paix). Akaba yabaye umukuru w’igihugu wa mbere ashikirijwe ako gashimwe yahawe mu birori vy’uguhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe inteko zo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU (Journée internationale des Casques bleus) wahimbajwe kuri uwu wa kane igenekerezo rya 5 Ruheshi 2014, i Paris, ku civugo "Une force pour la paix, une force pour le changement, une force pour l’avenir". Iryo shirahamwe rivuga ko ryahaye ako gashimwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bivanye n’ugushaka yama yerekana mu kurungika ingabo z’igihugu c’Uburundi kuva mu mwaka w’2007, mu bihugu biri mu ntambara nka Somaliya, Sudani, Haïti, Côte d’Ivoire, Centrafrique, batibagiye n’ibindi bihugu birungikwamwo abahinga b’abarorerezi b’abarundi nka Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Siriya n’ahandi. Uburundi bukaba rero bushimirwa kuko izo ngabo n’abo barorerezi bigenza neza mu bikorwa bashingwa.

Ku kibuga c’indege ca Bujumbura, aganutse ava mu gihugu c’Ubufaransa, Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ari akanyamuneza n’iteka ku basirikare, abaporisi n’abanyagihugu b’abarundi, yongera amenyesha ko Uburundi bwiteguriye kuzokwama bufasha aho hose bizoba bikenewe, mu kugarukana amahoro n’umutekano.

Mwokwibuka ko hategekanijwe izindi ngabo z’abarundi 730 ziriko zitegurira kurungikwa mu gihugu ca Centrafrika, gusangayo abandi barungitsweyo mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro.


Egide Nduwimana

Messages

  • Muraduteye iteka mutama Imana ibongere imigisha itagabanije!! Abandi naho bovuma mugabo Imana igume ihezagire mu maso yabo bose babireba

  • nonekwavugako.aritekakubarunditwese,ayomaherabamuhaye,nangahe?,arategekanya,kuyaduhako,kwinzara,igiritwiche

  • Asha uyu musi ya vendredi vert twayikubise hasi naho yarisanzwe iri hasi

  • Sebarundi araduteyiteka nakare sibwobwambere abarundi nicutizacu turavyishimiye gose. Pacifique Nininahazwe nawe mumezimakeya aheze arikuri kabizi yavuzengo kubera umutego arikwarategura wogutega igihugu ciwe cuburundi ngwabasirikare bu Burundi ngo UNU igiye kubirukana iyobagiye gufasha hose kugarukana amahoro. Ntiyagarukirijaho yarongeye arabisubiramwo gato kwi radio Isanganiro mukiganiro kimwe yariyahuriyemwo numushingamateka umwe, na Leonce Ngendakumana, nuyundi muntu arongoye ishirahamwe ridaharanira ivyicaro muri reta, nuyundi muhinga, Pacifique rero yarabivuze yeruye ngo amakungu ashiruburundi uyumusi mubihugu umwanyawariwowose ubwicanyi bushobora gutangura ngombere nabasirikare bavugako bagiye mubutumwa bwa ONU ngobigumwe nkuko tubibona bazobirukana ntakibuza. Pacifique ivyoyavuga vyokwirukana abasirikare iyobari mubihugu bitandukanye ahubwo barabashimiye babicishije mukwambika umudare Commandament wabo umukuru wigihgu cuburundi, ikindi cokumaramaza Pacifique abasoda bigihugu cacu ahokubirukana iyobagiye gufasha kugarukana amahoro ahubwo amakungu ariko arasaba uburundi burungike abandi basoda, nubu abasoda bataribake baragabirije kuja mubutumwa bwa ONU. Pacifique ndagusaba uzokwuvirizeneza indirimbo y’ihugu cuburundi amajambo ayigize maze ntuzokwiteho umuziki uzokurikirane amajambo ayigize ndibaza bizogufasha kwitaho gushigikira igihugu cawe.

  • Erega Pacifique ntakindi yoshobora atari ico!! Imana yaraye ibamaramaje izuba ryaka aho avuga ko bigiye gucika bigaca bimucikirako nkuko aguma avyatura bizokwama bimucikirako kuko na le 17 juin hari akandi gashimwe Nyenecubahiro Mukuru w’igihugu cacu azogenda gutora. Umwansi agucira icobo Imana ikagucira icanzo!!

  • Ariko ayo mafoto nayukuri ncanke?muburundi bubamwo ibigugu ???wobarira gute ko abwira abantu ngoyazanye agashimwe katagira agaciro nakamwe ?yahawe nabakukuruke babafarasa hanyuma umurundi agakoma amashi ???mwuva turibazima???jewe ndibaza ryari umurundi azoca akenge?aho kwama akoma amashi ,akubita isari, afukama, ewe DD genda urazikugira abantu ibijuju kweri

  • urandutey iteka mutam niwirambire abonab bavum nuko babuze ukobagira kandi igihugu ntigitwara uwariwe wese .ayo mahera nayo ushaka bayakuzanire utayakorere urahomba

  • Ariko Nkuruziza yibaza ko abarundi ari ibijuju. yarungitse abantu bamukorera ngo bagende bamugurire agashimwe ngo azokoresha mu matora ngo yereke abarundi ko amakungu amwizera,Yibaza ko abarundi tutabizi. uyu mu presida nta kintu akora uretse kwirirwa atoteza abo batavuga rumwe hamwe no no kugabura imigambwe. Uburundi bwubu butwarwa nkuko micombero canke buyoya yabutwara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.