IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza yatowe nk’uwuharanira amahoro (Commandant du Soldat de la (...)

Petero Nkurunziza yatowe nk’uwuharanira amahoro (Commandant du Soldat de la Paix)

mardi 3 Ruheshi 2014

Mu birori vy’uguhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU uzohimbazwa kuri uwu wa kane igenekerezo rya 5 Ruheshi 2014 mu gisagara ca Paris, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azohabwa urugori rw’umukuru w’igihugu aharanira amahoro (Grand Croix de la commémorative de la Paix)

Ishirahamwe mpuzamakungu rw’abasirikare baharanira amahoro rizoshikiriza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, kuri uwu wa kane, agashimwe kitiriwe "Intwazangabo iharanira amahoro n’ugutorera inyishu amatati" (Commandant du Soldat de la Paix), akazoba abaye umukuru w’igihugu wa mbere ashikirijwe urwo rugori. Ivyo birori bizobera mu gisagara ca Paris mu gihugu c’Ubufaransa, mu kigo c’ishirahamwe UNESCO kuri uwu wa kane w’igenekerezo rya 5 Ruheshi 2014, mu birori vy’uguhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe inteko zo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU (Journée internationale des Casques bleus) uzohimbazwa ku civugo "Une force pour la paix, une force pour le changement, une force pour l’avenir"

Iryo shirahamwe mpuzamakungu AISP (Association Internationale des Soldats de la Paix) ryagomwe umukuru w’igihugu Petero Nurunziza ryatanguye gukora kw’igenekerezo rya 19 Munyonyo 1988. Rihurikiyemwo abasirikare n’abanyagihugu bakoreye ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuva mu mwaka w’1948 mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro, bakomoka mu bihugu birenga cumi na bitanu arivyo Autriche, Ububirigi, Ubufaransa, Canada, Danemark, Finlande, Mongolie, Hongre, Irlande, Norvège, Pays-Bas, Pologne, Sénégal, Slovaquie, Suède, Ukraine, hamwe n’abandi banywanyi b’iryo shirahamwe AISP bakomoka mu bihugu nk’Ubudagi, Reta zunze ubumwe za Amerika, Ghana, Ubwongereza, Iles Fidji na Liban.

Petero Nkurunziza niwe mukuru w’igihugu wa mbere ahawe ako gashimwe bavuga ko kitiriwe uwuharanira amahoro uko bishoboka kwose kw’isi "Artisan de la paix à tout prix", bivanye n’ugushaka yama yerekana mu kurungika ingabo z’igihugu c’Uburundi kuva mu mwaka w’2007 mu bihugu biri mu ntambara nka Somaliya, Sudani, Haïti, Côte d’Ivoire, Centrafrique, batibagiye n’ibindi bihugu birungikwamwo abahinga b’abarorerezi b’abarundi nka Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Siriya n’ahandi. Uburundi bukaba rero bushimirwa kuko izo ngabo n’abo barorerezi bigenza neza mu bikorwa bashingwa.


Egide Nduwimana

Messages

  • TURABAKEJE SEBARUNDI PETERO NKURUNZIZA, KWITEKA MWITERA MUKARITERA NIGIHUGU NABAKIBAMWO. UYOMUDARI BUCA MWAKIRA UBU ADC-IKIBIRI IRIKO IROTOTWA KUBONA ATACO IMARIYE ABANWANYI BAYO, NAYABANDI BARIKWIJE. KOMERA NYAKUBAHWA UBUSHIMWE BURI INYUMA YA 2015 NTIMUZORONKA AHO MUBUSHIRA.

  • Erega amakungu arabona ibikoreka mu Burundi nubwo abavyonzi batabishima. Turabakeje cane SEBARUNDI komera ku muheto ubandanye uronderera ineza Igihugu cacu ibikorwa vyanyu turabishima cane!!!

  • Emwe ntawutobishima. Aragehezagirwa n’umuremyi kuko araduteye iteka. None ubu naho ba bandi ntavuze baca bavuga iki? Ngo ariko aratanga ibigwanisho!!! None ako gashimwe kitiriwe Uwitanze na ntaryo mu guharanira amahoro n’umutekano kw’isi murumva uwagatanze yahaye agaciro akahe bamwe baguma badondekeranya amakuru acafuza igihugu cacu gusa kandi atashingiro afise! Mama ngo gushira umukono kurwandiko rusaba amatohoza!! Amatohoza ku biki?? Emwe heba muve ibuzimu muje i buntu barabajinjibuye. Kandi twomenya ko ako gashimwe gatanwze n’urwego rumwe mu zigize ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimwe nyene bacishamwo ya makuru "câble" ataho afatiye.

  • umukuru wi gihugu oyeeeeeeeeeeeeeee nikoko ubaye uwa 1mumyaka yose iheze batwara.nanje ndongeye ko ati ONGEA MZEEE

  • Muta urakwiye no kwitoza ubugira 3 abasara basare bangare kabisa. si tu es le premier a gagner ce prix alors nibakureke ubandanye ubutegetsi mpaka muri 2020 abangara bangare.

  • NAMBA YARONSE PRIX KUKO ARUNGIKA ABASODA MUBINDI BIHUGU NAHONE UGIRA NUGUKUNDANA ARABONA INTERET ARONKA NAYO IVYA MAHORO YAHARANIYE TURABIBONA MUHENDA NDE ? ABATABONA.

  • Égide nduwimana uzovuga make kuko abegereye uwo uhayagiza haribamga Bazi kuri ubwo bushimwe butangwa!UWUTARANIGwA agaramye avuga ngo ijuru riri hafi!!! Attention au cadeau poisonee ko aharanira amahoro natabare atubwire ubutunzi bwiwe uko bungana nkuko ibwirizwa ribivuga. Ntako Buyoya yakoze ibibi yaremeye aho intahe ishije ngaho na Malawi biteye agateka baremera iryabanyagihugu bavuze.wawundi ati intwaro yubu ifise umu licencié umwe ntiyabeshe.iyaba hariho abandi ntanduru twokwumvise none ntawundi abasigaye bize umutwenzi kwa De!AkO GASHIMWE URONSE WIGORE WEREKANE KO KARI KAGUKWIYe UZE WURURURUKE INDEGE MUBAZOGUSANGANIRA P.C MBONIMPA AZOBe Arimwo. Nahandi 2015 itubikiye vyishi.

  • Vive nyakwubahwa president wigihugu gituranyi cyu Burundi Pierre Nkurunziza ndagukeje ningabo zigihugu urongoye kandi unazibereye Commandant, nanjye nubwontarumurundi Nkurunziza nicyitegererezo rwose cyokimwe ningabo zuburundi, Byumwihariko ndakeje uburundi nabarundi.Nkurunziza tuzama tugutangaho akarorero mumahangayose kubwimyifatire yawe.

  • Abarundi dukwiye kumenya uko twifata nivyo tuvuga,ivyo twatura,tuvuga ijoro n’umurango nivyo tuzoronka. Muvuga amahoro azoza,ari ntambara naho nyene izoza so bibabere uko mwizeye.

  • WEWE WIYISE MUYINGO, URATEYE UMUKOSHI UMUKURU WIGIHUGU KUBONA UVUGAKO MUBAZOMUTEGERA MBONIMPA YOBA ARIMWO. URYA MUTAMA UBWENGE BWIWE BWAHINDUTSE UBWO URUYOYO NIWE YOJA KUMWAKIRA??????????????? ARAZOKWAMA AJA KWAKIRA KAZUNGU KUMUPAKA AVUYE ONDESI KILIBA KUKO ARIVYO ASHOBOYE!!!!!!!!!!!!!! PETERO KARAVERI UMUDANDAZA WIBIZIGA HAHAHAHAAAAAA IMIZIMU YAMUBITSE MUMPIMBA POLE

  • pacific, vital, pierre claver na gabrielle rufyiri gute nako gashimwe umukuru wigihugu yaronse?????????????? Ico nikimenyetso kimwe mubindi vyinshi vyerekana ko ivyo mutryoza umukuru wigihugu mugusaba isukari abazungu kandi muburundi tuyirima atarivyo? ndetse namakungu atabifatirako! Ataruko naho ngira iryo nshirahamwe rizotanga ako gashimwe, ntimwari bwarishire amafoto ya jenoside yo mu rwanda muyitirira ngubwicanyi bwakozwe na leta yuburundi!!!!!!!!! Umukuru wigihugu yavuze ati: reka abavuga bavuge kuko batagira icobakora, hamanatwe tuje kukivi, ingaruka yugukora nugushimirwa. Agashimwe kibimaramare tukambitse abo bashingantahe bane twatanguye kuvuga amazina yabo huhuhuhuhuuuu.

  • dusavye amaradiyo kuzogira urunani(sinereji) mugushikiriza amakuru yako gashimwe karonkejwe umukuru wigihugu!!!!!!!!!!! atarikwama twumva sinereji yibiziga. canke bagire ikiganiro kidasanzwe cako gashimwe!!!!!!!!

  • Fallait trouver meilleure photo! Habillement laisse àdésirer! Un polo avec col sous un "Abacost"!! Où était le conseiller en matière vestimentaire, s’il en existe un!?

  • Ego Nukuri Turabyisimiye!

  • Ako gashimwe ni uruhendo ngo aharanira amahoro naho ari uguharanira amaronko. Kurungika abasoda mu bindi bihugu Nico agaherewe kandi hanini ntibabarungika kubera gukunda amahoro ni ukugira bahatorere akajisho kubera ama dollars baronka n’izindi mfashanyo bijanye baca bashira mu mifuko yabo. Ngo aharanira amahoro tuzi ingene abantu birirwa bagandagurwa bunyamaswa n’igipolisi gitwarwa mu biro iwe ariko ntihagire ico yigera avuga bigaca vyumvikana ko ari w aba yabibatumye canke ko abakingira ikibaba. Ako gashimwe muri make ni ugukora mu nkovu abarundi benshi bamaze guhekurwa n’abajejwe kubakingira batwarwa na Nkurunziza.

  • Nimbahawe ako kwicya abanyagihugu!!d

  • Hahaha jimmy uraja ubice naw urabe ko bokaguha Buyoya ntiyamaze abantu ko batakamuhaye!! Eka nawe uri mujeri kabisa!!

  • Zaaaaa ziiiiii ,yaaaa DD izompuzu yambaye aratumaramaza umukuru wigihugu!!!!!????YaaaaDD nukwambaraneza vyanke?????muraraba mutama Mugabe 90ans ?? EweDD ntacomushoboye kabisaaaa atari bibi gusa

  • Oh,uk kuduhuvya!abarundi twarababay!agagshimwe claver bahay uw sebarund wub?naw ar mugash?

  • Impuzu nziza zarizazindi Adamu na Eva bambara bataracumuru igihe bari muriryatongo rya Edeni, nayo kuvamaryabavyeyi bacubacumuye nicogihe ubwibone bwaciye butangutara nabwo bubonekera murivyishi tutibagiwe nizinyambaro turata, wewe rero ubonako pewrzida yambaye nabi ivyonivyawe Ariko warikwiye kutubwira impuzunziza Imana ishaka ko perezida wacu yokwambara, niyaba impuzu Mugabe wa Zimbabwe yambara arizo zemewe n’Imana turaheza tugufashe urworugamba rwimpuzu perezida yambara ugombutanguze.

  • Ingabo ahazirungika ni heshi bibagiye Kiliba ONDES, mwaba na Cimuka!!!!Izo ngabo arumgika mumakungu kwataziditiye confiance yizeye Imbonerskure!!!Izozo nibikanganyoni nimba atabizi!!!Wamugabo wagacube niyigumire kundaya gusa ngwarabimurabira azotangara in the near future!

  • reka kumutera amashugwe abategetsi nti mubna ingene bambara muga mura mutahura bivana naho yavukiye mbona adasiba hanze none nta stire eba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.