Accueil > Poritike > Imigambwe > Petero Nkurunziza yashikanye ibisabwa muri CENI mu kwiyamamariza ikiringo (...)
Petero Nkurunziza yashikanye ibisabwa muri CENI mu kwiyamamariza ikiringo ca 3
vendredi 8 Rusama 2015
Petero Nkurunziza , yatwaye ibimuranga mu murwi ujejwe gutegura amatora CENI kugira aze ahiganwe mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije.
- Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatwaye ibimuranga mu murwi ujejwe gutegura amatora CENI
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yatwaye amafaranga imiriyoni 15 z’ingwati n’ibindi bimuranga muri uyo murwi, kuri uyu wa 8 Rusama. Iyo ngwati nayo akaba azoyasubizwa mu gihe yoronka amajwi kuva kuri atanu kw’ijana, mu matora y’umukuru w’igihugu. Petero Nkurunziza, akaba yatwaye ivyangombwa bimuha uburenganzira bwo guhiganwa muri ayo matora, mu gihe abarundi bo mu ntara zitandukanye bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ciwe kigira gatatu.
Ukwo kwitoza kwiwe, kandi kukaba kumaze kwiyamirizwa n’abatiri bake yaba abo mu bihugu vya rutura nka Reta zunzubumwe z’Amerika, Ubwongereza, ubumwe bwa Buraya, Ubumwe bw’Afrika n’ibindi. Imyiyerekano nayo yo kumwiyamiriza, ikaba imaze guhitana abantu batari munsi ya 15, mu gisagara ca Bujumbura, no hagati mu gihugu.
Aristide Nizigire
Messages
8 Rusama 2015, 13:47, par NZOYISABA
IGIKURU N’UKO BOTUZA TUKARINDIRA AMATORA HAGATWARA UWASIZWE IMBERE KUKO AKAJAGARI NTAHO KAZODUSHITSA
8 Rusama 2015, 13:49, par ok
wa mugabo ntabaho ndakurahiye
8 Rusama 2015, 13:51, par nwari Denise
Jewe ngira yaramaze kusara huuuu ariko umuntu à râgas habira kuta umuryago wiwe mukaga abibona ntabona KO buca dutagura kukora kuka komo kibere rya Denise kadi tutabisha umuduhe kuguvu???akosakamaramaza wewe ndakurahiye uriko uriyahura kandi ntamisi isigaye à dieu
8 Rusama 2015, 13:59, par Aloys
mwasaze nneho mbe ntakumaramara kukibaho?kubwanje nari gutegeka urya mugwi ukavuga ko ntkurikije amategeko nkaca niviraho mu mutekano.mbe non azokwiyamamaza avuga iki imbere y abanyagihugu?igitoro azoba akizanye,ubukene azoca abuheza?umutekano uzoba ukwiye?naryame gato nyenicubahiro asuzume neza ivyazovuga ko bazomwumviriza
8 Rusama 2015, 14:03, par EZECHIER SABIYUMVA
NOSABA,YUKO,NKURUNZIZA,YOREKA,KUGARARIZAKUKU,AMATEGEKONTABIMUREKURIRA,GUSUBIRAKWITOZA,MBE!KO,AGOMBA,ADUSUBIZEMUNTAMBARA,YIBAZAKONAWE,ATAZOHAHOMBERA,IMANA,IMUBABARIRE,CANEKUKONTAZI,ICO,AKORA.
8 Rusama 2015, 14:07, par BIZOHINDUKA
None ga yemwe azotwara igihugu kidashigikiwe n amakungu hanyuma agishikanehe?twari twiteze ko yotubera le 1er président africain à céder le pouvoir pacifiquement none aratudecevye.birabaje kabisa!!!
8 Rusama 2015, 14:08, par Iyumenya
Nyamwanka ikimuhanura niwe nyakubura ikimuhamba.
8 Rusama 2015, 14:17, par Zachéé
Ibi Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza ariko arakora, abarundi basemererera, Amakungu asemerera no mugereranya na ya mpogwa yari mu kigori, baybwiye bati " Va muri ico kigori kigira gitekwe" nayo iti "iki kigori sindakivamwo" Amaherezo yaruhiye guturirwa. None aba bantu babandanya bashira amajwi hejuru bati nasigeho kuri we ni abasazi? None azoba umukuru w’abari mu mugambwe wiwe gusa? Ivy’ugutorwa vyo nta nkeka azotorwa, ariko azotwarira he? Akarere ntikamushigikiye, ubumwe bwa Afrika ntibumushigikiye, ubumwe bwa Bulaya ntibumushikiye, Umuryango w’abibumvye ntumushigikiye. Uyu muntu hoba hari ikindi azaniye abarundi atiri akaga? Reka tubitege amaso, kazoza kazobitwereka!
8 Rusama 2015, 14:48, par I
Amahanga yarimazimisi yumviriza ibihangange naboroheje bavugacaneko Nkurunziza atemerewe kwitoza ngoyob’arenze amategeyo, ayomahangarero yariziko abayabwirako Nkurunziza atemerewe kwitoza koboba baribarasomye nezana ukwo ibwirizwashingiro ryanditse nukoripanze vyukuri, ariko kubera amahanga yaririndiriye icosentare yubahiriza ibwirizwanshingi abivugako bakababaraye baciye urubanza ayomahanga ubunicogituma mugiyekubona agiyegutangura guhibdura imvugo kukoyamenye ukuri nyakwo. Ariko kubera ingorane zigendazisibanganya ibihugu vy’Afrika keshi habahariho ibihuguvyibihangange vyinyegejinyuma mukugira ingorane zikomezekwiyongera ahozibazadutse murashobora kuzonabona ibihugu bizoguma bikokeza mukudaha agaciro ivyemejwe nasentare yubahiriza ibwirizwashingiro.
8 Rusama 2015, 15:11, par jobsnikuze
nkurunziza nareke icaka co gutwara kko aracri muto kndi amaraso yabarundi azoyabazwe.
8 Rusama 2015, 15:26, par baroga kwishi
Ndatwenze ndatwenze kandi musi y ikoti yambaye ishati ya ba pastor. Non il est malade, il est malade. il faut ko ba mu stopa agomba guduhitana. En fait muri fantaisie yiwe abona gusa ko ariwe atawundi., ivyo nakazi ka Basoda ubu iki kibazo kiraturengeye nayo amakungu il s enfout erega ntaco barondera mu Burundi. Ni twebwe abarundi tutegerezwa ku mu stopa agwaye mu mutwe sa makosa yiwe.
8 Rusama 2015, 15:31, par Alain barayambara
Na komere tuzomutora
8 Rusama 2015, 15:52, par Kanatsinda
Nzokinada nirorera! Nibabure kuva mu mabarabara basubire ku mirimo. Nta PAM canke HCR izoza kubagaburira.
8 Rusama 2015, 17:31, par Ndimukaga
Apfa canke akira, Nkurunziza sait bien que son Pays est souverain et que c est lui qui a le dernier mot sur le Burundi s il se considere toujours comme President de la Republique. Ibizova mu matora muravyemera uko, kuko inzego zose z’Igihugu zikimushigikiye. Umusi zizomukurako amaboko, ce sera votre tour mais presentement mukureyo amaso et calmez vos partisans! Le flou, dira t on, de la Constitution est aussi alle a sa faveur, none mushaka akore iki vyukuri ? Kumwica nta kamaro, kumukorera coup d’Etat navyo ntibinyaye. Nimumureke yimaze ubute kuko n izindi ndongozi z’Uburundi niko zodutwara kandi niko mwozishirako nazo akagaragazo, ivyo turabimenyereye mu Gihugu. Dommage pour les degats materiels et en perte de vies humaines. Ca vient gonfler le chiffre des martyrs-victimes de la mauvaise gouvernance a laquelle le Burundi fait face depuis son accession à l’Independance. Dirigeants, leaders et acteurs politiques, fonctionnaires d’Etat, simples citoyens et paysans, y ont passe. Il est cependant grand temps que cela arrete en privilegiant la voie du dialogue! La repression a toujours ete l arme fatal des dirigeants tyranniques burundais, il faut abdiquer cet acte odieux en punissant d une façon exemplaire leurs auteurs, sinon on ne sortira jamais de cette bisbille qui emporte toujours avec elle des innocents!
8 Rusama 2015, 17:42, par nduwimana Egide
Nukuri niyitoze kandi arabikwiye
8 Rusama 2015, 17:49, par Bukuru Asmani
Turamushimiye kuciyumviro ciwe ,ico tumusavye nakor’ibishoboka ace mumirwi yose no munzira zose ahagarik’imyiyerekano kuko yarubujije kwitez’imbere no kwigish’abana back turamwinginze kukw’atar’aho ababahungu biyamamaza bazotumara ,kimwe ndinginz’abari gusotorwa no guturirwa no gusahurw’ivyabo ntibihore batekane uguhora n’ukw’Imana ntamvur’idahita kandi kila kitu kina mwanzo na mwinsho sauf Mwenyezi Mungu mwenyewe
8 Rusama 2015, 18:18, par Wakenya Tibeau
Uwo munyagihugu NKurunziza , yahoneje abantu ategerezwa kudahabwa uburenganzira bwo kwitoza.... Naje mwibuye kumusaga aje kuribwa nibihere ...
8 Rusama 2015, 18:46, par HAB
KOMERA MUTAMA TURI INYUMA YAWE ABAKWANKA NA BO BANYIKWE!BABURE AYO BACIRA NAYO BAMIRA.
8 Rusama 2015, 18:59, par NDAVUGASIMVURA
ariko uyo mugabo akagaye agaya abarundi birababaje .
8 Rusama 2015, 19:35, par VTR
KOMERA MUTAMA TURINYUMA YAWE
8 Rusama 2015, 20:10, par nahayo
naho bavugako nyenimbugita ari uwuyifashe kukirindi agakeba kugice cinyama iryoshe aha uko ndabibona kubwanje biracagoye tugeze habi.
8 Rusama 2015, 21:51, par jonas
none abandi baja mwibarabara ahokuja muri cen? ngira nuko ataco bizey yo.
8 Rusama 2015, 21:54, par Danger
Ikibazo si Nkurunziza mais ni umugambwe wiwe Cndd-Fdd wamutanze comme candidat, hanyuma nawe agaca yigira sindabibazwa, ati ndabe ico izo nyana z imbwa zingira. Mugabo arazi gukina amareresi kweli, naburya imikino nk iyo itamara kabiri !
8 Rusama 2015, 22:00, par nayisi
bahe mutama amatora iwawe ni kashi ceni buca ibigukorera ntagorane abazimu buhire, abanyagihugu tubandanye tunya kuntambi tutaronka uwutuvugira
9 Rusama 2015, 05:31, par burundi2025
Urukurukuru niyo nkuru. Soma aha musobanukirwe
http://ikazeiwacu.fr/2015/05/08/burundi-nickel-icukurwa-i-musongati-impamvu-nyayo-yimvururu-ziri-mu-burundi/
9 Rusama 2015, 07:36, par NArababaye
SONGAMBELE,AMATEGEKO YUBAHIRIZWE,TWUBAHE IBIVUZWE N’UBUTUNGANE
9 Rusama 2015, 17:09, par Reverian
Jewe Umugambwewanje Ni Yesu Kuvuga ko ataho Negamiye mumigambwe Yabisi! Uyo Petero Nkurunziza Mbega Gombakwihindura nkurumbi?Ikiringoca3 Agombakugikaba Namarasoyabarundi? Kotuzikinywamaraso Ari Shetani Ahemukiye IMANA Imuhaguhema Yamuhayevyose Yi guze Sekibi Atacizakimuvako? Abobapfa,nabazopfa Kumbwiwe Mbega Yaremye Bangahe Azobasubiriza Ho Nibapfa Azotwara Inyoni Nibiti Arabanza Yibazeko Ivyakora Nicokiringo c3 Bivakubugombe Bw I MANA iyamuremye Amaraso agombagusesa Izoya Muremeka kumutwe Amenyekumuntu Ataruwibihevyose,kwisi Apfa,akegerimbereyayo Ikamubaza Ivyovakoze!Arekekwambara Insatozintama Yahawekuragira! Nimbaruwo(mpanura,akumva) Nareke gusosegwa,nugutwara Abanzarabe Ubuzima Bwabantub IMAMA Burikobwononekara! We arazineza ko Iyontambara yatatanguje azoyisohoka Amahoro?Harinaho IMANA Yoba Irikoyuzuzama dosie Yivyoizomubaza Kukwikura ingabo ikomeye hagatimubayirinze Igapfa ,ibukafarao Muri Egiputa,Ingenevyamugendeye,Kubwukutumva Yasekurekura Abislayeri Yabuzegutara,aburanubuzima Uku Niko Uhoraho Agize.
9 Rusama 2015, 23:05, par Epipode
Ntamunyamahangazozakugutabara,azikwariwewawucanye.barabahenda.bavugango:<<uwutemurwiw ebamutiz’umuhoro.>>imana ibahinduremumvemurubwobubisha.rindir’matora.kukimufis’bwoba????@
9 Rusama 2015, 23:09, par Chacha
Ewe nkurunziza we ibi vyose bizokubazwa nimbere y,imana@bacumugani mu kirundi bati urondera itunga ufyuye amaso imana ikaguha ibiyamena@geragezaaa nibatakwibira abarundi bazoba batahuye nawe.mbere nibakure witoze urumwe.
11 Rusama 2015, 21:23, par Rube
Nibatugirikigongwe Mbegayemwe Tuzokwamamundyanezamisiyose
12 Rusama 2015, 11:32, par rosa paula
nakomere mutama abarundi isinzi turi inyuma yiw nayo abaja mu barabara batachoka mbabajwe nabahutu bakurikira nkintama bakurikira abobatutsi batarava kwizima batabona kop inzira yamatora ariyo isigaye mu burundi kuko abumutima turababona bariho bashaka kwubakaigihugu na kizigenza we bazomwandurako ndakubariye tuzemera dufe nakare twapfirubusa ubutuzopfirikirukuri
15 Rusama 2015, 16:30, par NIYONZIMA CASSIEN
None ko muvugako abamwiyamiriza petero nkurunziza ngo nibo benshi ntimwomureka akitoza hanyuma kobamwiyamiriza aribeshi ntazobura amajwi hama namwe batiyamiriza mukayaronka hanyuma mugashikira igihugu. Komwumva bamwiyamiriza ari benshi nimumureke abanyagihugu bazoruca.
18 Rusama 2015, 09:18
game