Accueil > Inkino > FOOTBALL > Petero Nkurunziza yatowe nk’umukinyi yarushije abandi mu mwaka (...)
Petero Nkurunziza yatowe nk’umukinyi yarushije abandi mu mwaka w’2013
mardi 28 Nzero 2014
Umwaka w’inkino w’2013 warereye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu murwi Hallelua FC w’umupira w’amaguru asanzwe akinamwo. Petero Nkurunziza, umukinyi w’umusatirizi akina imbere yambaye inomero icenda niwe yatahukanye ikibanza c’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi, kandi yerekanye inkino nziza kurusha abandi bose mu mwaka w’2013.
Ku myaka y’amavuka irenga mirongo itanu, Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi yareretse abandi bakinana mu murwi Hallelua FC ko ubusaza atagira namba. Mu nkino 28 zabereye mu ntara zitandukanye zigize igihugu c’Uburundi, umukinyi w’imbere Petero Nkurunziza yashoboye kwinjiza wenyene ibitsindo 39, ari navyo vyamuhaye ikibanza ca mbere c’abafise ibitsindo vyinshi mu mwaka w’2013. Ntivyahereye ngaho, kuko yarongeye atorwa kuba ariwe mukinyi yerekana urukino rwiza, mu buhinga no mu tundi tugenegene turyohera ijisho mu kibuga.
Abantu bazi Petero Nkurunziza kuva akiri umunyeshure mu mashure yisumbuye, bamenyesha ko yamye akunda inkino, akaba yari n’umukinyi w’igihangange mu mupira w’amaguru. Amaze guheza amashure ya kaminuza, yaramenyereje umurwi w’umupira w’amaguru "Union Sporting", imbere y’uko ahunga igihugu akinjira ishamba. Amaze kugaruka, yaciye yegeranya abo bahora bakinana, baca bashinga umurwi "HALLELUA FC", ugizwe n’abakukuruke bakunda umupira w’amaguru, yongera atanguza mu mwaka w’2004, ishure ry’umupira w’amaguru "Le Message".
Egide Nduwimana
Messages
28 Nzero 2014, 21:13
Hahahahahahah inkinamico zuburundi nazo ntizizohera habamumasengero ndiyo ni pastuer mumupira ngonigihangange yeebabawee!!mbe kontamubonye muri chan yarihe?ngatwereke kasatira?hahahah
28 Nzero 2014, 21:18, par NDUWIMANA
EGO MUTAMA.KOMEREZAHO IMANA IGUHEZAGIRE
29 Nzero 2014, 01:58, par Mama
Imana ninyishu koko! Abarundi amasengesho basenga ntapfubusa nukuri! Namwenimurabe ukuntu Imana yaduhaye ingabire kubuntu, iyongabire nayosiyindi ni perezida w’igihugu cacu Pierre Nkuruziza.
29 Nzero 2014, 11:37, par mena
mbega vyizaaaa... oyeeeeee perezida wacu
29 Nzero 2014, 12:10, par jean marie nshimirimana
ur’umugabo pe komera kurugamba wiyemeje rwa politique
7 Ruhuhuma 2014, 17:30, par DD
hahahahahah,ko twaronse ishule rya foot tuzoshika muri mondial 2018