Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza yemereye abafasha Uburundi ko amatora azoba meza kurusha (...)
Petero Nkurunziza yemereye abafasha Uburundi ko amatora azoba meza kurusha ayandi yose
jeudi 11 Kigarama 2014
Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi yasubiriye kwemerera abafasha Uburundi ko amatora yo mu 2015 azoba meza kurusha ayamaze kuba yose kuva Uburundi buronse intahe y’ukwikukira. Nk’uko yabishikirije, naho ata bishobora kuba vyiza vyose, Petero Nkurunziza amenyesha ko Reta y’Uburundi yiteguriye gutesha uwo wese yoshaka guhungabanya inzira y’amatora.
Mu gisagara ca Bujumbura, kuva kuri uwu wa kane, hatanguye inama y’ukurabira hamwe intambwe igezweko muvyo Reta y’Uburundi n’abasanzwe bafasha Uburundi bari biyemeje mu nama yabahuje mu mwaka w’2012 i Génève, hamwe n’ivyo basubiriye kandi kwiyemeza mu yindi nama yabereye i Bujumbura muri Mukakaro na Gitugutu 2013, mu mugambi w’ukurwanya ubukene (CSLP 2). Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mw’ijambo ry’ugutanguza iyo nama, yibukije ko umugambi CSLP 2 wisunga cane cane gukomeza intwaro ibereye n’ukudakumirana, gukomeza ubutunzi bw’Uburundi mu gushinga ubuzi, ukwakira neza abitura inzego za Reta, hamwe n’ukworohereza abarwizatunga. Petero Nkurunziza yamenyesheje ko Reta y’Uburundi idahengeshanya kworohereza abanyamitahe, ivyo akavuga ko bibonekera ku vyegeranyo vya Doing Business bibandanya gushira Uburundi mu kibanza ciza.
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashikirije ko iyo nama hagati y’abafasha Uburundi na Reta ibaye mu gihe igihugu c’Uburundi kiriko cinjira mu mwanya w’amatora azoba mu 2015, akamenyesha ko Reta arongoye, ibifashijwemwo n’abasanzwe bayifata mu mugongo, yamaze kwemerera abarundi n’amakungu ko amatora azoba mu mwidegemvyo, yizewe na bose, ahuza bose, kandi ku mugaragaro no mu mutekano. Muri iryo jambo, Petero Nkurunziza yagize ati : « Ndizera ko amatora yo mu 2015 azoba meza kurusha ayandi yose yari amaze kuba kuva Uburundi buronse intahe y’ukwikukira. ». Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yasubiriye gusaba abafasha Uburundi ko borungika abarorerezi mpuzamakungu bayakurikiranira hafi imbere y’amatora, mu matora nyezina hamwe n’inyuma yayo. Yasavye abagize umurwi CENI utegura amatora ko bokorana ubwitonzi, mbere aranakeza uwo murwi ku bikorwa avuga umaze kurangura naho ku bwiwe umurimo bafise usanzwe utoroshe. Mu gihe igikorwa c’ukwandika abazotora gisozerwa kuri uwu wa gatanu, umukuru w ‘igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko yizera ko kizohera abakwije imyaka n’ibisabwa n’amategeko bamaze kwiyandikisha, kugira mu 2015 bazokwerekane ko mu Burundi intwaro ya demokarasi yifashe neza.
Iyo nama hagati y’abafasha Uburundi na Reta ikaba izomara iminsi ibiri kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 11 Kigarama gushika kuwa gatanu igenekerezo rya 12 Kigarama 2014. Mukamenya kandi ko iyo nama yabereye mu mwiherero abamenyeshamakuru bataramuwe, mu gihe zitatu za mbere, iyabereye i Génève mu 2012, hamwe na zibiri zari zabereye i Bujumbura muri Mukakaro na Gitugutu 2013, abamenyeshamakuru bazikurikiranye zose.
Egide Nduwimana
Messages
11 Kigarama 2014, 19:32, par sinigirira abdoulkarim
turayanyotewe gose.
11 Kigarama 2014, 21:09, par NDAVUGASIMVURA
Mbega aho yigira umunyabwenge ahenda nde ko bose babona ibiba ewe mana dufashe.
11 Kigarama 2014, 21:15, par Nwari
Yaaaaaa inama yabereye mukabari!!!!!!!!!!baca bashiraho na tapi rouge yooooooo ewe burundi????!!!!!turi buronke?DD bido vide??ngo murindiriye ifashanyo bayiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii bobo DD vide
11 Kigarama 2014, 21:24, par frank
None abamenyesha makuru bataramuriwe iki?kandi ari baduha amakuru ivyo birimwo amahinyu.
12 Kigarama 2014, 00:00, par philbert
Igih mwabivuga muri 2010 abantu babona ko ari ugufyina mugabo twarabonye ko yagenze neza rero n’ubu turavyizeye ko bizogendaneza cane
12 Kigarama 2014, 00:05, par Nuwera
Mbegamwomenye umuntuwambere yikundira amahoro? Ni Petero Nkurunziza. Ninde akunduburundi agakinda nabari di? Ni Petero Nkurunziza. Mbeninde yagarukanyamahoro muburundi? Petero Nkurunziza.
12 Kigarama 2014, 00:48, par omega
Peter we mwana wumuhunguuzokwitoze ever aand ever again abanka baze basaduke basare bangare la possession vaut titre
12 Kigarama 2014, 02:13, par uwubizi
"amatora azogenda neza cane" . Iyo mvugo yiwe turayimenyereye.
12 Kigarama 2014, 06:34, par Maitre P
None ko mbona abazungu aribo benshi, burya twarikukiye nyene?
12 Kigarama 2014, 07:57, par mutama
turibaza ko piter agiye gukura CNI Kuko iriko ikorera nabi abarundi hama NDAYICARIYE abibazwe imbere yabacamanza.IGITUMA YATEGUYE KURYANISHA ABENE GIHUGU.
hama akure NDUWIMANA Edouard KUKO ARIKO AGOMBA GUSAMBURA CNDD FDD Kubera amakosa akora kandi turazi ko ari umugambi yafashe wogutukisha CDD-FDD .NGO ABARUNDI BAYIKUREKO UMUTIMA .
hama tuje mumatora AZIRA AKANENGE.
12 Kigarama 2014, 09:49, par FILBERT
ewe nyakubahwa Petero nkurunziza ndagukunda abarundi turimuri africa yepfo turoreye kumvakowitoza tugaguhunda amajwi
12 Kigarama 2014, 10:15, par nyokuru
Hariho akajambo uwumukuru w’igihugu ataratangura kuvuga!muramwibutsa nbonerakure ziwe!!kavuga gati:ukinda ugaramye,wubamye amatora azogenda neza!!Izo terme nizumuntu yize ga?Yubah’Imana nyamana?n’Ibaza kwari yamana yiwe imwigisha ayomajambo mabi!!!!
13 Kigarama 2014, 20:17, par Seanino
14 Kigarama 2014, 08:13, par James
None arindakubibarira abadufasha.ereganabo barabibona’ahubwo niyitoze tumwongere’abasi bameneke.
15 Kigarama 2014, 22:49, par ndavyanse
Bizomuhinyukana ivyiwe!!!naburekutavakoazomera nkuwobafatiye muri dushe!!!!
26 Ruheshi 2015, 11:27, par UMUHOZA VALANTINE
JEWENIYUMVIRA YUKO HOKURIKIZWA AMASEZERANO YABEREYE IYARUSHA KUGIRA UMUTEKANO MUBURUNDI UGUME ARIWOSE ATANTAMBARA YONGEYEKUHABA.SAWAMURAKOZE
28 Ruheshi 2015, 00:16, par jal key
ntanvuridahita farawo yahaw nimana arangije yiyita imana imana ntisinzira kandi irahana naw nakomez azobibona