Accueil > Amakuru > Mu makungu > Philippine : Umukuru w’igihugu yiyemeje gusubizaho igihano c’ugupfa
Philippine : Umukuru w’igihugu yiyemeje gusubizaho igihano c’ugupfa
lundi 16 Rusama 2016, par
Uwuheruka gutorwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu ca Philippine, ariwe Rodrigo Duterte, avuga ko azosubizaho igihano c’ugupfa, kandi ko azoha inzego z’umutekano uburenganzira bwo kurasa zikica.
Ico gihano kigiye gusubizwaho n’umukuru w’igihugu Rodrigo Duterte cari cakuweho mu mwaka w’2006, uwo mukuru w’igihugu w’imyaka 71 y’amavuko akaba avuga ko agiye gusaba inama nshingamateka gusubizaho ico gihano.
Muvyo ategekanya kandi gukora muri ico gihugu, Rodrigo Duterte avuga ko agiye kubuza abantu kunywa inzonga no kunywa itabi, ndetse n’amategeko y’umukwabu ku bana ashirweho.
- Rodrigo Duterte, umukuru w’igihugu wa Philippine
BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko uwo Rodrigo Duterte yasezeraniye abanyagihugu ko ingoro y’umukuru w’igihugu azoyihindura ibitaro.
Uwo aramutswa Philippine yarahawe n’akazina k’ubuhizi igihe yari umukuru w’igisagara ca Davao, bakaba bamwita « umuhinga » mu gutanga ibihano (the Punisher).
Akiri umukuru w’ico gisagara, inkozi z’ikibi zirenga 1000 zarishwe n’inzego zijejwe umutekano muri ico gisagara ca Davao yari arongoye.
IGIHE
Messages
16 Rusama 2016, 12:48, par MUYAHUDI
MWIHUSE GUSHIRAHO IGIHANO CUGUPFA NONE ABUCIRUGWOGUPFA WAREMYEMWO BANGAHE? REKA IZONTAMA ZIMANA!
16 Rusama 2016, 16:01, par N damiani
Uwo niwakwiye muburundi bwacu kuko abigira surivu bararenze
16 Rusama 2016, 20:44, par DIAUDONNE
VIDEO
16 Rusama 2016, 20:52, par Gahimbare Ahamad
Koko Birakwiye Ko Uwukoze Icaha C’ukwica Nawe Yicwa Kuko Hariho Abakora Ibibi Ngo Nzofungwa Gusa
16 Rusama 2016, 21:45, par CAKIRA
Oya gutanga umukwabu kubana sindabishigikiye,ariko igihano co gupfa nisawa naha muburundi bogishiraho ,hama nka zirya mbwa nazo zakoze kudeta tukazikorerako!
17 Rusama 2016, 04:45, par MUYAHUDI
ICOGIHANO COKWICABANTU USHIRAHO WAREMYEMWO BANGAHE? NUBIKOR IRIHOREY ARIKO NTAHUHWANY NAYO
17 Rusama 2016, 07:09, par Charles Kavakure
Iyo ngingo niyo ku gihugu kirimwo ubwicanyi aho abanyagihugu batubaha ikiremwa muntu. No mu gihugu c’Uburundi aha abantu baja kwifatanya n’abazungu b’i buraya ngo bagarukane ubukoroni basahure igihugu, abo baribakwiriye igihano co gupfa.