Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pierre Buyoya yagenywe kurongora abasirikare bari muri Mali - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Pierre Buyoya yagenywe kurongora abasirikare bari muri Mali

Pierre Buyoya yagenywe kurongora abasirikare bari muri Mali

samedi 2 Ruhuhuma 2013

Pierre Buyoya yigeze gutwara u Burundi,akaba ahagarariye ishirahamwe ry’ubumbwe bwa Afirika UA mu ngorane ziri mu gihugu ca Mali no mu gice c’ubugaragwa yagenywe kurongora abasirikare b’ishirahamwe rya Afirika zishinzwe kubungabunga amahoro muri Mali.

Nk’uko itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP ryabimenyesheje,ngo Buyoya yahawe ico gikorwa inyuma y’aho abakuru b’ibihugu vya Afrika bemereye guterera igihugu ca Mali,iyo nayo ikaba izofasha mu gushira mu ngiro ibikorwa vy’abasirikare b’ubumwe bwa Afrika mu gikorwa co guhasha abagwanyi bo mw’idini rya Islam bari m’uburaruko bwa Mali.

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 31 Nzero 2013,niho umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika Nkosazana Zuma yamenyesha ko Buyoya ahawe ayo mabanga.

Abo basirikare bazofashanya n’abasirikare bo mu gihugu c’u Bufaransa bari mu gihugu ca Mali kuva mu kwezi guheze,bariko bagira ibitero ku bagwanyi bo mw’idini rya Islam bagira ibitero begereza umugwa mukuru wa Mali Bamako.

Nk’uko AFP ibandanya ibimenyesha,ngo igikorwa c’abasirikare b’abafaransa kiribonekeza kuko bamaze kugarukana ibisagara bitari bike mu minwe ya Reta ya Mali.


Mugisha Van Naris

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.