Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pierre Claver Ndayicariye yihakanye abitwa "Abakinyi ba poritike" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Pierre Claver Ndayicariye yihakanye abitwa "Abakinyi ba poritike"

Pierre Claver Ndayicariye yihakanye abitwa "Abakinyi ba poritike"

mardi 16 Nyakanga 2014

Ivyavuzwe n’umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora CENI ko batazorondera abitwa abakinyi ba poritike kugira bagiriranire ibiganiro, bamwe mu bahinga b’ibwirizwa nshingiro bavuga ko uwo mukuru w’uyo murwi yihenze.

Pascal Rwankana umuhinga mu vy’ibwirizwa nshingiro akavuga ko ataho na hamwe vyanditse ko umukuru w’umurwi CENI yoreka kugiriranira ibiganiro n’abo bakinyi ba poritike. Ariko rero kuva mu ntango z’ukwezi kwa Nyakanga, umurwi CENI ukaba ariko urabonana n’amwe mu mashirahamwe yigenga, abafasha mu matora, amashengero nka Katorika, abari mubaporoti hamwe n’abasiramu.

Ndayicariye akabona ko guhura n’abandi bantu bose bafise ico boterera mu matora buca aba mu mwaka w’2015 ari nkenerwa, ariko akavuga ko abakinyi ba poritike batazobonana, kuko ataho vyanditse na hamwe mu mategeko yaba mw’ibwirizwa nshingiro canke itegeko rigenga amatora. Akavuga ko ategerezwa gukora yisunze ayo mategeko.

Abakinyi ba poritike rero yaba Rwasa Agathon, umushingamateka Nditije Karori canke Chauvineau mugwengezo basanzwe bose barongoye imigambwe itemewe na Reta, biyamiriza ivyavuzwe na Ndayicariye, ahubwo bakamwagiriza ko akora kugira ashimishe umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, mu gukumira abatavuga rumwe n’uwo mugambwe, bihetse inyuma y’ijambo abakinyi ba poritike.


Aristide Nizigire

Messages

  • UWOMUTAMA YIHENZE CANE KUKO ATAYAZE NABANYEPOLIKE NTACO YOSHIKAKO ATAGOMBA GUKORERA CNDD - FDD GUSA

  • ndayicariye. arafasha DD ingwano kuko afise famille muri canada azoca asimba. !!! canada dusabeane nawe aje mubataronka visa!!! numuze duhagurukire abasambura igihugu bitwaje amaronko

  • None yoreka gukorera gute abamukiye mukihoyi inzara imurembeje!!!!Ahubwo ntimuzotangare ashize na bureau de vote muri Kiliba ONDES!!!!!

  • Muriko mumuhora ubusa jewe numva ivyo avuga vyumvikana guko akurikiza ivyanditswe je veux dire amategeko. Hanyuma kubatumira mbere vyari na vyiza mugabo ubu murabona babatse imigambwe yabo bari mecontents sinibaza ko hari contribution bozana atari gusaba ko imigambwe yabo boyibasubiza; or ca ce n’est pas le travail du CENI. Ahubwo inama umuntu yobabwira ni kwifatanya nabandi bakagira coalition solide pour pouvoir battre CNDDFDD. C’est tout. Boba bagiye gutera ingorane ba complika CENI gusa kubera mecontentement barimwo.

  • Kuba umuryango wiwe urihanze ntiyaca ivyatwwaza kuko nomuri kanada barahamba canke nahanyene ibuja bohamugirira agasisiteme.

  • Imana imbabarire kuko ngiye gukoresha ijambo ritari ryiza usivye ubujuju buri mumitwe ya abategetsi buburundi nihe wabonye umutegetsi ashobora gutegeka mugihugu atari kumwe nu umuryango.Reka nkebure Ndayicariye amenye neza ko yicariye imyobo azokorokeramwo,uyumusi aravuga rikijana ariko ejo siko bizogenda hamwe yoba ari gukora nabi yitwaje ko umuryango wiwe uri hanze yoba ameze nku umusazi yurira igiti akicara kw’ishami agaca abariryo atema.Ndayicariye hamwe woba ukurikira amakuru ukagira amahigwe yo gusoma ibi mvuze reka ndagukebure aha ubona twese tuba hanze y’Uburundi ariko dukora ibishoboka kugira ngo uburundi bugire amahoro kuko abarundi bose nibene wacu.Ndayicariye Kora izeza kuri bose kuko uzoyisanga imbere naho nukora inabi nkiyo urigukora ubu ukumira abatavuga rumwe na Leta ya CNDD-FDD iyo nabi izogukurikira.

  • uwomuntu arazi gufotora wogira nicana cinyoni casamye kirindiriye nyina

  • Ivyo avuga ntawe vyotangaza kuko avuga ivyo shebuja yamutumye,ariwe nkurunziza petero,rero mumenyeko aba DD biteguye kunabi canke kuneza ko badashakako Rwasa na sinduhije hamwe na BA nyangomana leonce ,bamvuginyumvira bose ko batokwitoza kugira ngo baze batambe birorera kurya kwo Muri 2010,arikobarabe neza ntihongere guseseka amaraso y’abarundibitwa ngo nibo baharanira .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.