Accueil > Inkino > FOOTBALL > Pierre Emerick Obameyang yatowe nk’umukinyi yigenjeje neza muri (...)
Pierre Emerick Obameyang yatowe nk’umukinyi yigenjeje neza muri Afrika
vendredi 8 Nzero 2016
Umukinyi ava mu gihugu ca Gabon akainira umurwi wa Borussia Dortmund mu Budagi, Pierre-Emerick Aubameyang, niwe yatsindiye agashimwe k’umukinyi w’umunyafrika yigenjeje neza mu mwaka w ‘2015.
Mu guhiganirwa ako gashimwe gatangwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika, Pierre-Emerick Aubameyang yagahiganirwa na Yaya Toure hamwe na Andre Ayew.
Aubameyang yatsinze n’amajwi 143 y’abamenyereza n’abahinga batandukanye bava mu bihugu biri mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika.Yaya Toure yabaye uwa kabiri ku majwi 136, Andre Ayew aronka amajwi 112.
Pierre Emerick Aubameyang gushika ubu niwe amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry’Ubudagi,aho amaze gutsinda ibitsindo 18 mu nkino 17 gusa.
Mw’ijambo ryiwe, Aubameyang yashimiye cane Umukuru w’Igihugu avukamwo ca Gabon, Ali Bongo Ondimba, umuryango wiwe n’abakinyi bakinana.
IGIHE
Messages
16 Nzero 2016, 12:31, par Leonce Tuyikeze
Urakomera Kumupira