IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Politike ya «charoi zéro» igiye kuja mungiro kuva mu kwezi kwa (...)

Politike ya «charoi zéro» igiye kuja mungiro kuva mu kwezi kwa Ruhuhuma

mardi 22 Nzero 2013

Umushikiranganji w’ibikorwa vya leta no gutwara abantu n’ibintu ,Moise Bucumi yaramenyesheje ko politike nshasha bise« charoi zéro» izotangura kuja mungiro itariki 1 y’ukwezi kwa Ruhuhuma uyu mwaka.

Nk’uko bishikirizwa na Moise Bucumi, ngo kuva kuri iyo tariki abashikiranganji bazohora biyunguruza mu miduga yabo aho kwiyunguruza mu miduga ya Leta.Ivyo ngo bikazotuma Leta ihungukira amafaranga angana imiriyaridi indwi z’amafaranga y’amarundi( 7 milliards fbu).

Ayo mafaranga akaba yahora akoreshwa mu kugura ibitoro no gukoresha iyo miduga mu gihe ipfuye, nk’uko uwo mushikiraganji abandanya abivuga.
Gushika mu kwezi kwa Ruheshi ngo bategekanya ko imiduga ya Leta igera ku 500 izoba yamaze gukurwa mu mabarabara,ivyo bikaba bibandanya gushikirizwa na Moise Bucumi.

Iyo politike ya« charoi zéro» rero ngo ntiraba abategetsi bo hejuru gusa ,n’abatwara ibisata mu bushikiranganji butandukanye izobakorako .Ubushikiranganji budafatwa n’iyo ngingo bukaba ari ubw’umutekano n’ubwo kwivuna abansi.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.