Accueil > Inkino > FOOTBALL > Portugal yatahukanye igikombe ca mbere mu mateka y’inkino za (...)
Portugal yatahukanye igikombe ca mbere mu mateka y’inkino za Euro
lundi 11 Mukakaro 2016, par
Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu wa Portugal batahukanye igikombe c’ihiganwa rya Euro 2016, igikombe caciye mu myanya y’intoke abakinyi b’Ubufaransa bari bavyifashemwo neza, kandi bakaba bariko bakinira iwabo, imbere y’abarorerezi isinzi babo hamwe n’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.
Igitsindo kimwe conyene co muri urwo rukino, cinjijwe n’umusatirizi wa Portugal, Eder yambara inomero icenda, akaba hari ku mu gice ca kabiri c’umwanya w’inyongera (Prolongation).
Umurwi wa Portugal watahukanye ico gikombe mu gihe wari utari kumwe n’umusatirizi wawo rurangiranwa, kizigenza Cristiano Ronaldo yasohotse ku munota wa 24, asubirizwa kubera ububabare yagize mw’ivi, bimwankira kubandanya urukino.
Iminota 90 y’urukino yaheze ari ubusa ku bundi, hongerwako iminota 30 ari nayo yatandukanije iyo mirwi yompi. Ku munota w’109, umusatirizi Eder yinjije igitsindo cahaye intsinzi Portugal.
Mu kibanza c’abasubirizi aho yari yicaye inyuma y’ugusohoka mu kibuga, Cristiano Ronaldo yaguma aha impanuro bagenzi we bari mu kibuga, abatera intege, mbere biboneka nk’aho ariwe yabaye umumenyereza.
Ico gikombe Portugal yatahukanye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana kibaye ica mbere mu mateka y’ihiganwa rya Euro rihuza imirwi nserukirabihugu vyo ku mugabane wa Buraya (Euro).
Uwo murwi wa Portugal yaheruka gukina urukino rwa nyuma mu mwaka w’2004, aho watana mu mitwe n’Ubugiriki, ariko ico gihe akaba ata mahirwe Portugal yaronse w’ugutahukana intsinzi.
Amwe mu mafoto yaranze urwo rukino
IGIHE
Messages
11 Mukakaro 2016, 19:31, par Rodriguez
Vyarambabaje Kubona Ronaldo Yaragize Ingorane Agasohoka Iyagumamwo Ibistindo Vyaba 2 Canke Birenga Ahubwo Ubufarasa Bwagiz’imana.Portigale Ntiyikoroga Nibukebuke.
11 Mukakaro 2016, 23:43, par Côme Manirakiza
Portugal Kuba Yaratahanye Igikombe Ihaye Amataka Crisiano Ronardo Gutwara Kirya Gikombe
14 Mukakaro 2016, 18:53, par Bitangimana aimable
Ndabi kunze ko twatsinze
15 Mukakaro 2016, 23:48, par Tuyisabe
ndanezerewe kuba portugal yaratwaye icogikombe
20 Mukakaro 2016, 23:04, par Ndayizeye Xavi
Vyaranryoheye Kuba Ronaldo Yasotse Kare Kuko Abafana Ba Frane Bavuga Kwariwe Gihangange None Ubuho Bavugiki?
9 Myandagaro 2016, 20:21, par س jackson
Ndanezerewe canekuba equipe yanje ivamwo kizigenza waleal crician ndaryohewetou
17 Myandagaro 2016, 22:41, par Kenedy À Rumonge
None Christian Yoba Yarakize ?Mwotwereka Agafoto Kiwe Arimubitaro
28 Myandagaro 2016, 10:51, par Kanama
Christian Yobayarakize Mwoshobora Kutwere Arimubitar