Accueil > Amakuru > Mu makungu > Prezida Barack Obama m’umugambi wokugenzura ibirwanisho
Prezida Barack Obama m’umugambi wokugenzura ibirwanisho
mercredi 16 Nzero 2013
Mu mugambi wo gucungera ikoreshwa ry’inkoho watangajwe na Prezida Obama, harimwo inkoho zifise ububiko bw’amasasu menshi.
Hari kandi no kugenzura incuro nyinshi abifuza kugura ibirwanisho bicira umuriro.
Yavuze kandi ko agiye gushira igikumu ku mabwiriza kugira ibigo vya leta gukora itohoza ku ubugizi bwa nabi bukoreshwamwo inkoho.
Bwana Obama avuga ko ashigikiye uburenganzira butangwa n’ibwirizwa nshingiro bwo gutunga ibirwanisho.
Ariko ng’uburenganzira nyamukuru budakwiye guhungabanya n’ubuzima, umwidegenvyo no gukomeza kubaho mu munezero.
Ivyo navyo ngo bikaba vyaraburijwemwo ku bazize ubwicanyi bw’ikivunga.
Joel Sengurebe