Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Prezida Barack Obama m’umunsi wogufasha Abandi mbere y’ibirori vy’ukurahira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Prezida Barack Obama m’umunsi wogufasha Abandi mbere y’ibirori vy’ukurahira (...)

Prezida Barack Obama m’umunsi wogufasha Abandi mbere y’ibirori vy’ukurahira kwiwe

samedi 19 Nzero 2013

Prezida wa Amerika, Barack Obama yaratanguje ejo ku musi wa gatandatu, i Washington, igihe c’impera y’indwi c’imbere y’ukurahira kwiwe, kw’ishule ryo mu gisagara ca Washington mu gihe igisagara ca Washington cagize imyiteguro ya nyuma yerekeye ukurahira kwa prezida Obama ku musi wa mbere mu mabanga y’ugusubira kuyobora Amerika, mu kiringo ca kabiri.

Prezida Obama, n’umupfasoni wiwe, Michelle Obama, barafashije gusukura ishule ntoyi, mu gisagara ca Washington, mu biri mu bikorwa bitari bike vy’ugufasha abandi, vyateguwe n’urwego rujejwe ibirori vy’ukurahira kwa prezida Obama.

Prezida Obama, n’umupfasoni wiwe, batanguje ikiringo c’impera y’indwi c’imbere y’ukurahira c’ugufasha abandi, haheze imyaka ine.

JPEG - 12 ko

Muri ico gihe, abakozi hafi y’ahazobera ibirori vy’ukurahira, imbere y’inyubakwa y’inama nshingamateka, bararangije kwubaka ibibanza abatumire bazohagararamwo, n’ibibanza bazokwicaramwo.

Abateguye ivyo birori, bavuga kw’abantu bagera ku bihumbi amajana umunani, bazokwitaba ibirori vy’ukurahira kwa prezida Obama, igitigiri kirenga abantu baba mu gisagara ca Washington, yamara kiri musi cane y’igitigiri c’umuliyoni n’ibihumbi amajana umunani ya baje mu gisagara ca Washington, haraheze imyaka ine, kurorera ibirori vy’ukurahira kwa prezida Obama ,mu mabanga y’ukuyobora Amerika, mu kiringo ca mbere ciwe.

Ikiringo kigira kabiri ca prezida Obama, kiza gutangura icese, n’ukurahira kwiwe, kuza kuba uno musi, kw’italiki mirongo ibiri, z’ukwezi kwa mbere, isaha zitantatu zo ku mutaga, nkuko bitegekanywa, n’ibwirizwa nshingiro.

Yamara kubera italiki ya mirongo ibiri ishitse, uyu mwaka, ku musi w’Imana, azosubira kurahira, ku musi wa mbere, umusi uhuriranye n’umusi w’ikonji w’ukwibuka Dr. Martin Luther King. Jr. umuyobozi w’abaharaniye agateka k’abirabure, muri Amerika, yagandaguwe.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.