Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Prosper Bazombanza yakiriye uwahoze aserukira igihugu ca Algerie - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Prosper Bazombanza yakiriye uwahoze aserukira igihugu ca Algerie

Prosper Bazombanza yakiriye uwahoze aserukira igihugu ca Algerie

lundi 17 Munyonyo 2014

Icegera ca mbere c’umukuru w’Igihugu, Prosper Bazombanza yakiriye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, uwahoze aserukira igihugu ca Algerie mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Idriss JAZAIRY.

Nk’uko vyashikirijwa n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Prosper Banzombanza, iyo ntumwa idasanzwe Idriss JAZAIRY yatumiwe na Reta y’Uburundi bafadikanije n’ubuserukizi bw’Ubufaransa. Idriss JAZAIRY aje kuganirira abarundi n’amakungu, aho azokwerekana ingene ibihugu bitari bike na cane cane igihugu ca Algerie ingene cakoze n’ubwira bwinshi kugira kive mu magume cari gihitiyemwo (plan de sortie de crise).

Azoba ari akaryo ko kwerekana uko bavyifashemwo kugira n’Uburundi bushobore kuhabonera akarorero. Mukamenya ko iyo ntumwa idasanzwe yo mu gihugu ca Algerie izoremesha ikiganiro kuri uwo wa kabiri 18 Munyonyo 2014.


Alida Sabiteka

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.