Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko amatora yagenze neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko amatora yagenze neza

Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko amatora yagenze neza

lundi 14 Nyakanga 2015

Umuvugizi w’umurwi wigenga utegura amatora mu Burundi CENI Prosper Ntahorwamiye,amenyesha ko amatora yabaye muri uno mwaka wa 2015 yagenze neza.

Mu ruganda rwatunganijwe n’ihuriro ry’imigambwe mu Burundi,rwo kwihweza ingene matora yagenze, Prosper Ntahorwamiye yavuze ko,naho hari imfashanyo zari zigenewe gufasha mu matora zitatanzwe,amatora yagenze neza kuko imfashanyo yahagaritswe mu gihe,ibikoresho bitari bike vyakoreshejwe mu matora vyari bimaze gushika mu Burundi.

Prosper Ntahorwamiye yavuze ko Reta y’Uburundi yafashe ingingo zidasanzwe zishingiye ku rukundo rw’igihugu,mu ntumbero yo guterera amatora yatunganijwe muri uno mwaka.

Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko ibihugu nk’Ubushinwa,Misiri,Ubudagi na Kenya vyatanze imfashanyo ku gihugu c’Uburundi mu ntumbero yo gufasha amatora.

Urwo ruganda rwarangiye abarwitavye basavye ko vyoba vyiza Reta ishizeho ikigega camaho kijejwe gushigikira amatora mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • God bless Burundi and Burundians now and forever and ever. I don’t believe who not understand the leaders of Burundi Government because there are in good processes in democracy.

  • Ntaco, Ndagusabire Kumana Urambe, Uzobona Ingene Amatora Ategugwa. Guca Mamahera, Nogutegura Amatora Ntibisa. Aho Ntasoni Kuvuga Uko Uzi Abantu Bamaze Guhitanwa N’ Ibi Bintu Vyawe Wita Amatora? Uzobimenya Ushikiriwe. Ivyo Wita Amatora, Hari Abandi Bakurushije Kuyarwanira Ariko Bamaze Kuyazira. Himba Sha Uhishe.

  • Mugizeneza kutubwira ivyobihugu vyafashije kugira abanyagihugu bshobore kwitorera indongozi. Hanyuma mwizina ryabarundi bosendabishimiye birahoragurtyo bazobigirire nabandi barazwinshinga nuko democratie itsimbatara mubihuguvyabo.

  • tweseturashima.amatorayagenzeneza.twitegureyabibirinamirongibiri.abakeba.babebarasamarangomyangoma.ngashakakubaprezida.nindoto.ntibibaho.

  • WUBAMA UGARAMA TUZOKUNIGA WEWE NKRNZZ NTURIHO

  • Urahaze igiturire basha ariko hari umusi uzoyabona nawe

  • Dufatiye ku buryo ibikoresho vy’amatora vyabonetse.Amatora yagenze neza mû gihugu kirimwo ubukene nk’iki c’Uburyndi.Dufatiye kukugene abarundi bayitavye,uwovuga KO atagenze neza ntiyoba avuze nabi.

  • None mw’ihuriro ry’imigambwe urimwo? Ivyo ni nde yari abikubajije? Ubwo nturiko wihumuriza Kubera ubuze amahoro mu mutima? Ahubwo rondera des psychologues watanguye kurwara mu mutwe. Kandi na ndayicariye ari mu nyuma. Vuba tuzoza kubasuhuza chez Legentil!

  • Prosper we , warabaye nsumirinda ushira imbere inyungu zawe none raba mwataye igihugu mukaga. Reka nzorabe aho muzorira ayo mafaranga babahaye. Ubwenge bugusiga buza mu nyuma

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.