IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Quartier ya 6 yo muri komine ya Ngagara irabangamiwe n’umwanda

Quartier ya 6 yo muri komine ya Ngagara irabangamiwe n’umwanda

mardi 8 Nzero 2013

Amazi aba yakoreshejwe mu mazu y’abantu arabangamiye abanyagihugu bo muri quartier ya 6 yo muri komine ya Ngagara mu gisagara ca Bujumbura.

Muri ino minsi abanyagihugu bo muri Quartier ya 6 yo muri komine ya Ngagara barabangamiwe n’akamoto kabi kavuye ku migende itwara umwanda uvuye mu mazu yazivye.Ingo nyinshi zo muri iyo quartier rero zikaba zibaye ahantu hari umwanda kubera wuzuye uvuye ku mazi mabi yazibiye imigende itwara amazi ihuza iyo quartier hamwe n’izindi.

Nkuko umukuru wa quartier yabibwiye bagenzi bacu ngo baramaze kuvugana n’ishirahamwe SETEMU kugira rize gufasha abanyagihugu bo muri iyo quartier.

Twobibutsako ibi bibaye ku ncuro ya kabiri muri komine ya Ngagara kuko imigende yahora itwara umwanda yazivye bigatuma rero amazi mabi avuye mu mazu y’abantu aca mw’ibarabara y’ama quartier ya 1,2,4 hamwe na 5 mu mwaka wa 2009.SETEMU ikaba yaramaze kuronka uburyo bwo gusubiza ibintu mu buryo.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.