Accueil > Amakuru > u Burundi > Radio Colombe, insamirizi y’urwaruka yuguruye icese
Radio Colombe, insamirizi y’urwaruka yuguruye icese
mardi 10 Ruheshi 2014
Insamirizi y’urwaruka "Radio Colombe" izokoreramwo urwaruka, yongere ikore ibiganiro bitandukanye vyerekeye urwaruka nyene gusa yuguruwe icese kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 10 Ruheshi 2014.
Ibikorwa vyo kwugurura "Radio Colombe" vyabereye mu kigo "Centre Jeunes Kamenge", kuri uno wa kabiri, hakaba hari abanyecubahiro batandukanye, harimwo umukuru w’igihugu, abashikiranganji batandukanye, hamwe na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi.
Petero Nkurunziza, mw’ijambo yashikirije, yashimiye abagize ico ciyumviro, bongera bagishira mu ngiro, hamwe nabo bose bafashije mu vyerekeye uburyo n’ibikoresho kugira bikunde iyo nsamirizi itangure gukora ku mugaragaro. Kubwa Petero Nkuruziza, iyo nsamirizi irakomeye kuko igiye gukorera ahantu hasanzwe hahurira urwaruka rwinshi na rirya muzi ko ikigo "Centre Jeunes Kamenge" ikoreramwo gifasha urwaruka rwinshi, na cane cane urwo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Ni akaryo rero kuri urwo rwaruka ko kwidagadura hamwe no guhindura ivyiyumviro n’ingendo biciye mu biganiro bizoshikirizwa n’iyo nsamirizi.
- Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza
Umukuru w’igihugu ntiyasize inyuma ko hobaho ihimirizwa ryo kugabanya imvyaro biciye kuri urwo rwaruka nyene, kuko muri kino gihe igihugu c’Uburundi gifise abanyagihugu barenga imiriyoni umunani n’igice. Petero Nkurunziza avuga ko bibandanije gurtyo mu Burundi mu myaka 25, abantu bashobora kuzoba bangana incuro zibiri z’abahari, hamwe atocokorwa.
Uwurongoye ikigo "Centre Jeunes Kamenge" nawe nyene yashimiye abafashije kugira iyo nsamirizi bikunde ivuke, kuko bizotuma n’urundi rwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura ruzoshobora kwumva ibitari bike bikorerwa muri ico kigo, yaba ibiganiro bijanye n’amahoro, ubuvukanyi, kurwanya umugera wa Sida, irondoka rijanye n’amagara meza n’ibindi.
- Uwurongoye ikigo "Centre Jeunes Kamenge"
Mu kigo FNUAP, ari nabo bafashije mw’itanguzwa ry’iyo nsamirizi, nabo nyene bamenyesha ko ari akanyamuneza ntangere kubona iyo nsamirizi yavutse mu ntumbero yo gufasha urwaruka, kuko kanatsinda ruhura n’ingorane zitandukanye mu buzima bwabo, yaba gutwara imbanyi bakiri mu mashure, indwara zimwe zimwe nk’umugera wa Sida, nk’uko vyashikirijwe na Ismaila Mbengue asanzwe aserukira iryo shirahamwe FNUAP mu Burundi. Ni naco gituma babonye ko bikwiye ko urwaruka rworonka amakuru akwiye kandi yo mu vyerekeye gufata ingingo zimwe zimwe, nk’abantu bakuze bazi ico bashaka mu buzima.
Tubamenyeshe ko iyo nsamirizi "Radio Colombe" izokwumikana mu gisagara ca Bujumbura gusa, ku murongo wa FM 93,2. Ikaba ikorera aho nyene mu kigo ca "Centre Jeunes Kamenge"
Floxella Karire
Messages
10 Ruheshi 2014, 16:19, par Buhungu
Mbega ko mbona umengo ntimuvuga ico kigo aho cegamiye! Ni ica ecclesia catholica! None urabona kubera abo batwara ari abaporoti, umpengo ntaco bibabwiye! ko badashimira ecclesia ni kubera iki? Umwana yankwa niwe akura!
10 Ruheshi 2014, 19:56, par schaaaa
ntaacizobimaz kuk yumvikana bujumbura gus wap kwer nom urwaruk rwarugur gwogwo ntacobazorufash ?
12 Ruheshi 2014, 07:11, par mukobwajana
KNI SAWA BAKOZE MUGABO TURAVYE ZA PRIORITES SINZI KO ARICO URWARUKA RUKENEYE ZA MICRO FINANCES ZIZIMBUTSE ZOJA MU BURIMYI UBWOROZI N UTUNDI DUKORWA NABIZE HAMWE N ABATIZE,,CANE CANE NA RUGURU KUMA PAROISSES NIMBA BOFASHA...MERCI CLAUDIO