Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rally Joe na Sat-B ntivyari bisanzwe muri Primusic i Muramvya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Rally Joe na Sat-B ntivyari bisanzwe muri Primusic i Muramvya

Rally Joe na Sat-B ntivyari bisanzwe muri Primusic i Muramvya

lundi 5 Myandagaro 2013

Kuri uyu w’Imana, ihaganwa rya Primusic ryarabandanije mu ntara ya Muramvya, aho mu gatondo akanama kajejwe ubuhinga bw’abaririmvyi no gutanga amanota kazindutse karondera abaririmvyi icumi bari bahiganwe kuvmuhingamo mu giteramo c’abaririmvyi, Sat-B na Rally-Joe nibo bagiye kubandanya guteramisha abantu mu bitaramo vya Primusic uyu mwaka.

Abaririmvyi bavuye mu makomine yose y’iyo ntara ya Muramvya bari 18. Icumi batowe ni : Habonimana Gretta, Sinzinkayo Clovis Toussaint, Sebarundi Jelyusi, Nzojibwami Noé, Niyonkuru Olivier, Ntukamazina Venant, Ndayizeye Jerome, Nshimirimana Samuel, Ntakirutimana Anicet na Ndayizeye Emery. Nibo baririmvyi cumi batsindiye kubandanya ihiganwa Primusic inyuma y’umuhingamo kuri Stade ya Muramvya.

Ico giteramo co mu ntara ya Muramvya nk’uko vyavuzwe n’abantu benshi, nico ca mbere cahimbaye abacitavye, na cane cane ko bari benshi cane hagereranijwe n’ahandi iri higanwa ryari rimaze gushika.
Abaririmvyi babiri bazoserukira intara ya Muramvya babaye umwigeme Habonimana Gretta n’umusore Sinzinkayo Clovis.

Muri ico giteramo, umuririmvyi Sat-B na Rally-Joe barateramishije abantu bivuye inyuma na kare ko bari batangaje imbere y’aho ko intara ya Muramvya ari imwe muzikunda umuziki cane, mbere n’aba baririmvyi bakaba bahafise abakunzi benshi ari na zimwe mu mvo zatumye ico giteramo citabirwa n’abantu benshi cane.
Abo baririmvyi bompi mu mpera z’ico giteramo ca Primusic bararirimbanye akaririmbo ka kera kitwa "umugore w’ubu ni temba ntereke” karirimbwe n’umuririmvyi Nikiza David batazira Nikidav.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.