Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ralph Napierski yigize umukaridinale atariwe kugira aje mu matora ya (...)
Ralph Napierski yigize umukaridinale atariwe kugira aje mu matora ya Papa
mardi 5 Ntwarante 2013
Kuri uyu wa mbere igenekerzo rya 4 Ntwarante 2013 umutaliano yigize umupatiri aca
agerageza kwinjira aho aba cardinale bari bakoraniye mu nama idasanzwe mu gihe bariko barategura aho bazotorera umupapa mushasha imbere yuko bamwirukana muri Vatican.
Uwo mugabo yari yambaye ikanzu y’abapatiri yirabura ngufi,n’umutamana abapatiri
bagerekako hejuru y’ikanzu,ashirako n’inkofero isanzwe itamenyerewe,aca yifatisha
amasanamu ari kumwe n’abandi bacardinale batazi ko ububegito yashatse gukora.
Yararamukije ,araganira na bamwe bari baje muri izo nama zitegura aho bazotorera uwundi mupapa,imbere yuko afatwa n’abajejewe umutekano baba Suisse.
Uwo yafashwe,yatowe kw’izina rya Ralph Napierski k’umurongo wiwe akorerako ”blog”, aca avuga ko asanzwe ari umunywanyi w’isengero rya Orthodoxe y’abataliyano, iyo nayo ikaba itabaho ariko ikaba yitwa “Basilius” mu kiratini.
Imbere yuko uwo yigize umweranda ariwe Ralph afatwa, yari yabanje gutyoza abapatiri ba katolika ko bakoze ikosa mu kwimura abapatiri bagirijwe gufata abana bakiri bato ku nguvu, babavana mw’iparuwase imwe babajana mu yindi.
Kuri uwo murongo wiwe nyene akorerako “blog”, Ralph Napierski yaravuze ko yatanguje urutonde rwo muri catolika rwa “Corpus Dei” hamwe na Yoga yise “Yoga de Jesus”. Aranemeza kandi ko yitangurije uburyo butuma abantu bakoresha ingurukanabumenyi bakoresheje ivyiyumviro vyabo.
Mariella Bukuru
Messages
27 Myandagaro 2016, 15:48, par jonas
uwo bariko asuma urusaku kugira atyoze ekleziya ,noneho urunva mutama mweranda yaramugaragaje aramenyekana