Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ramatu yagiriza umugabo wiwe kuba atakirangura amabanga y’abubatse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ramatu yagiriza umugabo wiwe kuba atakirangura amabanga y’abubatse

Ramatu yagiriza umugabo wiwe kuba atakirangura amabanga y’abubatse

mercredi 15 Rusama 2013

Iyo abantu bubatse urwabo, mu bikorwa bategekanya kuzorangura, harimwo n’amabanga y’abubatse. Iyo rero hari uwudakora ico gikorwa, bivanye n’ubumuga canke n’ukutabishaka imyaka n’iyindi, umwe arashobora kwitura ubutungane nk’uko vyashitse i Abuja muri Nigeriya.

I Abuja, Abubakar Ramatu umupfasoni wa Abubakar Okpanachi yitwaye imbere y’ubutungane avuga ko umugabo wiwe atamurangurira amabanga y’abubatse, haciye igihe kitari gito.

Okpanachi na Ramatu bamaze imyaka itanu bubakanye, bakaba bafise umwana w’umwigeme w’imyaka itatu. Ku va bubakanye Ramatu yagiriza umugabo wiwe ko amaze imyaka itatu adasangira urukundo n’umugabo wiwe. Imbere y’abacamanza, yavuze atarya umunwa ko umugabo wiwe ashika aryama, akarindira ko hari ico yomubarira akabura.

Okpanachi kuri ivyo arerwa n’umutambukanyi wiwe ntiyabihakanye, ariko yisiguye avuga ko umugore wiwe haheze imyaka myinshi yitwara nabi mu bandi bagabo, akemeza ko kuva atanguye ku mwikeka muri izo ngeso yaciye ahitamwo kuza arigira hanze kurondera abandi bagore gurtyo bimutuma adasubira kwiyumvira umugore wiwe.

Uyo mugabo asaba ko hoba ibipimo ADN kugira barabe ko umwana wa mbere ari rwiwe kuko gushika n’ubu atavyemera ko bafitaniye umwana.

Ramatu avuga ko kuba umugabo wiwe amurya umutima mu kumubarira amajambo amukomeretsa, ndetse akaba yaramwanse kuko ataco amuvugisha baryamye ngo barangure amabanga mpuza bitsina, ko ubutungane bwobafasha kugira bahukane, umwe wese yimenye.

Muri urwo rubanza, hari hitavye n’ivyabona mu gihe umugabo yagiriza umugore wiwe ko yigeze kumufatira mu buriri ariko asambana n’uwundi mugabo, mu gihe ivyo vyose umugore abihakana.

Ubutungane buhejeje kwumviriza ivyabona, baciye bashira urubanza mu mwiherero, ingingo zizofatwa zikazomenyekana mu nyuma.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.