Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RCA: Barashaka Gufata Umurwa Mukuru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RCA: Barashaka Gufata Umurwa Mukuru

RCA: Barashaka Gufata Umurwa Mukuru

samedi 23 Ntwarante 2013

Abarwanya ubutegetsi mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika, baregeye umurwa mukuru Bangui ejo ku musi wa gatandatu.

Ivyo bivuga ko bihojeje akamo bari batewe n’umushikiranganji wa mbere, kabasaba kuja mu biganiro kugira ngo amaraso ntarinde guseseka.

Ibiro Reuters bijejwe gutangaza amakuru, vyaratangaje inkuru, bivuga ko yashikirijwe n’umukuru w’abarwanya ubutegetsi ivuga kw’abagwanyi biwe barashe indege ya Leta ya Kajugujugu ya gisirikare. Iyo nkuru yavuga kandi kw’abarwanya ubutegetsi bariko bagana ingoro ya perezida.

JPEG - 33.6 ko

Ejo ku musi wa gatandatu mu gitondo, mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika, umuvugizi wa Leta yavuze kw’umushikiranganji wa mbere, Nicolas Tiangaye, yariko asaba abarwanya ubutegetsi bo mu runani rwitwa Seleka, ngo bicare hamwe n’abategetsi bo muri Leta y’ubumwe, kugira ngo batore inyishu, iciye mu mahoro.

Yamara abarwanya ubutegetsi bo mu runani Seleka, bavuga kw’ikintu conyene bashaka kuganirako, ar’itanga imihoho rya perezida Bozize.

Umuvugizi w’urunani Seleka mu vyerekeye politike, Eric Massi, yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika ko perezida Bozize ategerezwa kuva mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika, kugira ngo amahoro aboneke.

Abantu bavyiboneye bavuga ko ku musi wa gatanu, amabarabara yo ku murwa mukuru, atarangwamwo n’inyoni, kuko abantu bose bari binyegeje mu mazu yabo canke bahunze, kuko abarwanya ubutegetsi bariko baregera umurwa mukuru.

Amashule hamwe n’amabanki vyugaye, hakiri kare.


Jean de Dieu Munyembabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.