Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RD Congo : Abantu 79 nibo bamaze kugandagurwa na ADF
RD Congo : Abantu 79 nibo bamaze kugandagurwa na ADF
dimanche 19 Gitugutu 2014
Abantu bagera kuri 22 bo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo nibo bagandaguwe n’abarwanyi bo mu gihugu c’Ubuganda.
Abo bishwe bakaba ahanini barwiriyemwo abana n’abagore. Abo banyagihugu bagandaguwe n’uwo murwi w’abo barwanyi bakaba bapfiriye ahitwa i Eringeti, isannzwe iri mu Buraruko bwa Kivu. Uwo murwi w’abo barwanyi bamuka mu gihugu c’Ubuganda basanzwe bari hagati y’urubibe ivyo bihugu bibiri bihana, bakaba bagisibije mu kwica bunyamaswa abanyagihugu binzirakarengane. Uyo murwi ukaba watanguye guhurumbanya ako karere kuva mu myaka y’1990. Ndetse abo barwanyi bakaba muri iyo myaka aribo bavugwa cane mu karere ivyo bihugu bhiherereyemwo. Abo bantu 22 bishwe bakaba bakurikiye abandi bashika 30 baheruka kugandagurwa na l’Alliance des forces démocratiques (ADF).
Abo bari muri l’Alliance des forces démocratiques (ADF) bakaba bagirizwa na MONUSCO (Mission de l’ONU au Congo ) ko mu ndwi zibiri gusa uwo murwi umaze kwica abantu bagera kuri 79.
Messages
20 Gitugutu 2014, 09:00
None nub birabandanya.
20 Gitugutu 2014, 12:54, par Shyaka Emmanuel
None MONUSCO Ataco Yokora Kugirango Irengere Abo Banyagihugu Bari Mukaga Imana Itabare Abana Bayo
20 Gitugutu 2014, 16:35, par MBIMBI
Basha ni hatari! Igihugu kitarimwo Petrole tumarana barorera!! Bavugisha umunwa!!
22 Gitugutu 2014, 10:25, par Isaac
Uyo mugab bash we ubaz kobikibndany kugr urungk intervention reka sha ab bnt Imana irakwiy kubakorerako! Je ndabz kuk congo na uganda bitohaguruk kugr bituz ako karwi?