Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RD Congo : Abarwanyi ba FDLR batanguye kwakwa ibirwanisho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RD Congo : Abarwanyi ba FDLR batanguye kwakwa ibirwanisho

RD Congo : Abarwanyi ba FDLR batanguye kwakwa ibirwanisho

vendredi 30 Nzero 2015

Ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ntakindi biriko vyandika atari igikorwa c’ukwaka ibirwanisho abarwanyi ba FDLR.

Muri ico gikorwa catangujwe na lieutenant-général Didier Etumba, umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare muri ico gihugu, hafi y’igisagara ca Beni ku birometero birenga 300 mu Buraruko bwa Goma muri Kivu ya Ruguru, abasirikare ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bariko baka ibirwanisho uwo muhari urwanya Reta y’Urwnda, kugira baje kwegeranirizwa hamwe mu makambi yabateguriwe.

Lieutenant-général Didier Etumba avuga ko haheze amezi atandatu baronse uruhusha rwo kwaka ibirwanisho abarwanyi bagera ku 1400 ba FDLR, ku nguvu, kuko abo barwanyi bigaragara ko banse kubitanga ku neza yabo. Ico gikorwa rero ca gisirikare co kubaka ibirwanisho, bivugwa ko hariko hakoreshwa inguvu nyinshi za gisirikare, igisoda ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, kikaba kiriko gifashwa n’abasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri ico gihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Turatabaje Imana Rugirabyose ngo itabare Congo nahubundi Genoside RPF yateguye igiye gukwira mukarere kosenzabandora.

  • Ubure gusaba Leta yanyu kutaguma kwemera FDLR kwinjira mugisoda n’igipolisi cy’uburundi hama ngo RPF!!!! erega FDLR ihonyabwoko ry’abatutsi bakoze mu Rwanda rizobakurikirana!!!! Kuba LETA ya CNDD FDD iriko yikorereza kubinjiza mu Burundi ni ingorane ikururira abarundi ejo hazaza!!!!! Mu cankuzo, Ruyigi, Rutana na Makamba turaziko mu gisoda nigipolisi caho Interahamwe ziriyo nibo usanga batwara. birazwi cane!!!!! Igihe bava kiriba ondes hinjijwe nizindi interahamwe nyinshi tutabizi. Mwitonde cane barundi!!!!

  • Barundi, ngo: Umugabo yakundanye n’impyisi bakajya bahekana bagiye isafari, umunsi umwe umuntu abaza nyamugabo niba impyisi bahekana itazamurya, undi amusubiza ko bikundanira nta kibazo, uwa kabiri nawe umubaza nk’uwa mbere, n’uwagatatu amubaza kwakundi, igisubizo cyabaye kimwe ngo: twe turikundanira, umugabo yaje kugira amakenga abaza ya mpyisi, ati: abantu bamaze kumbaza ari batatu niba utazandya; impyisi imusibiza iseka cyane,iti: Uzatinye ikivuzwe n’abantu barenze umwe, ngayo nguko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.